Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Amalisi.» Ni zaburi ya Asafu+ igenewe kwibutsa.
4 Ewe Yehova Mana Nyeningabo, uzogeza ryari kuterekwa* isengesho ry’abantu bawe+?
5 Ubagaburira amosozi mu kibanza c’ibifungurwa,
ukabanywesha amosozi atagira uko angana.
8 Wakuye umuzabibu+ mu Misiri,
uraheza wirukana amahanga kugira uwutere mu gihugu cayo+.
10 Igitutu cawo carapfutse imisozi,
amashami yawo na yo apfuka amasederi y’Imana.
12 Kubera iki wasenyuye uruhome rw’amabuye ruwuzitiye+,
ku buryo abahita bose biyamurira inzabibu zawo+?
14 Ewe Mana Nyeningabo, turakwinginze ugaruke.
Niwitegereze hasi uri mw’ijuru, urabe ibiriko biraba.
16 Uwo muzabibu wariciwe, uraturirwa+.
Abantu barayogeye kubera ugukankama kwawe*.
17 Ese ukuboko kwawe kwoshigikira umuntu ari iburyo bwawe,
umwana wakomeje ku bw’ubuninahazwa bwawe+.
18 Natwe rero ntituzosubira inyuma ngo tuguhebe.
Nutuzigamire ubuzima kugira twambaze izina ryawe.