25 Biludadi+ w’i Shuhi yishura ati:
2 «Ubutware n’inguvu ziteye ubwoba ni ivyayo.
Isasagaza amahoro mw’ijuru hose.
3 Mbega hari uwoharura ingabo zayo?
Hari n’umwe adashikirwa n’umuco wayo?
4 None umuntu buntu yoba umugororotsi gute imbere y’Imana+?
Uwavyawe n’umugore yoba intungane gute mu maso yayo+?
5 Mbere n’ukwezi ntikwakaka imbere yayo!
Eka n’inyenyeri ntizisayangana mu maso yayo!
6 Nkanswe rero umuntu buntu ari urunyo,
n’umwana w’umuntu ari umusiba!»