Zakariya
4 Wa mumarayika yariko avugana nanje aragaruka arankangura, nka kurya bakangura umuntu mw’itiro. 2 Nuko ambwira ati: «Ubona iki?»
Nanje nti: «Mbona ico baterekako amatara, cose gikozwe mu nzahabu+, hejuru yaco hakaba hari ibakure. Kiriko n’amatara indwi+, emwe indwi, kandi ayo matara ari hejuru yaco afise imiringoti indwi. 3 Iruhande yaco hari ibiti bibiri vy’imyelayo*+, kimwe iburyo bw’iyo bakure, ikindi ibubamfu.»
4 Maze mbaza uwo mumarayika yariko avugana nanje nti: «Ibi bisobanura iki ga mukama wanje?» 5 Uwo mumarayika yariko avugana nanje ambaza rero ati: «Ntuzi ico ivyo bisobanura?»
Nanje nti: «Oya, mukama wanje.»
6 Aca ambwira ati: «Yehova abwiye Zerubabeli ati: “‘Ntibizoba kubera inguvu za gisirikare canke kubera ububasha+, ahubwo bizoba kubera impwemu yanje+’, ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 7 Uri iki ga wa musozi munini? Imbere ya Zerubabeli+ uzoba ikiyaya*+. Azozana ibuye ryo hejuru rihereza*, hariko havuzwa impundu ngo: ‘Ewe kuntu ari ryiza! Ewe kuntu ari ryiza!’”»
8 Yehova yongera kumbwira ati: 9 «Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashinze umushinge w’iyi nzu+, kandi ni yo azoyisozera+. Muzomenya vy’ukuri yuko Yehova Nyeningabo ari we yabantumyeko. 10 Ni nde yagaye ibikorwa bitobito bikorwa mu misi y’intango*+? Bazonezerwa bongere babone inivo* mu kuboko kwa Zerubabeli. Ayo* indwi ni amaso ya Yehova anyuragira mw’isi yose+.»
11 Nca ndamubaza nti: «Birya biti vy’imyelayo bibiri biri iburyo n’ibubamfu bwa kirya baterekako amatara+, bisobanura iki?» 12 Nongera kumubaza nti: «Turya dushami* tubiri tw’ibiti vy’imyelayo tuvamwo amazi asa n’inzahabu aca muri irya miringoti ibiri y’inzahabu, twotwo dusobanura iki?»
13 Nuko ambaza ati: «Ntuzi ico ivyo bisobanura?»
Nishura nti: «Oya, mukama wanje.»
14 Avuga ati: «Turya ni bamwe babiri Imana yatoye*, bahagaze iruhande y’Umukama w’isi yose+.»