Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
64 Ewe Mana, nunyumve iyo ngutakambiye+,
unkingire ibitero biteye ubwoba vy’umwansi wanje.
2 Nunkize imigambi yihishije y’ababisha+,
unkize isinzi ry’abantu b’inkozi z’ikibi.
3 Bakarisha ururimi rwabo nk’inkota,
bagatumbereza amajambo yabo mabi nk’imyampi,
4 kugira barase umuntu w’intungane bari aho binyegeje,
bakamurasa giturumbuka ata n’ubwoba.
5 Bumira ku migambi yabo mibi,
bakumvikana ingene banyegeza imitego yabo,
bakavuga ngo: «Ni nde azoyibona+?»
6 Baguma biyumvira uburyo bushasha bwo gukora ikibi,
bagapanga mu mpisho imigambi yabo y’urwenge+.
Biragoye kumenya ivyiyumviro biri mu mitima yabo.
7 Ariko Imana izobarasa+.
Umwampi uzobakomeretsa bukwi na bukwi.
8 Ururimi rwabo ni rwo ruzotuma batemba+,
kandi ababibonye bose bazozunza umutwe.
9 Maze abantu bose bazotinya,
batangaze ivyo Imana yakoze,
kandi bazotahura ibikorwa vyayo+.
10 Abagororotsi bazonezerwa kubera Yehova kandi bazohungira kuri we+.
Abafise umutima ugororotse bose bazohimbarwa.