Ku mukuru w’abaririmvyi: iyi ndirimbo ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni zaburi.
67 Imana izotugirira ubuntu kandi izoduhezagira.
Izoturaba ryiza+, (Sela)
2 kugira ngo inzira zayo zimenyekane mw’isi yose+,
n’ubukiriro itanga bumenyekane mu mahanga yose+.
3 Ewe Mana, imigwi y’abantu nigushemeze!
Emwe, imigwi yose y’abantu nigushemeze!
4 Amahanga nanezerwe, avuze impundu+,
kuko uzocira imanza imigwi y’abantu mu bugororotsi+.
Uzoyobora amahanga yose yo kw’isi. (Sela)
5 Ewe Mana, imigwi y’abantu nigushemeze!
Emwe, imigwi yose y’abantu nigushemeze!
6 Isi izotanga umwimbu wayo+.
Imana, emwe Imana yacu izoduhezagira+.
7 Imana izoduhezagira,
kandi ababa kw’isi yose bazoyitinya+.