ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/2 rup. 21-25
  • Bagirira iteraniro “Hagati na hagati y’isi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bagirira iteraniro “Hagati na hagati y’isi”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Igihe Imbuto z’Ubwami zaterwa ari bwo bwa mbere
  • Imyiteguro y’iteraniro ry’umuzunguruko
  • Iteraniro rimenyekanishwa n’umuntu atari yitezwe
  • Iteraniro ritangura
  • Ugushinga intahe mu gitondo
  • Porogarama yo mu vy’impwemu ibandanya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/2 rup. 21-25

Bagirira iteraniro “Hagati na hagati y’isi”

Woba umaze kwumva aya majambo ngo “Te Pito o Te Henua”? Mu kirapanuwi, ururimi kavukire ruvugwa mw’izinga ryitwa île de Pâques, ayo majambo asigura ngo: “Hagati na hagati y’isi”. Ni igiki catumye iteraniro ryagiriwe aho hantu riba iridasanzwe koko?

RIRI ukwa ryonyene, ni agatangaza, ntirisanzwe. Ayo ni amajambo amwamwe akoreshwa mu kudondora izinga ryitwa île de Pâques, canke Rapa Nui nk’uko abaribamwo baryita. Vy’ukuri, ni akarere kari ukwa konyene, gaherereye kure cane mw’ibahari Pasifike yo mu bumanuko, ku bilometero 3.790 uvuye mu gisagara ca Santiago mu gihugu ca Chili. Ryabaye intara ya Chili kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga 1888.

Iryo zinga rimeze nk’inyabutatu, rikaba rifise uburinganire bw’ibilometero kwadarato 166, rigizwe ahanini n’ibirunga bitatu vyazimye. Nkako, cokimwe n’ayandi mazinga yo mw’ibahari Pasifike, iryo zinga rigizwe gusa n’udusongero tw’imisozi amahanga iri mu mazi. Iryo zinga ryose uko ringana ryavuzwe ko ari icibutso c’akame. Nta mazinda yuko iryo zinga rizwi cane kubera ibishusho vyaryo vy’akaroruhore bibajwe mu mabuye, vyitwa moaia.

Turetse ivy’uko izinga ryitwa île de Pâques riteye igomwe rikaba kandi ririmwo ibibanza vya kera vy’icibutso, ririmwo n’ubwoko butandukanye bw’ibiribwa biryoshe. Ako karere karimwo ivyamwa nk’inanasi, amavoka, amapapayi hamwe n’ubwoko icenda bw’ibitoke. Ikindi kandi, ikiyaga gikikije iryo zinga kiratanga ubwoko butandukanye bw’amafi be n’ibindi bifungurwa vyo mu mazi.

Ikirere kimeze neza muri île de Pâques, kandi imvura be n’iminywamazi ntivyigera bibura, ivyo bikaba bironsa ingenzi akayaga keza be n’ibintu vyiza vyo kuratira ijisho. Ubu, iryo zinga ribamwo abantu nka 3.800. Abanyagihugu baribamwo muri iki gihe bakomoka ku bantu ba mbere baje kugerera muri iryo zinga, harimwo n’Abanyaburaya, abavuye muri Chili hamwe n’abandi. Ingenzi amajana n’amajana zivuye i Buraya no muri Aziya ziragendera iryo zinga, ivyo bigatuma ivy’ingenzi bigira uruhara ruhambaye mu butunzi bw’iryo zinga.

Igihe Imbuto z’Ubwami zaterwa ari bwo bwa mbere

Igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 1982 cavuze kiti: “Twaramaze igihe dufise umwamamaji w’umuvukanyikazi umwe gusa muri île de Pâques. Yafashijwe mu vy’impwemu biciye ku kwandikiranira amakete n’umuvukanyikazi w’umumisiyonari wo kw’ishami [mu gihugu ca Chili]. Naho ubu yasubiye muri Chili, turafise inyandiko z’abantu bagirisha abonema y’Umunara w’Inderetsi muri iryo zinga. Tutanavyiteze na gatoyi, muri Ndamukiza 1980, twagize dutya twumva umuntu ashimishijwe aba kure cane araduterefonye, akaba yashaka kumenya igihe Icibutso cari guhimbarizwako. Haciye igihe muri uwo mwaka nyene, hari umugore n’umugabo bubakanye bo mu gisagara ca Valparaiso bimukiye muri iryo zinga, bakaba baramaze igihe bigana Bibiliya n’abantu bashimishijwe. Muri Ndamukiza 1981, haragizwe ikoraniro ry’Icibutso ari bwo bwa mbere muri iryo zinga, rikaba ryari ryitabwe n’abantu 13. Ese ukuntu duhimbarwa kubona ‘ubutumwa bwiza’ buriko burinjira muri ako karere kari ukwa konyene!”.

Haciye igihe, ku wa 30 Nzero 1991, ishami ryararungitse muri iryo zinga abatsimvyi badasanzwe bubakanye ari bo Dario Fernandez n’umukenyezi wiwe Winny. Umuvukanyi Fernandez yigana ivyo yibuka ati: “Urugendo rw’amasaha atanu twagize mu ndege rwadushikanye mu gice kiri ukwa conyene kuruta ibindi vyose vyo kw’isi, rudushikana ku mico kama yuzuyemwo ibintu bitangaje cane”. Baciye ubwo nyene baringaniza amakoraniro be n’igikorwa co kwamamaza babifashijwemwo n’umuvukanyi wo muri iryo zinga hamwe n’umuvukanyikazi yari aherutse kuhashika ari kumwe n’abana biwe babiri. Naho hari imikazo yo mu miryango, hakaba kandi n’abantu bafise ishaka rirenze urugero mu vyo gusenga be n’uburyo bwo kubaho bumwebumwe usanga bweze mu mico kama y’Abanyapolineziya, ivyo Vyabona bariboneye ukuntu Yehova ahezagira utwigoro twabo. Umuvukanyi Fernandez n’umukenyezi wiwe ntibakiri abatsimvyi badasanzwe, mugabo bagumye muri iryo zinga, aho bariko barerera umuhungu wabo yahavukiye. Ubu hariyo abamamaji b’Ubwami 32 b’abanyamunezero. Muri bo harimwo imvukira zo muri iryo zinga Rapa Nui, hamwe n’abaje kuhagerera canke abahimukiye kugira ngo bakorere ahakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi.

Imyiteguro y’iteraniro ry’umuzunguruko

Kubera urugendo rurerure ruri hagati y’iryo zinga na Amerika y’Epfo, ishengero ryararonka gatatu ku mwaka amavidewo ya porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe, porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko be na porogarama y’ihwaniro ry’intara. Mugabo mu mpera z’umwaka wa 2000, iciyumviro co kugira iteraniro ryabo bwite, ni ukuvuga iteraniro rya mbere ryo muri iryo zinga, cariko kirihwezwa na Komite y’ishami ryo muri Chili. Amaherezo, harafashwe ingingo yo kugira iteraniro ry’umuzunguruko muri Munyonyo 2001, kandi ubutumire bwo kwitaba urwo rubanza rudasanzwe burahabwa abavukanyi n’abavukanyikazi bakeyi bo mu mihingo itandukanye ya Chili. Kubera urutonde indege zisanzwe zigirako, vyabaye ngombwa ko iryo teraniro rigirwa ku w’iyinga no ku wa mbere.

Abantu 33 bari batumiwe baranezerejwe no kwumva ko bagira bafate urugendo rwari kubashikana muri iryo zinga kugira ngo bagire uruhara mw’iteraniro ry’umuzunguruko rya mbere ryari kugirirwa mu karere kari kure cane. Bamaze umwanya munini mu ndege baca hejuru y’ibahari Pasifike, bararuhutse vy’ukuri igihe bakirwa n’abavukanyi bo muri iryo zinga bari babategereye ku kibuga c’indege. Abo batumire basanganijwe ibisharizo vyo kwambara mw’izosi bikozwe mu mashurwe. Mu nyuma barajanywe aho bari bateguriwe, maze bamaze gutembera gatoyi muri iryo zinga, abari kugira uruhara muri porogarama y’iteraniro bose baca bahurira ku Ngoro y’Ubwami.

Iteraniro rimenyekanishwa n’umuntu atari yitezwe

Igihe abatumire bamwebamwe bari mu muduga bagiye kw’iteraniro, baratangajwe no kwumva kw’iradiyo umupatiri wo muri ako karere avuga ibijanye n’urugendo rwabo. Yavuze yuko hariho ingenzi zaje ziva muri Amerika y’Epfo ziza guca mu ngo ziyaga ivyerekeye umuhero w’isi wimirije gushika. Naho yasavye abayoboke biwe ashimitse ngo ntibatege amatwi abo bashitsi, itangazo yatanze ryarafashije kumenyekanisha umugwi munini w’Ivyabona vya Yehova wari muri iryo zinga. Ivyo vyatumye ababa muri iryo zinga bipfuza kubona abo bantu. Mu misi yakurikiye, abo batumire babigiranye ubugenge barabwiye abo banyagihugu ubutumwa buremesha bwerekeye inkuru nziza.

Iteraniro ritangura

Ku musi w’iyinga mu gitondo, abavukanyi bo muri iryo zinga bari barindiririye mw’iyinjiriro ry’Ingoro y’Ubwami kugira ngo baze guha ikaze nya batumire bashitse kuri uwo musi wa mbere w’iryo teraniro. Bavuga bati: “Iorana Koe! Iorana Koe!”, bikaba bisobanura ngo “Kaze!”. Abavukanyikazi bamwebamwe bari bambaye impuzu ziranga imico kama yo muri iryo zinga kandi basharije umushatsi wabo bakoresheje amashurwe y’akaroruhore nk’uko bigirwa muri Polineziya.

Akaziki k’intango gaheze, abantu bashika kw’ijana barahurije hamwe amajwi yabo mu kuririmba ururirimbo ruvuga ngo “Shikama ntunyiganyige!”. Abavukanyi bo muri iryo zinga barakoroye amosozi igihe umuhagarikizi yabaha ikaze n’igishika mu rurimi kavukire rwabo rw’ikirapanuwi. Mu karuhuko k’inyuma y’ikiringo co mu gitondo, Ivyabona bashasha batatu baragereranije ukwiyegurira Imana kwabo mu kubatizwa mu mazi. Porogarama yo ku musi wa mbere irangiye, umuntu wese yariyumvisemwo ko yarushirije kwiyegereza Yehova be n’umuryango w’abavukanyi uri kw’isi.—1 Petero 5:9.

Ugushinga intahe mu gitondo

Kubera ibintu bidasanzwe vyabaye muri iryo zinga, porogarama yo ku musi ugira kabiri w’iteraniro ry’umuzunguruko yatanguye ku muhingamo. Ku bw’ivyo, nya batumire barungukiye kuri ako karyo maze barakoresha umwanya wo mu gitondo mu kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Ni ivyabonywe ibihe vyari bibarindiriye?

Hari umutamakazi umwe afise abana umunani b’abahungu n’abakobwa yabwiye ivyo Vyabona yuko adashobora kuvugana na bo kubera ko ari umugatolika. Bamaze kumubwira yuko bipfuza kuganira ku bijanye n’ingorane abantu bose bahanganye, nk’akarorero ukwihereza ibiyayura umutwe be n’ingorane zo mu rugo, yaciye yemera kubumviriza.

Hari umugore akuze wo muri ako karere yakiriye mu buryo butarimwo igishika umugabo n’umugore b’Ivyabona. Yababwiye kuja kubwira ubutumwa abantu baba muri Amerika y’Epfo bagirira abandi ivy’ubukazi burengeje urugero. Uwo mugore n’umugabo baramubwiye yuko “ubutumwa bgiza bg’ubwami” bushikirizwa abantu bose kandi yuko bazanywe muri iryo zinga no kwitaba iteraniro rigenewe gufasha abantu bose kurushiriza gukunda Imana (Matayo 24:14). Baramubajije nimba yoshima kwinovora ubuzima budahera ahantu h’iparadizo, hameze nko muri iryo zinga mugabo hatari indwara n’urupfu. Bamaze kumufasha kuzirikana ku myaka ibinogo vyazanywe n’ibirunga bimaze muri iryo zinga, yarazirikanye ku kuntu ubuzima ari bugufi maze ababaza ati: “Ni kubera iki tubaho igihe gito cane?”. Yaratangaye igihe yasoma Zaburi 90:10.

Muri ako kanya, ivyo Vyabona bagize batya, bagiye bumva abantu bariko baravugira mu muryango ukurikira bakankama. Kubera ko ivyo Vyabona batatahura ivyariko biravugwa, nya mugore yababwiye yuko ababanyi biwe bariko barabatuka bongera batomora yuko badashaka ko Ivyabona bobagendera. Ariko rero, uwo mugore yari uwo bita nua, ni ukuvuga umukobwa w’imfura mu muryango. Kubera ko se wiwe yari yarapfuye, ni we yari afise ibanga ryo gushinga icari kugirira akamaro uwo muryango. Imbere y’incuti ziwe, uwo mugore yaraburaniye nya Vyabona mu rurimi kavukire maze abigiranye ubuntu aremera ibisohokayandikiro bamuhaye. Haciye imisi nk’ingahe muri iyo ndwi nyene, igihe nya Vyabona bariko bararengana bari mu muduga, uwo mugore yasavye musazawe guhagarika uwo muduga. Naho uwo musazawe vyagaragaye ko bitamushimishije, nya mugore yararamukije ivyo Vyabona hanyuma abipfuriza kuroranirwa mu busuku bwabo.

Naho ababa muri iryo zinga babanje gusa n’abatera akagere ubutumwa bwamamazwa n’Ivyabona bo muri Amerika y’Epfo, abo bashitsi bariboneye yuko abanyagihugu bo muri Rapa Nui mu bisanzwe ari abantu bafise umutima mwiza kandi bakundana. Benshi muri bo barateze ugutwi inkuru nziza banezerewe. Nkako, Ivyabona 6 muri 20 babatijwe muri iryo zinga ni abanyagihugu baho. Umwe muri abo batandatu yize ukuri kwa Bibiliya yibereye mu cumba mu gukurikirana inyigisho ya Bibiliya yariko irongorerwa umukenyezi wiwe. We hamwe n’umukenyezi wiwe ubu ni Ivyabona babatijwe, uwo muvukanyi akaba kandi ari umukozi w’ishengero.

Porogarama yo mu vy’impwemu ibandanya

Ku muhingamo, ni ho porogarama y’umusi ugira kabiri yatangura. N’ico gihe nyene, ba bavukanyi 32 bo muri iryo zinga hamwe na ba batumire 33 bararonse abandi bantu batari bake bifatanya na bo. Abantu bashika hafi kw’ijana barateze ugutwi porogarama, dushizemwo n’insiguro y’icese yari ifise umutwe uvuga ngo “Ukuntu urukundo n’ukwizera bitsinda isi”. Kukaba nkako, abari ngaho bariko baribonera ikimenyamenya kizima c’urukundo rurangwa mu basavyi ba Yehova, eka mbere no mu badasangiye imico kama.—Yohana 13:35.

Mu gihe c’iryo teraniro ry’umuzunguruko, umucungezi w’umuzunguruko be n’umucungezi w’intara baragize inama bari kumwe n’abasuku b’abatsimvyi. Abatsimvyi basanzwe batatu bo muri iryo zinga bari baherekejwe n’abo mu batumire bari abatsimvyi basanzwe canke badasanzwe. Bose bararemeshejwe cane.

Ku wa kabiri, bamwebamwe mu bavukanyi bo muri iryo zinga bakora akazi ko gutembereza ingenzi baratembereje abo batumire muri iryo zinga. Baragendeye ahantu bimba amabuye aho vya bishusho vyitwa moai vyabarizwa, baragendera ahaba ibirunga aho hakaba ari ho habera amahiganwa ya kera, bongera baragendera umusenyi ukayangana uteye igomwe wo kw’isesero ry’ikiyaga ryitwa Anakenab.

Akaryo ka nyuma ko kuba kumwe n’abavukanyi bo muri iryo zinga kabaye Inyigisho y’igitabu y’ishengero. Ikoraniro riheze, Ivyabona bo ngaho baratangaje abashitsi babo mu kubaha imfungurwa zo muri iryo zinga. Mu nyuma, baratamvye intambo nziza cane bari mu mwambaro uranga abo muri iryo zinga. Abo batumire hamwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bo muri iryo zinga Rapa Nui barabonye yuko utwigoro twagizwe mu gutegura iryo teraniro tutabaye impfagusa.

Abari baje ari abatumire bose bariyumvisemwo yuko bafitaniye ubucuti bushika ibwina n’abo bavukanyi be n’abavukanyikazi baba mu karere ka kure, bari bamaranye indwi iteye akamwemwe. Ntibashaka kuva muri iryo zinga. Bazokwama nantaryo baha agaciro abo bagenzi bashasha bironkeye hamwe n’indemesho yo mu vy’impwemu baronse. Bari ku kibuga c’indege, abavukanyi bo muri iryo zinga barambitse abo batumire mw’izosi ibidede bikozwe mu biruka vyo mu mazi bari bahinguye.

Abo batumire basubiye inyuma, batanze umuhango ugira uti: “Iorana! Iau he hoki mai e Rapa Nui ee”, bikaba bisobanura ngo: “Ni agasaga! Nzogaruka muri wewe, Rapa Nui”. Egome, barashashaye gusubira kugendera abagenzi babo bashasha bakaba n’abiyongereye ku muryango wabo wo mu buryo bw’impwemu bo mw’izinga ry’agatangaza, riri ukwa ryonyene kandi ridasanzwe ryitwa île de Pâques ririmwo abantu b’umutima mwiza!

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ruheshi 2000, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Ku kirunga Rano Raraku, ku kinogo casigaye ahaciye ibirunga, hariho ibishusho vyinshi bibajwe ku bitandara. Aho ni ho ihiganwa ryahuza abantu baba bipfuza gutwara iryo zinga ryatangurira. Iryo higanwa ryari rigizwe n’ibi bintu: kumanuka igitandara, kwoga ugashika kuri rimwe mu mazinga matomato y’aho, kurondera irigi ry’inyoni imwe yo muri ako karere, kugaruka kuri iryo zinga woga, hanyuma ukurira ca gitandara ufise rya rigi, ukarishikana ritamenetse.

[Uruzitiro ku rup. 24]

Gushinga intahe mw’izinga île de Pâques

Imyaka nk’ibiri imbere y’uko iryo teraniro ry’intibagirwa riba, umucungezi w’umuzunguruko hamwe n’umukenyezi wiwe baragendeye iryo zinga maze baribonera ibintu biteye umunezero. Nk’akarorero, iyumvire ukuntu batangaye igihe umuvukanyikazi yabajanye kubereka aho bashikira yabibutsa yuko bari bariganye na we Bibiliya mu bumanuko bwa Chili igihe yari akiri umuyabaga hakaba hari haheze nk’imyaka 16. Mu nyuma urwo rubuto rwaramye ivyamwa mw’izinga Rapa Nui.

Bariboneye kandi iki kintu gitwengeje: Nyene imangazini idandaza ibintu vy’utugenegene yaremeye Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau be na ca gitabu gifasha kwiga Bibiliya ari co Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, ivyo vyompi bikaba vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Basubiye kumugendera, yababwiye yuko vyamugoye gusoma iyo Bibiliya. Bari bamusigiye Bibiliya y’igifaransa, aho kumusigira iy’igisupanyoli! Iyo ngorane yaciye itorerwa umuti bidatevye, maze, afashijwe n’Ivyabona bo muri ako karere, tutibagiye kandi na Bibiliya yo mu rurimi rwiwe, asanga Bibiliya itari igoye gutahura na gato.

[Ikarata ku rup. 22]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

ÎLE DE PÂQUES

CHILI

[Amafoto ku rup. 23]

Babiri muri bamwe babatizwa kuri rya teraniro ry’umuzunguruko

[Amafoto ku rup. 25]

Umudugo w’ikirunga ca Rano Raraku; agafoto kongeweko: Amapera yo mw’ishamba bita guayaba aramera muri iryo zinga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika