ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 10 rup. 52-rup. 57
  • Yahisemwo neza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yahisemwo neza
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • «Genda kwa Farawo»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Igituma Musa Yahunze
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Niwigane ukwizera kwa Musa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Numenye inzira za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 10 rup. 52-rup. 57

10 MUSA

Yahisemwo neza

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

MUSA ntiyiswe izina n’abavyeyi biwe b’Abaheburayo, ahubwo yaryiswe n’umukobwa w’umwami wa Misiri akaba ari na we yamureze. Yarimwise kubera risobanura ngo «uwarokowe akuwe mu mazi», kandi akaba yamurokoye muri ubwo buryo. Biboneka ko yari yizigiye ko yobaye umuntu akomeye mu muryango wa cami. Ategerezwa kuba yarahimbawe no kumubona yiga amashure akomeye yo mu Misiri. Dusoma duti: «Musa . . . yarigishijwe ubukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri.»

Yahavuye aba umusore adasanzwe. Bibiliya ivuga ko «yavugana ububasha, agakora ibikomeye.» Yari gushobora gukurikirana ubutunzi, icubahiro hamwe n’ibintu vyose bihimbaye vyo mu Misiri. Ariko Musa yari azi ko ubuzima nk’ubwo bwotumye Yehova atamushima. Musa rero yategerezwa kugira ihitamwo: yari gukoresha gute ubuzima bwiwe?

Musa amaze imyaka 40, yarerekanye aho ahagaze. Bibiliya ivuga iti: «Kubera ukwizera, Musa amaze gukura yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo, ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato.» Yagize ihitamwo ryiza, ryerekana ko yari afise ukwizera n’umutima rugabo. Mugabo kandi vyarashitse arakora amakosa.

Musa yabona Abisirayeli ko ari «benewabo», kandi yaripfuza gufasha ababa bariko barafatwa nabi. Umusi umwe, yaragiye kuraba ingorane barimwo. Yarabonye Umunyamisiri, akaba ashobora kuba yari umukoresha, ariko arakubita umushumba w’Umuheburayo. Musa yoba yarasavye uwo Munyamisiri ngo ahagarike kumukubita? Nta vyo tuzi. Uko vyoba vyaragenze kwose, Musa ‘yareraguje hirya no hino’, kumbure akaba yashaka kuraba ko hoba hari uwoshobora gukingira uwo mushumba. Ariko nta n’umwe yabonye. Musa yaciye yifatira ibintu mu minwe, «aca yica uwo Munyamisiri.» Yoba vy’ukuri yashaka kwica uwo Munyamisiri? Canke yoba yatwawe n’ishavu asanga aramukubise cane gushika aho apfa? Iyo nkuru nta vyo ivuga. Ariko uko vyagenze kwose, Musa yarabonye ko ivyo bitokwijanye, aca anyegeza ico kiziga mu musenyi.

Musa ariko araraba umukoresha w’Umunyamisiri ariko arakubita bunyamaswa umushumba w’Umuheburayo.

Bukeye yarasubiyeyo. Ico gihe hoho, yariko agerageza kubanguranya abashumba babiri b’Abaheburayo bariko bararwana. Mugabo uwari mw’ikosa muri bo aca amubwira amajambo yo kumutera ubwoba ati: «Ni nde yakugize umuganwa n’umucamanza wacu? Ushaka kunyica nk’uko wishe wa Munyamisiri?» Musa yaciye abona ko ivyo yakoze vyamenyekanye. Aca aratinya ko yohava yicwa.

Ibintu ntivyariko bigenda nk’uko yari yiteze. None yari yiteze iki? Bibiliya itubwira iti: «Yiyumvira yuko benewabo botahuye ko Imana yagira ibakize biciye kuri we, mugabo ntibabitahuye.» Bisa n’uko Musa yiyumvira yuko Imana yamutoye ngo akure Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri. Ariko Musa ntiyari azi igihe Yehova yashinze kandi ntiyari azi abo mw’ihanga ryiwe uko bameze. Ntibizigira uwo Muheburayo yarerewe ku kirimba mu Misiri.

Musa yoba yari guhitamwo gukurikira ubutunzi n’icubahiro, canke yari guhitamwo gushigikira abasavyi ba Yehova?

N’aho Musa yibaza ko hageze ko akura abasavyi b’Imana mu buja bwo mu Misiri, ntihari bwagere. Imana yabona ko yari agikeneye kumenyerezwa. Ego ni ko yari afise umutima rugabo ku rugero kanaka. Yari akomeye kandi «yavugana ububasha.» Ariko rero, yari agikeneye gutsimbataza iyindi kamere Yehova aha agaciro cane, ni ukuvuga ubwitonzi. Yari yarishe gihutihuti wa Munyamisiri, kandi Farawo ntiyatevye kubimenya.

Farawo ntiyiriwe aramuha akaryo ko kwisigura, yaciye arondera kumwica. Musa rero yaciye ahunga. Ntiyari azi ivyomushikiye. Yabwirijwe guheba ubutunzi, ubuzima bwiza n’icubahiro yari afise mu Misiri. Emwe, yari akeneye kugira umutima rugabo. Yaciye afata urugendo, ahungira mu gihugu ca kure i Midiyani. Yamaze imyaka myinshi muri ako karere kagadutse ari «kavamahanga.» Yoba yari kugira umutima rugabo wo guhindura kamere ziwe? Yoba yari kuba umuntu yitonda kandi yicisha bugufi nk’uko Yehova yabishaka? Reka tubirabe.

Musa afise ubwoba ariko arahunga ava mu Misiri. Aravye inyuma ariko arahunga.

Soma iyi nkuru muri Bibiliya:

  • Kuvayo 2:​11-22

  • Ivyakozwe 7:​22-29

  • Abaheburayo 11:​24-26

Ikibazo co kuganirako:

Musa yerekanye gute umutima rugabo muri ico kiringo c’ubuzima bwiwe?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ni ibimenyamenya ibihe vyerekana ko ivyo abahinga mu vy’ubucukuzi bubuye bihuza n’ivyo Bibiliya ivuga ko Abisirayeli babaye abashumba mu Misiri? (w20.03 30) A

    Ibipande vy’umuzingo ukozwe mu rufunzo.

    Courtesy Brooklyn Museum, gift of Theodora Wilbour

    Ifoto A: Ibipandepande vy’urutonde rw’abashumba bo mu Misiri ha kera, muri bo hakaba harimwo amazina arenga 40 y’Abasemite, ivyo bikaba vyerekana ko Abisirayeli babaye abashumba mu Misiri

  2. 2. Ni ibiki Musa ashobora kuba yarigishijwe n’abavyeyi biwe kandi ni ibiki ashobora kuba ‘yarigishijwe mu bukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri’? (Ivyak. 7:22; w02 15/6 10 ing. 2-5-wcgr)

  3. 3. Abanyamisiri bari basanzwe bahamba gute abapfuye? Bashobora kuba bamerewe gute aho bumviye ko Musa yishe Umunyamisiri mbere agaca anyegeza ikiziga aho kugisiga ibibuza kubora no kugihamba? (it «Égypte, Égyptien» ing. 28-wcgr) B

    Ikiziga c’Umunyamisiri basize ibintu bituma kitabora kiri mw’iratiro.

    Ifoto B: Ikiziga c’Umunyamisiri

  4. 4. Musa yahungiye i Midiyani. Abamidiyani n’Abisirayeli bari bahuriye ku ki? (it «Madiân, Madianites» No. 2 ing. 1-2-wcgr)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Akarorero ka Musa kokwigisha iki mu bijanye no gucungera ishavu?

  • Abakiri bato bokwigira iki ku karorero ka Musa mu bijanye no guhitamwo imigambi myiza babigiranye umutima rugabo? C

    Udufoto: Umuvukanyi ari mu mashure yisumbuye ariko arazirikana kazoza kiwe. 1. Yibona afise akazi keza ariko arakora imigero y’indege. 2. Yibona ariko arigisha Bibiliya umuntu mu gatabu «Kwiberaho ibihe bidahera.»

    Ifoto C

  • Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo Musa yagaragaje muri iyi nkuru?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Musa niyazuka ku bijanye n’ikiringo ca mbere c’ubuzima bwiwe?

Rondera kumenya n’ibindi

Raba ingene twokwigana ukwitanga kwa Musa.

Niwigane abagaragaje ukwizera, ntiwigane abatakugaragaje—Niwigane Musa, ntiwigane Farawo (2:27)

Musa yarahevye ubutunzi kugira akorere Yehova. Ivyo vyoba vyoshoboka muri iki gihe?

Hitamwo umwuga ujana ku buzima budahera (4:58)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika