11 MUSA
«Genda kwa Farawo»
MUSA yari yarahindutse cane. Hari haheze imyaka itari mike avuye mu Misiri. Biboneka ko atari aciyumvira ko ari we Yehova yokoresheje mu gukura Abisirayeli mu buja. Ubu afise imyaka nka 80, kandi arubatse akagira n’abana babiri. Yarize kwicisha bugufi mu myaka 40 yamaze aragira intama za sebukwe, mu karere kumye kabamwo Abamidiyani.
Yehova yarabonye ko Musa yahindutse. Umusi umwe, Yehova yaratumye igisaka c’amahwa kiri munsi y’umusozi Horebu (Sinayi) caka umuriro ariko ntigishe ngo gihere. Musa yaregereye ngo arabe, Yehova aca aravugana na we ari mu rubeya rw’umuriro akoresheje umumarayika w’ububasha. Imana yabwiye Musa ngo asubire mu Misiri akureyo abasavyi bayo! Kugira Imana iremeshe Musa, yaramuhishuriye umuce w’insobanuro y’izina ryayo ryeranda, Yehova. Yamubwiye iti: «Nzoba ico nshatse kuba.» Yehova yocitse Umurokozi w’abasavyi biwe bariko barahahazwa, agakora ibikenewe vyose kugira abakure mu buja kandi abagire ihanga rikomeye.
Ariko Musa yari akigonanwa gukora ico gikorwa. Yumva ko atoshobora kuyobora abo bantu no kuvugana na Farawo umwami wa Misiri. Yehova yaramukosoye yongera aramukomeza mu gukora ikintu kidasanzwe. Yarahaye Musa ububasha bwo gukora ibitangaro. Ni we muntu wa mbere avugwa muri Bibiliya Yehova yahaye ubwo bubasha. Yaramuhaye kandi Aroni mwenewabo ngo amubere umufasha n’umuvugizi. Musa yaremeye ico gikorwa naho yari akigonanwa. Yari abaye mesiya, ni ukuvuga umuntu Yehova yatoye ngo arokore abasavyi biwe.—Heb. 11:26.
Musa yarasubiye mu Misiri ari kumwe na Aroni maze baraja kuraba Farawo. Ariko ntivyabagendeye neza. Uwo mwami atwaza igikenye yarashavuye cane. Aho kurekura Abisirayeli yaciye abongerereza ibikorwa biruhisha! Yehova yarabwiye Musa ngo asubire kwa Farawo amubwire ko yagira ateze Misiri icago ca mbere. Yehova yatumye uruzi Nili ruhinduka amaraso. Ariko Farawo yagumye yanka. Yehova yagumye abwira Musa ngo asubireyo kumubwira ko agira ateze ikindi cago. Yamutegeka ati: «Genda kwa Farawo», Musa na we agaca agenda abigiranye umutima rugabo. Ariko uwo mutegetsi yishima yaranse kumwumviriza. Kuva ku cago kigira kane Yehova yarakingiye abasavyi biwe. Ivyo vyago vyashikiye Abanyamisiri gusa.
Icago kimwekimwe cose muri vyo carerekanye ko imana za Misiri, abaherezi bakora ivy’ubupfumu, na Farawo ubwiwe ata co bashoboye. Ariko Farawo yagumye akomantaza umutima aranka kurekura abo bashumba biwe ngo bigire. Icago kigira icenda coco cateje umwiza ukomeye mu Misiri, ariko mu mazu y’Abisirayeli hoho harabona. Farawo yahavuye yemera kurekura abo bashumba, ariko mu nyuma aca arasubira guhindura aranka kubarekura. Yabwiye Musa ko niyaramuka agarutse imbere yiwe azoca apfa.
Akatari gake, Musa yarahanganye n’umutegetsi yashangashiwe kandi akomeye cane kw’isi
Ariko Yehova yarasubiye kurungika Musa kwa Farawo irya nyuma, kandi yaragiye. Icago kigira icumi cari ico kwica imfura zose zo mu Misiri, baba abantu canke ibikoko. Farawo amaze kubona ko n’umwana wiwe apfuye yaciye arekura abo bashumba. Emwe, yaracishijwe bugufi. Yarahamagaye Musa, ararekura Abisirayeli, aca amusaba ngo amuhezagire. Abisirayeli baza bava mu buja, hakaba hari haciye neza na neza imyaka 430 Aburahamu yinjiye mu gihugu c’isezerano! Abo bantu bahoze ari abashumba baragiye bari kumwe «n’isinzi rinini ry’abanyamahanga», benshi muri bo bakaba bashobora kuba bari Abanyamisiri. N’ico gihe nyene Farawo yarasubiriye guhindura ingingo yari yafashe. Yarakoranije abasoda benshi cane, aca arakurikira Abisirayeli!
Musa n’Abisirayeli bashitse ku nkengera y’ikiyaga Gitukura, wamenga ntibagira aho bohungira. Baragize ubwoba bwinshi. Musa yaciye atakambira Yehova ngo abafashe. Yehova yarabishuye mu gukora igitangaro c’akataraboneka: Yaraciyemwo kubiri ikiyaga Gitukura, Abisirayeli baca barajabuka baciye ahantu humutse. Farawo abonye ko Abisirayeli bajabutse, yaciye abakurikira ari kumwe n’ingabo ziwe. Ariko Abisirayeli bamaze gushika ku nkengera yo hakurya, Yehova yaciye arekura ikiyaga Gitukura gica kiramira abo Banyamisiri. Ico gisoda ca mbere cari gikomeye kw’isi yose muri ico gihe cari kizimanganye!
Musa ntiyigeze yibagira ivyo bintu bitangaje. Ukwizera kwiwe kwarakomeye kuruta uko vyahora. Mu myaka 40 yakurikiye, yarayoboye abasavyi b’Imana yongera arabitwararika, arabaha akarorero k’ukwizera, urukundo n’umutima rugabo, gushika apfuye afise imyaka 120.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Musa yerekanye gute umutima rugabo muri ico kiringo c’ubuzima bwiwe?
Niwinjire mu mizi
1. Ntituzi izina ry’Umufarawo yatwara ico gihe, kandi nta gisomwa co mu Misiri kiruburwa kivuga ingene Abisirayeli bavuyeyo. Naho biri ukwo, kubera iki vyumvikana kwizigira iyo nkuru yo muri Bibiliya? (g04 8/4 7 ing. 3–8 ing. 2-wcgr)
2. Kubera iki abantu batinya Farawo? (w14 15/4 8 ing. 1) A
PRISMA ARCHIVO/Alamy Stock Photo
Ifoto A: Igicapo ca kera c’Umufarawo wa nyuma kiri ku ruhome
3. Vya vyago cumi vyerekanye gute ko imana z’Abanyamisiri ata co zimaze? (it «Dieux et déesses» ing. 24-26-wcgr)
4. Ni igiki cerekana ko Yehova yaciye inzira yagutse mu kiyaga Gitukura, kandi ni Abisirayeli bangahe bayiciyemwo? (it «Exode» ing. 46-51-wcgr) B
Ifoto B: Ikiyaga Gitukura ukiravye uri i Sinayi aho bishoboka ko Abisirayeli bajabukiye
Rondera ivyigwa wohakura
Akarorero ka Musa koturemesha gute igihe twibaza ko tudashoboye gukora igikorwa Yehova adushinze? (Kuv. 4:10; 7:6, 7)
Twofasha gute abavukanyi na bashiki bacu muri iki gihe, nka kumwe Aroni yafasha Musa kurangura igikorwa ciwe n’umutima rugabo? (Kuv. 4:14-16) C
Ifoto C
Wokwigana gute umutima rugabo Musa yagaragaje muri iyi nkuru?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Musa niyazuka ku bijanye n’ico kiringo c’ubuzima bwiwe?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ingene insobanuro y’izina rya Yehova ishobora gufasha abana kugira umutima rugabo.
Ivyo Musa yaciyemwo vyamwigishije iki ku bijanye na kamere za Yehova?