Twisunze Bibiliya
Ni nde ashobora guhindura isi yacu?
“Abanyagihugu bahanze amaso indongozi zabo. Bakeneye inyishu, ntibakeneye ingingo zidafashe canke ibintu vyo kwikurayo.”—BAN KI-MOON, UMUNYAMABANGA MUKURU W’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU (ONU).
TUBAYEHO mu kiringo Bibiliya yita “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Amakuru yuzuyemwo inkuru z’agacavutu zerekeye intambara, iterabwoba, indyane zifatiye ku vy’ubutunzi be n’imburi z’uko ibidukikije bigeramiwe.
Twoba twokwizigira ko ibintu bizohinduka bikamera neza? Intwaro z’abantu zoba zishobora gutorera umuti ingorane zihanze isi, canke twowuronderera ahandi?
Ivyo ibihugu vyinshi bivuga
Ibihugu vyinshi bivuga ko bishigikiwe n’Imana. Nk’akarorero, amajambo Abanyamerika bavuga bemeza ko batazohemukira igihugu arerekana ko ari “ihanga rimwe riyobowe n’Imana,” kandi ibiceri n’inoti bakoresha vyanditseko ngo “Imana ni yo twizigiye.”
Ariko ntiwumve, abantu benshi baba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntibemera n’uko Imana ibaho, kandi ni ko bimeze no mu bindi bihugu bivuga ko bishigikiwe n’Imana. N’abitwa ngo baremera Imana, usanga badahuza ku bijanye n’urugero ishikanako mu kwitwararika ibiba mu buzima bw’abantu.
● Bamwe bavuga ko Imana itatunezwe na gato be n’uko yaretse umuntu ngo yitegeke.
● Abandi na bo bavuga ko Imana ikora ibicishije ku ntwaro z’abantu be n’uko ishobora guhezagira utwigoro zigira ngo zihindure iyi si yacu.
Hoba hari ico ushigikiye muri ivyo vyiyumviro bibiri?
Zirikana gatoyi: Hamwe iciyumviro ca mbere coba ari ic’ukuri, twoba twigorewe. Hamwe na ho ica kabiri coba ari ic’ukuri, twoca twibaza duti: ‘Imana yoba itonesha igihugu kimwe kuruta ikindi? Iyo ibihugu bibiri bitanye mu mitwe maze vyose bigasenga bikobeje ngo bitahukane intsinzi, ni ikihe Imana ishigikira?’ Vyoba bishoboka ko ata na kimwe ishigikira?
Ico Bibiliya yigisha
1. Umuntu ntiyaremwe ngo yitegeke. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Kahise karerekana ko ivyo ari ukuri. Intwaro z’abantu zarananiwe guhindura isi ngo ibe nziza, mbere n’igihe abategetsi baba bafise ivyiyumviro bitomoye n’imigambi myiza cane. Ahubwo riho, “umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”—Umusiguzi 8:9.
2. Imana irabona ayo tugowe. Ntiyobewe ibiriko biradushikira, kandi ntibibuze kuyiraza ishinga. Vyongeye, izohaseruka idutabare. Uti gute? Biciye ku Bwami bwayo “butazokwigera busenyurwa.”—Daniyeli 2:44.
3. Ubwami bw’Imana si umugani. Ubwo Bwami ni bwo nyene abantu amamiliyoni b’inziraburyarya bama basaba muri rya sengesho rya Dawe wa twese. Muri iryo sengesho, abantu batakambira Imana bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Urabona ko Ubwami bw’Imana buterekeye ijuru ryonyene; ni bwo kandi buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi.
4. Imana irashoboye guhindura iyi si biciye ku Bwami bwayo kandi izobikora. Ukaba ufise amakenga kuri ivyo, raba ivyo Bibiliya yigisha.
● Imana yarahaye abantu intango nziza cane mu mahoro ntangere.—Itanguriro 1:27-31.
● Naho turi mu ngorane nyinshi, Imana ntiyahevye umugambi ifitiye isi.—Zaburi 37:11, 29.
● Imana iramaze gutera intambwe kugira irangure umugambi yari ifitiye iyi si hamwe n’abantu.—Yohani 3:16.
Woba ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana be n’ingene buzohindura iyi si? Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, bohimbarwa no kubigufashamwo. Nibasubira kukugendera, ubona gute muyaze ku bibazo bikurikira:
● Ubwami bw’Imana ni iki?
● Ni amahinduka ayahe buzozana?
● Ubwami bw’Imana buzozana ayo mahinduka ryari kandi gute?
WOBA UMAZE KUVYIBAZA?
● Ni kubera iki intwaro z’abantu hari ivyo zidashobora?—Yeremiya 10:23.
● Imana yerekanye gute ko itubabaye?—Yohani 3:16.
● Ni ibiki Ubwami bw’Imana buzokorera iyi si n’abayibako?—Zaburi 37:11, 29.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 31]
Intwaro z’abantu zoba zishobora gutorera umuti ingorane zihanze isi, canke twowuronderera ahandi?