Niwirinde uruhendo
“Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije . . . ibihendo vy’ubusa”.—AB’I KOLOSAYI 2:8.
1-3. (a) Ni uturorero utuhe twerekana ko uruhendo rwakwiragiye mu mice hafi nka yose y’ubuzima? (b) Ni kubera iki tudakwiye gutangazwa n’uruhendo ruri mw’isi?
“NI BANGAHE muri mwebwe batarahendwa n’uwo baburanira?” Muri iyi myaka mikeyi iheze, umwigisha umwe w’ivy’amategeko yaragize itohoza mu kubaza ico kibazo. Yaronse iyihe nyishu? Asigura ati: “Mu bashingwamanza ibihumbi, umwe gusa ni we atari bwahendwe n’uwo aburanira”. Kubera iki? “Uwo mushingwamanza ni ho yari acugurura ishirahamwe rinini rijejwe kuburanira abantu, akaba atari bwaganire n’umuntu n’umwe akeneye kuburanirwa”. Ivyo vyabaye birerekana uku kuri kubabaje: ukubesha be n’uruhendo bireze mw’isi ya kino gihe.
2 Uruhendo ruza mu buryo bwinshi kandi rwarakwiragiye mu mice hafi nka yose y’ubuzima bwa kino gihe. Amaraporo ashikirizwa n’inzego menyeshamakuru yuzuyemwo uturorero tutari dukeyi: abanyapolitike barabesha ku bijanye n’ivyo bakora, abasuzuma ivy’amakonte be n’abashingwamanza bararenza urugero igihe berekana inyungu ishirahamwe rironka, abahayagiza ibidandazwa barahenda abaguzi, abanywanyi b’amashirahamwe y’ivya soransi barayahenda ngo abaronse indishi ku bintu bitari vyo. Utwo ni uturorero dukeyi gusa. Hariho kandi uruhendo mu bijanye n’idini. Indongozi z’amadini zirazimiza abayoboke bazo mu kubigisha inyigisho z’ikinyoma, nk’ukudahwera kw’ubugingo, umuriro udahera hamwe n’Ubutatu.—2 Timoteyo 4:3, 4.
3 Twoba none dukwiye gutangazwa n’urwo ruhendo rwose? Habe namba. Ku vyerekeye “imisi y’iherezo”, Bibiliya yagabishije iti: “Abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa” (2 Timoteyo 3:1, 13). Twebwe abakirisu, turakeneye kuba maso ku vyiyumviro bizimiza vyohava bidukevya tukava mu kuri. Ibibazo bibiri bica bivyuka ni ibi: Ni kubera iki uruhendo rwimonogoje bigeze iyo hose muri iki gihe, kandi twokwirinda gute guhendwa?
Ni kubera iki uruhendo rwiraye muri iki gihe?
4. Bibiliya isigura gute igituma uruhendo rukwiragiye mw’isi?
4 Bibiliya irasigura mu buryo butomoye igituma uruhendo rukwiragiye muri ino si. Intumwa Yohani yanditse ko “isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19). Uwo “Mubi” ni Shetani wa Mucokoranyi. Ku bimwerekeye, Yezu yavuze ati: “Ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo”. Vyoba bitangaje none kubona iyi si igaragaza agatima, imico be n’inyifato z’uruhendo vy’umutware wayo?—Yohana 8:44; 14:30; Abanyefeso 2:1-3.
5. Shetani yongereje gute utwigoro twiwe two guhendana muri iki gihe c’iherezo, kandi ni bande canecane aguma arondera?
5 Muri iki gihe c’iherezo, Shetani yarongereje utwigoro twiwe. Yarakororewe kw’isi. Arazi yuko asigaranye igihe gitoyi, ari co gituma afise “inzigo nyinshi”. Kubera yuko yiyemeje kugwisha abantu benshi bashoboka, “[ara]zimiza abari kw isi bose” (Ivyahishuriwe 12:9, 12). Shetani si umuntu ahendana rimwe na rimwe. Ahubwo, aguma agira utwigoro two kuyovya abantua. Kugira ahume imitima y’abatizera yongere agume abatandukanije n’Imana, akoresha uburyo bwose afise bw’uruhendo, aho hakaba harimwo ubugunge n’ubuhemu, (2 Ab’i Korinto 4:4). Uwo mukuru w’uruhendo yiyemeje canecane kurotsa abariko basenga Imana “mu mpwemu no mu kuri” (Yohana 4:24; 1 Petero 5:8). Ntukigere wibagira yuko Shetani vy’ukuri yiraririye avuga ati: ‘Abantu bose ndashobora kubakura ku Mana’ (Yobu 1:9-12). Reka turimbure bumwebumwe mu “bugunge” canke amayeri y’uruhendo ya Shetani be n’ukuntu twoyirinda.—Abanyefeso 6:11.
Niwirinde guhendwa n’abahakanyi
6, 7. (a) Ni ibiki abahakanyi boshobora kwivugisha? (b) Ivyanditswe vyerekana gute mu buryo butomoye intumbero y’abahakanyi?
6 Shetani amaze igihe kirekire akoresha abahakanyi mu twigoro twiwe two gukwegakwega abasavyi b’Imana (Matayo 13:36-39). Abahakanyi boshobora kwivugisha yuko basenga Yehova kandi ko bemera Bibiliya, ariko ugasanga baratera akagere igice kiboneka c’ishirahamwe ryiwe. Bamwebamwe mbere barasubira mu nyigisho ziteza urubwa Imana za “Babuloni hahambaye”, ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma (Ivyahishuriwe 17:5; 2 Petero 2:19-22). Abanditsi ba Bibiliya bahumekewe n’Imana, barakoresheje amajambo akomeye kugira bashire ku kabarore imvo abahakanyi bakorana be n’uburyo bakoresha.
7 None abahakanyi bafise iyihe ntumbero? Benshi usanga badashaka kuva mu kwizera kumbure bahoze babona ko ari ukw’ukuri. Akenshi, bashaka kwigarurira abandi. Aho kuja kurondera abayoboke babo bwite hanze, abahakanyi benshi barondera “[gukwegera] abigishwa [ni ukuvuga abigishwa ba Kirisitu] inyuma yabo” (Ivyakozwe 20:29, 30). Ku vyerekeye abigisha b’ibinyoma, intumwa Paulo yatanze iyi ngabisho yihutirwa: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano” (Ab’i Kolosayi 2:8). None ivyo ntibidondora ivyo abahakanyi benshi bagerageza gukora? Nka kurya kw’umusuma anyuruza umuntu yibereye aho ata co yinona akamukura mu muryango wiwe, abahakanyi baragira inyagano abagize ishengero babizigira, barondera kubakura mu mukuku.
8. Ni uburyo ubuhe abahakanyi bakoresha kugira ngo bashike ku ntumbero yabo?
8 Ni uburyo ubuhe abahakanyi bakoresha kugira ngo bashike ku ntumbero yabo? Akenshi barahinyika amakuru, bakavuga ukuri kudakwiye kandi bakavuga ibinyoma vyambaye ubusa. Yezu yari azi yuko abayoboke biwe bogiriwe nabi n’‘abobarementanirije ibibi vyose’ (Matayo 5:11). Mwene abo babisha babarwanya bovuze ibitari vyo bafise intumbero yo guhenda abandi. Intumwa Petero yaratanze ingabisho ku vyerekeye abahakanyi bokoresheje “amagambo y’amaremano”, bagakwiragiza “inyigisho z’uruhendo” (NW), bakongera ‘bakagoreka Ivyanditswe’ kugira ngo bashike ku ntumbero yabo (2 Petero 2:3, 13; 3:16). Ikibabaje, abahakanyi barashoboye “[gu]henura ukwizera kwa bamwe”.—2 Timoteyo 2:18.
9, 10. (a) Twokwirinda gute guhendwa n’abahakanyi? (b) Ni kubera iki bitatuvuruga umutwe igihe bibaye ngombwa ko hagira ibibogorwa mu kuntu dutahura umugambi w’Imana?
9 Twokwirinda gute guhendwa n’abahakanyi? Twovyirinda mu kwumvira impanuro iri mw’Ijambo ry’Imana ivuga iti: “[Mugume mwitegereza] abazana ivyo gutandukanya n’ibitsitaza, bidahūra n’ivyo mwize, mubazibukire” (Abaroma 16:17). ‘Tubazibukira’ mu kwamirira kure ivyiyumviro vyabo, baba ari bo bavyivugiye, vyaba vyanditswe canke vyaba biciye kuri Internet. Ni kubera iki dufata iyo mpagararo? Ubwa mbere, ni kubera yuko Ijambo ry’Imana ridutegeka kubigira gutyo tukaba kandi twizigira yuko Yehova yama nantaryo arajwe ishinga n’ineza yacu.—Yesaya 48:17, 18.
10 Ubugira kabiri, turakunda ishirahamwe ryatwigishije ukuri kw’agaciro kudutandukanya bimwe biboneka na Babiloni Hahambaye. Muri ico gihe nyene, turatahura yuko ubumenyi dufise ku bijanye n’umugambi w’Imana butabuze agahaze; ugutahura kwacu kwagiye kurabogorwa uko imyaka yagiye irarengana. Abakirisu b’intahemuka barashima kurindira Yehova ku bw’ibintu vyose bigenda biraryohorwa (Imigani 4:18). Muri ico gihe, ntituzoheba ishirahamwe Imana ishima gukoresha, kubera yuko twibonera ikimenyamenya gitomoye c’uko iriko irarihezagira.—Ivyakozwe 6:7; 1 Ab’i Korinto 3:6.
Niwirinde kwihenda
11. Ni kubera iki abantu b’abanyagasembwa usanga bafise impengamiro yo kwihenda?
11 Abantu b’abanyagasembwa barafise impengamiro Shetani yihutira gufatirako, na yo ikaba ari ukwihenda. Muri Yeremiya 17:9 havuga hati: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa”. Yakobo na we yanditse ati: “Umuntu wese arageragezwa, iy’akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka” (Yakobo 1:14). Mu gihe umutima wacu ukwegakwezwe, mu bisanzwe woshobora gutuma tugira icipfuzo kirimwo icaha, ugatuma nya cipfuzo kiba igikwegera n’ikitagira ico gitwaye. Ukubona ibintu nk’ukwo kurahendana, kubera ko iyo umuntu yirekuye akisuka mu vyo gukora icaha, amaherezo bimushikana ku guhona.—Abaroma 8:6.
12. Ni mu buryo ubuhe ukwihenda gushobora kuduta mu mutego?
12 Ukwihenda kurashobora kuduta mu mutego bitagoranye. Umutima wibesha woshobora kwisigura ku bijanye na kamere mbi umuntu yoba afise canke ukisigura ku bijanye n’icaha gikomeye yoba yakoze (1 Samweli 15:13-15, 20, 21). Umutima wacu urwaye indwara itavurwa woshobora kandi kurondera uburyo bwo kwisigura ku vyerekeye inyigenzo iteye amakenga. Nk’akarorero, rimbura ibijanye no kwinezereza. Ukwinezereza kumwekumwe ni kwiza kandi kurahimbaye. Ariko rero, vyinshi mu vyo iyi si itanga, nk’akarorero amasenema n’ibiganiro bica kuri televiziyo no ku mihora ya Internet, usanga biteye isoni kandi biranga ubushegabo. Biroroshe ko twiyumvisha yuko dushobora kwihweza ivy’ukwinezereza biteye isoni ntihagire ico bitugira. Hari mbere n’abiyumvira bati: “Ijwi ryanje ryo mu mutima nta co rinyagiriza, none ingorane iri he?”. Mugabo abantu nk’abo baba bariko ‘baribesha’.—Yakobo 1:22.
13, 14. (a) Ni akarorero ko mu Vyanditswe akahe kerekana yuko ijwi ryacu ryo mu mutima ritama imisi yose rituyobora neza? (b) Dushobora gute kwirinda kwihenda?
13 Twokwirinda gute kwihenda? Ubwa mbere, turakeneye kwibuka yuko ijwi ryo mu mutima ry’umuntu ritama imisi yose ari iryo kwizigirwa. Rimbura ivyerekeye intumwa Paulo. Imbere y’uko aba umukirisu, yarahama abayoboke ba Kirisitu (Ivyakozwe 9:1, 2). Ico gihe ijwi ryiwe ryo mu mutima rishobora kuba ritamwagiriza. Ariko rero, biboneka yuko ritari ryaratumberejwe neza. Paulo yavuze ati: “Nabikoze ntabizi ntarizera” (1 Timoteyo 1:13). Rero, kuba gusa ukwinezereza kunaka kudatuma ijwi ryacu ryo mu mutima ritwagiriza ikibi, ntibica vyemeza yuko ingendo yacu igororotse. Ijwi ryo mu mutima ryiza ryamenyerejwe neza n’Ijambo ry’Imana ni ryo ryonyene rishobora kutuyobora neza.
14 Nimba dushaka kwirinda ukwihenda, hariho inama ngirakamaro zimwezimwe dukeneye kugumiza mu muzirikanyi. Niwisuzume ujanisha n’isengesho (Zaburi 26:2; 2 Ab’i Korinto 13:5). Kwisuzuma ata buryarya vyoshobora kuguhumura amaso ukabona ko ukeneye kugira ivyo uhinduye mu kuntu ubona ibintu no mu nzira zawe. Niwumvirize abandi (Yakobo 1:19). Kubera yuko igihe umuntu yisuzuma asa n’uwuhengamira ku vyiyumviro vyiwe, vyoba biranga ubukerebutsi wumvirije amajambo ata ho ahengamiye y’abakirisu bagenzawe bahumuye. Mu gihe usanze ufata ingingo canke ukora mu buryo buteye amakenga mu maso y’abo musangiye ukwemera babona ibintu ku burimbane kandi bazi utuntu n’utundi, woshobora kwibaza uti: ‘Vyoba vyatumwe n’ijwi ryanje ritamenyerejwe neza canke vyatumwe n’umutima wanje uriko urampenda?’. Niwigaburire ubudahorereza biciye kuri Bibiliya no ku bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya (Zaburi 1:2). Kubigenza gutyo bizotuma ivyiyumviro vyawe, inyifato zawe be n’inyiyumvo zawe uguma ubihuza n’ingingo ngenderwako z’Imana.
Niwirinde ibinyoma vya Shetani
15, 16. (a) Ni imitego iyihe Shetani akoresha kugira ngo agerageze kutuzimiza? (b) Twokwirinda gute guhendwa n’ibinyoma nk’ivyo?
15 Shetani arakoresha ibinyoma bitandukanye kugira ngo agerageze kutuyovya. Aragerageza kutwemeza yuko amatungo y’ivy’umubiri atuma umuntu agira agahimbare kandi agahera akanyota, yamara ibihushanye n’ivyo ni vyo bikunze gushika (Umusiguzi 5:10-12). Yipfuza ko twemera yuko iyi si mbi izobandanya kubaho, naho hariho ibimenyamenya bitomoye vy’uko tubayeho mu “misi y’iherezo” (2 Timoteyo 3:1-5). Shetani araremesha iciyumviro c’uko ata kibi kiri mu gukurikirana uburyo bwo kubaho burangwamwo ubushegabo, naho nyene abarondera ibinezereza akenshi bimbura inkurikizi ziteye agahinda (Ab’i Galatiya 6:7). Twoshobora gute kwirinda guhendwa n’ivyo binyoma?
16 Niwungukire ku burorero bwo muri Bibiliya. Bibiliya irimwo uburorero butuburira bw’abantu bahenzwe n’ibinyoma vya Shetani. Barakunda amaronko, ntibitwararika ibihe bari babayemwo, canke bisuka mu bushegabo, ivyo vyose bikaba vyabaviriyemwo ingaruka mbi (Matayo 19:16-22; 24:36-42; Luka 16:14; 1 Ab’i Korinto 10:8-11). Niwigire ku burorero bwo muri iki gihe. Ikibabaje, birashika abakirisu bamwebamwe bakananirwa kubona ko ibintu vyihutirwa, maze bakiyumvira yuko kuba bariko barakorera Imana hariho ikintu ciza bariko barahomba. Boshobora guheba ukuri kugira bakurikirane ubuzima bwitwa ko burangwa umunezero. Ariko rero, abantu nk’abo bari “ahanyerera” kubera yuko bitebe bitebuke, inyifato yabo y’ukutibanga Imana izobakwegera akarambaraye (Zaburi 73:18, 19). Twoba tubaye inkerebutsi twigiye ku makosa y’abandi.—Imigani 22:3.
17. Ni kubera iki Shetani aremesha ikinyoma c’uko Yehova atadukunda kandi ko ataduha agaciro?
17 Hariho ikindi kinyoma Shetani yakoresheje arererwa, na co kikaba ari ic’uko Yehova atadukunda kandi ko ataduha agaciro. Shetani yarafashe imyaka ibihumbi n’ibihumbi yo kwiga abantu b’abanyagasembwa. Arazi neza yuko gucika intege bishobora gutuma tugoyagoya (Imigani 24:10). Ni co gituma aremesha ikinyoma c’uko ata gaciro dufise mu nyonga z’Imana. ‘Tunaniwe’ maze tukemera yuko Yehova atatubabara, twoshobora kwoshwa guheba (2 Ab’i Korinto 4:9). Ico ni co nyene wa Mubeshi mukuru ashaka! None twokwirinda gute guhendwa n’ico kinyoma ca Shetani?
18. Bibiliya idukura amazinda gute yuko Yehova adukunda?
18 Nuzirikane ubwawe ku co Bibiliya ivuga ku vyerekeye urukundo Imana idukunda. Ijambo ry’Imana rirakoresha ibigereranirizo bimwebimwe bikomeye bikora ku mutima kugira ngo ridukure amazinda yuko Yehova atubona kandi adukunda umwumwe wese ukwiwe. Arashira amosozi yawe mw’“icupa” ryiwe, ivyo bikaba bisobanura yuko abona kandi yibuka amosozi washeshe uriko urarwana urugamba kugira ngo ugume uri umwizerwa (Zaburi 56:8). Iyo ‘umenetse umutima’ arabimenya kandi aba ari hafi yawe mu bihe nk’ivyo (Zaburi 34:18). Arazi akantu kose ku bikwerekeye, ushizemwo n’igitigiri c’‘umushatsi wo ku mutwe wawe’ (Matayo 10:29-31). Ikiruta vyose, Imana “[yaratanze] Umwana wayo w’ikinege” ku bwawe (Yohana 3:16; Ab’i Galatiya 2:20). Rimwe na rimwe, ushobora gusanga bigoye kwemera yuko ivyo vyanditswe bikuraba. Ariko rero, dutegerezwa kwemera ivyo Yehova avuga. Ashaka ko twemera yuko adukunda atari gusa uko tugize umugwi, ariko kandi ko adukunda umwumwe wese ukwiwe.
19, 20. (a) Ni kubera iki bihambaye gutahura no kwamirira kure ikinyoma ca Shetani c’uko Yehova atagukunda? (b) Umucungezi w’ingenzi umwe yafashije gute abavunitse umutima?
19 Nutahure ikinyoma kandi ucamirire kure. Iyo uzi yuko umuntu kanaka ariko arabesha, urashobora kwirinda guhendwa. Rero, no kumenya gusa yuko Shetani ashaka ko wemera yuko Yehova atagukunda birashobora kukubera imfashanyo ikomeye. Hari umukirisu umwe yagize ico avuze ku kiganiro kimwe co mu Munara w’Inderetsi cagabisha ku bijanye n’amayeri ya Shetani mu kuvuga ati: “Sinigeze menya yuko Shetani agerageza gukoresha inyiyumvo zanje kugira ngo ance intege. Kumenya ivyo biratuma ndonka inkomezi zo kurwanya izo nyiyumvo”.
20 Rimbura ivyo umucungezi w’ingenzi umwe wo mu gihugu kimwe co muri Amerika y’Epfo yiboneye. Igihe aba ariko aragendera cungere abo basangiye ukwemera bavunitse umutima, akenshi ababaza ati: ‘Uremera Ubutatu?’. Nyene kuvunika umutima akenshi yishura ngo ‘nawe uravyumva ko ntabwemera’, kubera atahura ko ico ari kimwe mu binyoma vya Shetani. Uwo mucungezi w’ingenzi arasubira akabaza ati: ‘Uremera umuriro udahera?’. Aca asubira kuronka inyishu igira iti: ‘Nawe uravyumva ko ntawemera!’. Nya mucungezi w’ingenzi aca ababwira yuko hariho ikindi kinyoma Shetani akoresha kidakunda gutahurwa ko ari ikinyoma. Aca aberekeza mu gitabu Niwiyegereze Yehovab, ku rupapuro rwa 249, ingingo ya 21, ahabeshuza ikinyoma c’uko Yehova atadukunda umwe wese ukwiwe. Uwo mucungezi w’ingenzi aravuga yuko gufasha muri mwene ubwo buryo abacitse intege kumenya ico kinyoma ca Shetani no kucamirira kure vyavuyemwo ingaruka nziza.
Niwirinde uruhendo
21, 22. Ni kubera iki tutari mu mwiza ku bijanye n’amayeri y’uruhendo ya Shetani, kandi dukwiye kwiyemeza iki?
21 Muri iki gice ca nyuma c’imisi y’iherezo, turitega yuko Shetani azobandanya kurungika ibinyoma be n’uruhendo bitagira uko bingana. Duhiriwe duhishije, Yehova ntiyaturekeye mu mwiza ku bijanye n’amayeri y’uruhendo ya Shetani. Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vya “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” birashira ku kabarore uburyo buranga ububisha Shetani akoresha (Matayo 24:45, NW). Duhiriwe duhishije kubera yuko ibuye riserutse ritaba ricishe isuka.—2 Ab’i Korinto 2:11.
22 Nimuze rero twirinde ivyiyumviro vy’abahakanyi. Nimuze twiyemeze kwirinda umutego utaboneka wo kwihenda. Nimuze kandi dutahure ibinyoma vya Shetani vyose twongere tuvyamirire kure. Nitwabigira gutyo, tuzorinda ubucuti dufitaniye na ya “Mana y’ukuri”, yo yanka urunuka uruhendo.—Zaburi 31:5; Imigani 3:32.
[Utujambo tw’epfo]
a Ku vyerekeye imero y’irivuga ryahinduwe ngo ‘arazimiza’ mu Vyahishuriwe 12:9, igitabu kimwe kivuga yuko “igaragaza igikorwa kibandanya, cacitse akamenyero”.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki muri iki gihe hariho uruhendo rwinshi cane mw’isi?
• Dushobora gute kwirinda guhendwa n’abahakanyi?
• Dushobora gute kwirinda impengamiro iyo ari yo yose yo kwihenda?
• Dushobora gute kwirinda guhendwa n’ibinyoma vya Shetani?
[Ifoto ku rup. 17]
Ntiwihende ku bijanye n’ukwinezereza
[Amafoto ku rup. 18]
Kugira ngo wirinde kwihenda, niwisuzume ujanisha n’isengesho, niwumvirize abandi kandi wigaburire ubudahorereza biciye kw’Ijambo ry’Imana