ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 36
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Guharura: ibirimwo

      • Ukurongorwa kw’abakobwa bafise intoranwa (1-13)

Guharura 36:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 26:29

Guharura 36:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 26:55; 33:54
  • +Gh 27:1-7

Guharura 36:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 25:10

Guharura 36:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 23:22

Guharura 36:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 36:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2008, rup. 4-5

Guharura 36:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 27:1

Guharura 36:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 26:3; 33:50; 35:1

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Guh. 36:1Gh 26:29
Guh. 36:2Gh 26:55; 33:54
Guh. 36:2Gh 27:1-7
Guh. 36:4Lw 25:10
Guh. 36:81Ng 23:22
Guh. 36:10Gh 36:6
Guh. 36:11Gh 27:1
Guh. 36:13Gh 26:3; 33:50; 35:1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Guharura 36:1-13

Guharura

36 Abakuru b’imiryango y’abakomoka kuri Gileyadi umuhungu wa Makiri+, Makiri umuhungu wa Manase wo mu miryango y’abahungu ba Yozefu, begera Musa n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli, 2 bababwira bati: «Yehova yategetse databuja kugaburira igihugu Abisirayeli akoresheje ubupfindo+ kugira kibe intoranwa yabo. Yehova kandi yategetse databuja guha intoranwa ya mwenewacu Zelofehadi abakobwa biwe+. 3 Nibarongorwa n’Abisirayeli bo mu yindi miryango, intoranwa y’abo bagore na yo nyene izoca iva mu muryango wa ba sokuru bacu ije mu miryango bagiyemwo. Izoba ikuwe ku ntoranwa yacu. 4 Yubile+ y’Abisirayeli niyagera, intoranwa y’abo bagore izoca yegukira burundu imiryango bazoba bagiyemwo. Intoranwa yabo rero izoba ikuwe ku ntoranwa y’umuryango wa ba sokuru bacu.»

5 Musa ategetswe na Yehova, aca abwira Abisirayeli ati: «Ivyo abakomoka kuri Yozefu bavuze ni vyo. 6 Ibi ni vyo Yehova ategetse ku bijanye n’abakobwa ba Zelofehadi: “Barashobora kurongorwa n’uwo ari we wese bashatse. Ariko bakwiye kurongorwa n’umuhungu akomoka mu muryango wa se wabo. 7 Itongo ry’intoranwa ntirikwiye kuva mu muryango umwe ngo rije mu wundi. Abisirayeli bakwiye kugumya intoranwa ya ba sekuruza babo. 8 Umukobwa wese afise intoranwa mu miryango y’Abisirayeli, akwiye kurongorwa n’umuhungu ava mu muryango wa se+, kugira Abisirayeli bagumye intoranwa ya ba sekuruza babo. 9 Nta tongo ry’intoranwa rikwiye kuva mu muryango umwe ngo rije mu wundi, kuko imiryango y’Abisirayeli ikwiye kugumya intoranwa yayo.”»

10 Abakobwa ba Zelofehadi baca bakora ivyo Yehova yari yategetse Musa+. 11 Nuko Mahila, Tiruza, Hogula, Milika na Nowa, abakobwa ba Zelofehadi+, barongorwa n’abahungu ba benewabo na se. 12 Barongorwa n’abagabo bakomoka mu miryango ya Manase umuhungu wa Yozefu, kugira intoranwa yabo igume mu muryango wa se wabo.

13 Ayo ni yo mabwirizwa n’ingingo Yehova yahaye Abisirayeli biciye kuri Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande y’uruzi Yorodani hafi y’i Yeriko+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika