Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kuri Gititi*. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+.
Umutima wanje n’umubiri wanje birashemeza Imana nzima.
3 Mbere n’inyoni iraronka aho yibera mu nzu yawe,
n’intamba ikaronka aho yubaka icari cayo,
aho yitwararikira utwana twayo,
iruhande y’igicaniro cawe gihambaye, ewe Yehova Nyeningabo,
Mwami wanje ukaba n’Imana yanje!
4 Hahiriwe abantu bibera mu nzu yawe+!
Baguma bagushemeza ubudahengeshanya+. (Sela*)
6 Iyo baciye mu mubande w’ibisaka* vy’imibaka,
bahahindura ahantu h’imbizi,
maze imvura ya kare ikahasuka imihezagiro*.
8 Ewe Yehova Mana Nyeningabo, niwumve isengesho ryanje.
Ewe Mana ya Yakobo, nuntege ugutwi! (Sela)
10 Nkako, kumara umusi umwe mu bigo vyawe biruta kumara imisi igihumbi ahandi+.
Nopfuma mpagarara ku bwinjiriro bw’inzu y’Imana yanje
hako mba mu mahema y’ababisha.
Yehova nta ciza na kimwe azokwima
abaguma ari intungane+.