ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 63
  • Salomo Umwami Akerebutse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Salomo Umwami Akerebutse
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Salomo umwami w’inkerebutsi
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Yoba akubera akarorero keza canke akubera imburi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Urusengero rwa Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Salomo Yubaka Urusengero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 63

INKURU YA 63

Salomo Umwami Akerebutse

SALOMO yabaye umwami akiri muto cane. Yarakunda Yehova, kandi yakurikiza impanuro yahawe na se Dawidi. Yehova yaramukunda cane. Umusi umwe Yehova amubariza mu ndoto ati: ‘Ushaka ko ndaguha iki?’

Salomo ati: ‘Mana yanje Yehova, jewe ndacari muto cane sindamenya gutwara. Mpa rero ubwenge bwo gutwara abantu bawe neza.’

Yehova arabishima, aca avuga ati: ‘Ko usavye ubwenge ntusabe kuramba n’itunga, nzoguha uburuta ubw’abandi bose, ndakugerekereko n’ivyo utansavye: itunga no kurangwa.’

Hashize akanya, haza abagore babiri bari n’urubanza rugoye. Umwe muri bo ati: ‘Uyu mugore turabana. Jewe navyaye umwana, hashize imisi ibiri na we avyara uwundi. Umusi umwe umwana wiwe arapfa. Ahengereye nsinziriye, araza aryamika hambavu yanje uwiwe yapfuye aca atwara uwanje. Nikanguye, ndarāba uyo yapfuye mbona si uwanje.’

Uwundi na we ati: ‘Namba! Uwubona ni we w’iwanje, uwapfuye ni uwiwe!’ Wa mugore wa mbere ati: ‘Oya! Uwapfuye ni uwawe, uwubona ni uwanje!’ Uko ni ko bāhārīra. Salomo aza kubigira ate none?

Atumako inkota. Bayizanye, ati ‘uyu mwana abona tumucemwo kubiri, umwe umwe atware igice.’

Nyina wiwe ararira, ati ‘mureke ntumwice mumuhe!’ Uwundi mugore na we ati: ‘Ntumuhe n’umwe muri twebwe mucemwo kubiri.’

Salomo ati: ‘Ntumwice, muhe uyu mugore wa mbere ni we nyina wiwe.’ Salomo yabimenyeshejwe n’uko nyina w’uyo mwana yamukunda cane atashaka ko yicwa, ariko apfume ahabwa uwundi mugore. Abantu bumvise uko Salomo yaciye urwo rubanza, baranezerwa kuko bafise umwami aciye ubwenge gutyo.

Igihe Salomo yatwara, Imana yarahezagiye abantu bimbura ubuheke bwinshi, ivyamwa n’ibindi bifungurwa. Abantu barambara neza kandi bubaka amazu meza. Umuntu wese yari mu gahimbo.

1 Abami 3:3-28; 4:29-34.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika