ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 64
  • Salomo Yubaka Urusengero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Salomo Yubaka Urusengero
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Urusengero rwa Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Salomo umwami w’inkerebutsi
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Yoba akubera akarorero keza canke akubera imburi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Salomo Umwami Akerebutse
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 64

INKURU YA 64

Salomo Yubaka Urusengero

DAWIDI atarapfa yahaye Salomo ikigereranyo kiva ku Mana, cerekana uko urusengero ruzokwubakwa. Salomo amaze imyaka ine atwara, atangura kurwubaka, aruheza haheze imyaka indwi n’igice. Rwubatswe n’abantu ibihumbi n’ibihumbi, kandi rutwara amahera menshi cane, kubera ko ifeza n’inzahabu nyinshi vyakoreshejwe mu kurwubaka.

Rwari rufise ivyumba bikuru bibiri nk’uko ihema yari imeze, ariko ivyo vyo vyaruta ivy’ihema kabiri. Salomo atumako isandugu y’isezerano, ayinjiza mu cumba c’imbere muri rwo, ibindi bintu vyari mw ihema na vyo abishira mu kindi cumba.

Rumaze kwuzura haba ibirori bihambaye. Salomo arapfukama imbere yarwo arasenga, nk’uko ubibona aha ku gishushanyo. Abwira Yehova ati: ‘N’ijuru ryose ntirigukwira, uru rusengero ruto rwo bite. Ariko Mana yanje, ndagusavye ngo uze wumvirize abantu bawe, igihe bakwambaza berekeye aha hantu.’

Ahejeje gusenga, umuriro uva mw ijuru uturira ibitungwa vyari vyatanzweko inkuka. Umuco uva kwa Yehova wuzura urusengero. Ivyo vyerekana ko Yehova yumvirije, kandi ashima urusengero n’ugusenga kwa Salomo. Ruca ruba ahantu ho gusengera mu gishingo c’ihema.

Salomo amara igihe kirekire atwaza ubwenge, abantu baranezerwa. Ariko arongora abagore benshi b’akavantara badasenga Yehova. Umwe nguyo ariko arasenga imbere y’ico gishusho. Abagore biwe barateba batuma na we asenga izindi mana. Urazi ivyabaye igihe yazisenga? Yaciye akara, abantu barababara.

Yehova aramushavurira, ati ‘nzokwaka ubwami ndabuhe uwundi. Sinzobigira ukiriho, nzobigira ku ngoma y’umuhungu wawe, kandi sinzomwaka abantu bose.’ Turabe uko vyagenze.

1 Ngoma 28:9-21; 29:1-9; 1 Abami 5:1-18; 2 Ngoma 6:12-42; 7:1-5; 1 Abami 11:9-13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika