ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 94
  • Ugusenga n’Ukwicisha Bugufi Birakenewe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ugusenga n’Ukwicisha Bugufi Birakenewe
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Ugusenga n’ukwicisha bugufi ni ntahara
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yehova ‘azotuma ubutungane bushitswa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Hoba hari ikintu na kimwe gikwiye gutuma twiyemera?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 94

Ikigabane ca 94

Ugusenga n’Ukwicisha Bugufi Birakenewe

IMBERE y’aha, igihe Yezu yari i Yudaya, yaratanze ikigereranirizo ku vyerekeye akamaro k’ugushishikara gusenga. Ubu naho ku rugendo rwiwe rwa nyuma agiyeko i Yeruzalemu, arongera gushimika ku kuntu bikenewe kutarambirwa gusenga. Yezu kumbure yari akiri i Samariya canke i Galilaya igihe yabwira abigishwa biwe iki kigereranirizo kindi ati:

“Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu. Mur’ico gisagara hār’umupfakazi, aza kuri we kenshi, aramubarira, ati Ncira urubanza runkiza umwansi wanje. Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu, ariko kuk’uwo mupfakazi angoye, ndamucira urubanza rumukiza, ngo ntiyame aza imisi yose, akanzigiriza.”

Maze Yezu yerekana ico iyo nkuru yerekezako ati: “Ni mwumve ivyo uyo mucamanza agabitanya yavuze. None mbeg’Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ibatevya?”

Yezu ntashaka namba kuvuga yuko Yehova Imana yoba ameze nk’uwo mucamanza w’umugabitanyi. Ahubwo, nimba n’umucamanza w’umugabitanyi yokwumvira umuntu aguma amwinginga, nta wokeka rero yuko Imana, iyigize kuba iyigororotse n’inyabuntu, izokwishura abantu bayo nibatarambirwa mu gusenga. Nuko Yezu arabandanya ati: “Ndababgira yuk[o Imana] izorubacira vuba.”

Ubutungane kenshi ntibwubahirizwa ku bantu batobato n’abakene, ariko ugasanga abanyabubasha n’abatunzi kenshi bagirirwa ubutoni. Ariko rero ico Imana izokora ntikizoba gusa uguhana abanyakibi nk’uko bitegerezwa, ahubwo kandi izoraba neza yuko abasavyi bayo bagiriwe ubutungane mu kubaha ubuzima budahera. Ariko ni bangahe bemera bashikamye yuko Imana izoshitsa ubutungane ningoga?

Mu kwerekeza canecane ku kwizera kujanye n’ububasha bw’isengesho, Yezu abaza ati: “Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’azosanga ukwizera mw isi?” Naho ico kibazo casizwe kitishuwe, gishobora kuba gishaka kuvuga yuko ukwizera mwene ukwo kutobaye gufiswe na benshi igihe Kirisitu yoje mu bubasha bw’Ubwami.

Mu bariko bumviriza Yezu harimwo abibwira ko ukwizera kwabo gukomeye. Bariyizigira ko ari abagororotsi, kandi bagakengera abandi. Bamwebamwe mu bigishwa ba Yezu bashobora kuba mbere barimwo muri uwo mugwi. Nuko rero mwene abo abaha iki kigereranirizo gikurikira:

“Abantu babiri bādūze baja mu rusengero gusenga, umwe yar’Umufarisayo, uwundi yar’umutozakori. Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe, ati Mana, ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’abagabitanya, cank’abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori. Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.”

Abafarizayo barazwi ko biyerekana imbere y’abantu ko ari abagororotsi kugira ngo batangaze abandi bantu. Imisi isanzwe bagirirako ukwisonzesha kwabo bihambirirako ni ku wa Mbere no ku wa Kane, bakubahiriza neza ukuriha ikigiracumi naho coba ic’ibiterwa bitobito vyo mu murima. Ubu haciye amezi makeyi akagaye bafitiye banyarucari kigaragaje kuri ya Misi Mikuru y’Amahema, igihe bavuga bati: “Abo bantu batazi ivyagezwe [ni ukuvuga, batazi insiguro Abafarizayo babiha] n’ibivume.”

Mu kubandanya ikigereranirizo ciwe, ku vyerekeye umuntu mwene uwo yitwa ngo ni ‘ikivume’ avuga ati: “Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’umunyavyaha.” Kubera ko uwo mutozakori yicishije bugufi akemera icese amakosa yiwe, Yezu avuga ati: “Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”

Gutyo rero Yezu yarongeye gushimika ku vy’uko kwicisha bugufi bikenewe. Kubera ko abo bigishwa ba Yezu bakuriye mu kibano aho Abafarizayo bene kwibona ubugororotsi bari abantu bakomakomeye, kandi ibibanza vy’icubahiro bikaba vyarashimikwako cane, ntibitangaje kubona vyaragize ico bikora no ku bigishwa ba Yezu. Yamara, ese ivyigwa vyiza Yezu yigisha mu vyerekeye ukwicisha bugufi! Luka 18:1-14; Yohana 7:49.

▪ Ni kubera iki wa mucamanza w’umugabitanyi aha umupfakazi ivyo asaba, kandi ni icigwa ikihe dukura mu kigereranirizo Yezu atanga?

▪ Ni ukwizera kumeze gute Yezu azorondera niyashika?

▪ Ikigereranirizo Yezu atanga ku Mufarizayo no ku mutozakori acerekeza kuri bande?

▪ Ni inyifato iyihe y’Abafarizayo dukwiye kwirinda?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika