Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
140 Ewe Yehova, nunkize abantu b’ababisha.
Nunkingire abantu b’inkozi z’ikibi+,
2 barya bategura ikibi mu mitima yabo+
kandi bakirirwa baratera amatati.
4 Ewe Yehova, nunkingire amaboko y’ababisha+.
Nundinde abantu b’inkozi z’ikibi,
bafise umugambi wo kuntembagaza.
5 Abishira hejuru baranyegeza umutego wo kumfata,
bagasanza urusenga iruhande y’inzira+ bakoresheje imigozi.
Barantega imitego+. (Sela)
6 Nabwiye Yehova nti: «Uri Imana yanje.
Ewe Yehova, niwumvirize ugutabaza kwanje+.»
7 Ewe Yehova Mukama Segaba, Mukiza wanje akomeye,
ni wewe ukingira umutwe wanje mu gihe c’intambara+.
8 Ewe Yehova, ntuhe ababisha ivyo bipfuza.
Ntureke ngo imigambi yabo mibi iroranirwe, kugira ntibishire hejuru+. (Sela)
10 Amakara yaka nabagweko nk’imvura+!
11 Ese abambika ibara abandi batoronka ikibanza kw’isi*+!
Ese ikibi cokurikirana inkozi z’ikibi kikazirandura!