Abami ba mbere
9 Salomo akirangiza kwubaka inzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+ no kwubaka ikintu cose yipfuza+, 2 Yehova yongera kubonekera Salomo nk’uko yari yaramubonekeye i Gibeyoni+. 3 Maze Yehova amubwira ati: «Numvise isengesho ryawe n’ivyo wansavye utakamba. Iyi nzu wubatse nayejeje kugira ngo izokwame yitirirwa izina ryanje+. Nzoyamizako ijisho n’umutima+. 4 Nawe niwigenza neza nka so Dawidi+, ukabigira n’umutima wawe wose+ kandi mu buryo bugororotse+, ugakora ivyo nagutegetse vyose+ kandi ukagamburuka amabwirizwa yanje n’ingingo nashinze+, 5 nanje rero nzokomeza ubwami bwawe muri Isirayeli ibihe vyose nk’uko nabisezeraniye so Dawidi, nti: “Mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.” 6 Mugabo mwebwe n’abahungu banyu nimwantera akagere ntimukurikize amabwirizwa n’amategeko nabahaye, mugatangura gusenga* izindi mana no kuzunamira+, 7 nzorandura rero Abisirayeli mu gihugu nabahaye+, n’inzu nejeje ngo yitirirwe izina ryanje ndayihebe, imve mu maso+. Abisirayeli bazosigara bagayitse*, babe n’akamenyo imbere y’amahanga yose+. 8 Iyi nzu wubatse izosigara ari ibihomvagurike+. Uwuzoyica iruhande wese azoyiraba yumirwe, avuze agahwa, abaze ati: “Mbe basha iki gihugu n’iyi nzu Yehova yabihoye iki+?” 9 Bazomwishura bati: “Abantu bahaba barahevye Yehova Imana yabo yakuye ba sekuruza babo mu gihugu ca Misiri, baja ku zindi mana, barazunamira barazisenga*. Ni co catumye Yehova abateza ibi vyago vyose+.”»
10 Salomo yamaze imyaka 20 yubaka za nzu zibiri, ni ukuvuga ya nzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+. 11 Muri ico kiringo, Hiramu+ umwami w’i Tiro yarahaye Salomo ibiti vy’amasederi n’ivy’imiberoshi be n’inzahabu zose yipfuza+. Umwami Salomo na we araheza aha Hiramu ibisagara 20 mu karere ka Galilaya. 12 Nuko Hiramu ava i Tiro aja kuraba ivyo bisagara Salomo yamuhaye, ariko ntiyabishima*. 13 Abwira Salomo ati: «Ibi bisagara wampaye ni bwoko ki ga mwenewacu?» Baraheza bavyita akarere ka Kabuli* gushika n’uyu musi. 14 Hiramu yarungikiye umwami italanto* z’inzahabu+ 120.
15 Ng’aya amakuru ajanye n’abo umwami Salomo yahamagaye ngo bakore ibikorwa+ vyo kwubaka inzu ya Yehova+, ikirimba* ciwe, agasozi Milo*+, uruzitiro rwa Yeruzalemu, igisagara ca Hazori+, ica Megido+ n’ica Gezeri+. 16 (Farawo umwami wa Misiri yari yarateye igisagara ca Gezeri aragifata, maze agituriza umuriro, yica n’Abanyakanani+ bakibamwo. Yahavuye agiha umukobwa wiwe+ nk’ingabire* igihe yaja kwubakana na Salomo.) 17 Salomo asubira kwubaka* igisagara ca Gezeri, ica Beti-Horoni y’Epfo+, 18 ica Bayalati+, ica Tamari kiri mu bugaragwa muri ico gihugu, 19 ibisagara vyiwe vyose vyo kubikamwo ibintu, ibisagara vyo kubikamwo imikogote+ n’ibisagara vy’abagendera ku mafarasi. Yubaka n’ivyo yipfuza kwubaka vyose i Yeruzalemu, i Libani n’ahandi hose mu gihugu yaganza. 20 Hari abantu batari abo mu Bisirayeli bari basigaye mu gihugu. Bari Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. 21 Abakomotse kuri abo bantu bari basigaye mu gihugu, Abisirayeli ntibari barashoboye kubatikiza. Abo ni bo Salomo yakoresheje ibikorwa vy’agahato, abagira abashumba gushika n’uyu musi+. 22 Ariko mu Bisirayeli nta n’umwe Salomo yagize umushumba+. Bobo yabagize abarwanyi, abasuku, abatware, ibisongerezi, abakuru b’abatwara imikogote n’abakuru b’abagendera ku mafarasi. 23 Salomo yari afise abakuru 550 bajejwe abahagarikira ibikorwa. Ni bo batwara abakozi+.
24 Maze umukobwa wa Farawo+ ava mu gisagara ca Dawidi+, yimukira mu nzu yiwe Salomo yamwubakiye. Salomo araheza yubaka ka gasozi Milo*+.
25 Gatatu mu mwaka+, Salomo yarashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vyo gusangira ku gicaniro yari yarubakiye Yehova+. Yashikana ivyo bimazi kuri ico gicaniro cari imbere ya Yehova, bigafumba umwotsi. Salomo yari yarangije kwubaka inzu y’Imana+.
26 Umwami Salomo akora n’amato* i Eziyoni-Geberi+ hafi y’i Eloti, ku nkengera y’ikiyaga Gitukura, mu gihugu ca Edomu+. 27 Hiramu yararungika abasuku biwe bamenyereye cane ikiyaga, bakaja gukorana n’abasuku ba Salomo kuri ayo mato+. 28 Baraja i Ofiri+, bakagaruka bazaniye umwami Salomo italanto 420 z’inzahabu.