Guharura
36 Abakuru b’imiryango y’abakomoka kuri Gileyadi umuhungu wa Makiri+, Makiri umuhungu wa Manase wo mu miryango y’abahungu ba Yozefu, begera Musa n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli, 2 bababwira bati: «Yehova yategetse databuja kugaburira igihugu Abisirayeli akoresheje ubupfindo+ kugira kibe intoranwa yabo. Yehova kandi yategetse databuja guha intoranwa ya mwenewacu Zelofehadi abakobwa biwe+. 3 Nibarongorwa n’Abisirayeli bo mu yindi miryango, intoranwa y’abo bagore na yo nyene izoca iva mu muryango wa ba sokuru bacu ije mu miryango bagiyemwo. Izoba ikuwe ku ntoranwa yacu. 4 Yubile+ y’Abisirayeli niyagera, intoranwa y’abo bagore izoca yegukira burundu imiryango bazoba bagiyemwo. Intoranwa yabo rero izoba ikuwe ku ntoranwa y’umuryango wa ba sokuru bacu.»
5 Musa ategetswe na Yehova, aca abwira Abisirayeli ati: «Ivyo abakomoka kuri Yozefu bavuze ni vyo. 6 Ibi ni vyo Yehova ategetse ku bijanye n’abakobwa ba Zelofehadi: “Barashobora kurongorwa n’uwo ari we wese bashatse. Ariko bakwiye kurongorwa n’umuhungu akomoka mu muryango wa se wabo. 7 Itongo ry’intoranwa ntirikwiye kuva mu muryango umwe ngo rije mu wundi. Abisirayeli bakwiye kugumya intoranwa ya ba sekuruza babo. 8 Umukobwa wese afise intoranwa mu miryango y’Abisirayeli, akwiye kurongorwa n’umuhungu ava mu muryango wa se+, kugira Abisirayeli bagumye intoranwa ya ba sekuruza babo. 9 Nta tongo ry’intoranwa rikwiye kuva mu muryango umwe ngo rije mu wundi, kuko imiryango y’Abisirayeli ikwiye kugumya intoranwa yayo.”»
10 Abakobwa ba Zelofehadi baca bakora ivyo Yehova yari yategetse Musa+. 11 Nuko Mahila, Tiruza, Hogula, Milika na Nowa, abakobwa ba Zelofehadi+, barongorwa n’abahungu ba benewabo na se. 12 Barongorwa n’abagabo bakomoka mu miryango ya Manase umuhungu wa Yozefu, kugira intoranwa yabo igume mu muryango wa se wabo.
13 Ayo ni yo mabwirizwa n’ingingo Yehova yahaye Abisirayeli biciye kuri Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande y’uruzi Yorodani hafi y’i Yeriko+.