ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g18 no. 3 rup. 14-15
  • Imfashanyo nziza kuruta

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imfashanyo nziza kuruta
  • Be maso!—2018
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NUMENYE N’IBINDI KU BIJANYE N’ICIZIGIRO C’IZUKA
  • Ibirimwo
    Be maso!—2018
  • Muri iyi nomero: Ivyofasha abatuntuye
    Be maso!—2018
  • Icofasha abatuntujwe n’ukubura
    Be maso!—2011
  • Abawe bapfuye bazosubira kuba bazima
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Be maso!—2018
g18 no. 3 rup. 14-15
Abantu bari mw’Iparadizo bagira bakire ababo bazutse

IVYOFASHA ABATUNTUYE

Imfashanyo nziza kuruta

MU MYAKA YA VUBA, HARAGIZWE UBUSHAKASHATSI BWINSHI KU BIJANYE N’UMUBABARO UMUNTU AGIRA IYO ABUZE UWIWE. Naho biri ukwo, nk’uko twabibonye mu biganiro vy’imbere y’iki, impanuro nziza kuruta izindi abahinga batanga usanga zihuye n’impanuro za kera ziranga ubukerebutsi dusanga muri Bibiliya. Ivyo birerekana ko impanuro Bibiliya itanga zitigera zita igihe. Ariko rero, Bibiliya irimwo n’ibindi uretse gusa impanuro zo kwizigirwa. Irimwo amakuru ashobora guhumuriza cane abatuntuye kandi nta handi twoyasanga.

  • Turahumurizwa no kumenya ko abacu bapfuye batariko barababazwa

    Mu Musiguzi 9:5, Bibiliya ivuga ko ‘abapfuye ata co bazi namba.’ Ivuga kandi ko ‘ivyiyumviro vyabo bica bihera.’ (Zaburi 146:4) Ni co gituma Bibiliya isanisha urupfu n’itiro ry’umukondorazosi.​—Yohani 11:11.

  • Turahozwa biciye ku kwizera Imana y’urukundo

    Muri Zaburi 34:15, Bibiliya ivuga iti: “Amaso ya Yehovaa ari ku bagororotsi, kandi amatwi yiwe ari ku gutabaza kwabo.” Igituma twitura Imana mw’isengesho tuyibwira uko tumerewe, si ukugira gusa twumve ko turuhuriwe. Isengesho riradufasha gukomeza ubucuti dufitaniye n’Umuremyi wacu, uwuduhoza biciye ku bubasha bwiwe.

  • Turahanga amaso kazoza keza

    Niwihe ishusho igihe abari mu mva bose bazosubira kuba bazima. Bibiliya iravuga ibijanye n’ico gihe akatari gake. Mu kudondagura ingene ibintu bizoba bimeze kw’isi ico gihe, ivuga ko Imana “izohanagura amosozi yose ku maso [yacu], kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Abizigira Yehova bararonka inguvu zo kwihanganira intuntu kuko bizigira ko bazosubira kubona ababo bapfuye. Nk’akarorero, Ann uwabuze umugabo bari bamaranye imyaka 65, agira ati: “Bibiliya irankura amazinda ko abacu bapfuye batariko barababazwa kandi ko Imana izobazura. Nama ndavyiyumvira igihe cose nibutse umugabo wanje, kandi mvugishije ukuri biramfasha kwihanganira ico cago gisumba ibindi vyanshikiye mu buzima.”

Umwe Tina twavuga mu ntango z’ibi biganiro, avuga ati: “Kuva umusi Timo apfa, nagumye mbona ko Yehova anshingikiye. Nariboneye ukuboko kwiwe muri iyo misi y’amarushwa. Kandi sinkekeranya ko icizigiro c’izuka kivugwa muri Bibiliya kizoranguka. Kiramfasha kuguma nihanganye gushika umusi nzosubira kumubona.”

N’abandi bantu amamiliyoni ni ko biyumva kuko bajijutse ko Bibiliya ari iyo kwizigirwa. Nimba ukekeranya ku vyo Bibiliya ivuga canke ukabona ko ari indoto, gerageza urondere ibimenyamenya vyerekana ko impanuro be n’imihango itanga ari ivyo kwizigirwa. Hari aho wosanga Bibiliya ari yo mfashanyo nziza kuruta ku batuntuye.

NUMENYE N’IBINDI KU BIJANYE N’ICIZIGIRO C’IZUKA

Raba amavidewo bijanye ku rubuga jw.org

Abantu bari mw’Iparadizo bagira bakire ababo bazutse

Bibiliya idusezeranira ko tuzosubira kubonana n’abacu bapfuye

ABAPFUYE BAMEREWE GUTE?

Abapfuye bamerewe gute?

Bigenda gute iyo umuntu apfuye? Bibiliya iratanga inyishu itomoye kandi ihumuriza

Ja ahavuga ngo IVYASOHOWE >AMAVIDEWO (Ja mu mavidewo: Bibiliya)

WOSHIMA KUMENYA INKURU NZIZA?

Woshima kumenya inkuru nziza?

Ko hagwiriye amakuru mabi, ni hehe wokura inkuru nziza? Aka kavidewo gacira inzira agatabu Inkuru nziza iva ku Mana

Ja ahavuga ngo IVYASOHOWE >AMAVIDEWO (Ja mu mavidewo: Amakoraniro yacu n’igikorwa cacu)

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana, nk’uko riboneka muri Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika