Yemwe miryango y’abakirisu, ‘nimugume murikanuye’
“Tugume turikanuye kandi tuzigame ubwenge bwacu.”—1 TES. 5:6.
1, 2. Hasabwa iki kugira ngo umuryango munaka ushobore kuguma urikanuye mu vy’impwemu?
MU KWEREKEZA kuri “wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova,” intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Tesalonika ati: “Bene wacu, ntimuri mu mwiza ngo uwo musi uze ubahwikire nk’uko wohwikira ibisuma, kuko mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntituri ab’ijoro canke ab’umwiza.” Paulo yongeyeko ati: “Nuko rero, ntidusinzire nk’uko abandi bagira, ahubwo tugume turikanuye kandi tuzigame ubwenge bwacu.”—Yow. 2:31; 1 Tes. 5:4-6.
2 Iyo mpanuro Paulo yahaye Abatesalonika irabereye cane ku bakirisu babayeho mu “gihe c’iherezo.” (Dan. 12:4) Uko iherezo ry’isi mbi ya Shetani ryegereza, ni ko yiyemeza gukora uko ashoboye kwose kugira ngo atume abasenga Imana b’ukuri benshi bareka kuyikorera. Twoba rero tubaye inkerebutsi dufashe nka nkama iyo mpanuro Paulo yatanze yo kuguma turi maso mu vy’impwemu. Kugira ngo umuryango munaka w’abakirisu ushobore kuguma urikanuye, birahambaye ko umwe wese mu bawugize yitwararika ibanga ajejwe rishingiye ku Vyanditswe. None ni uruhara uruhe abagabo, abagore be n’abana barangura mu bijanye no gutuma imiryango yabo ‘iguma irikanuye’?
Yemwe bagabo, nimwigane wa “Mwungere w’agahebuza”
3. Twisunze ibivugwa muri 1 Timoteyo 5:8, ibanga umugabo ajejwe ryo kuba umutwe w’urugo ririmwo n’iki?
3 Bibiliya ivuga iti: “Umutwe w’umugore . . . ni umugabo.” (1 Kor. 11:3) None ibanga umugabo ajejwe ryo kuba umutwe w’urugo ririmwo ibiki? Mu kwerekana kimwe mu bintu bigize ibanga ryo kuba umutwe, Ivyanditswe bivuga biti: “Nimba umuntu ataronsa abiwe ivyo bakeneye, na canecane abo mu rugo rwiwe, aba yihakanye ukwizera kandi aba abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera.” (1 Tim. 5:8) Egome, umugabo akwiye kuronsa umuryango wiwe ibintu vy’umubiri ukeneye. Ariko rero, kugira ngo awufashe kuguma urikanuye mu vy’impwemu, ategerezwa gukora n’ibindi uretse gusa kubaronsa ivyo bafungura. Arakeneye kwubaka urugo rwiwe mu vy’impwemu, agafasha abagize umuryango bose gukomeza ubucuti bafitaniye n’Imana. (Imig. 24:3, 4) None ivyo yobigira gute?
4. Ni igiki cofasha umugabo kuroranirwa mu bijanye no kwubaka urugo rwiwe mu vy’impwemu?
4 Kubera ko “umugabo ari umutwe w’umugore wiwe nk’uko na Kristu ari umutwe w’ishengero,” umugabo yubatse arakwiye gusuzuma ukuntu Yezu arangura ibanga ajejwe ryo kuba umutwe w’ishengero maze akamwigana. (Ef. 5:23) Rimbura ukuntu Yezu yadondoye ubucuti yari afitaniye n’abayoboke biwe. (Soma Yohani 10:14, 15.) Ni igiki none cotuma umugabo ashaka kwubaka urugo rwiwe mu vy’impwemu aroranirwa? Ni ukwiga ivyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze bwa “mwungere w’agahebuza,” maze ‘agakurikira neza intambuko ziwe.’—1 Pet. 2:21.
5. Wa Mwungere w’agahebuza azi ukungana iki ishengero?
5 Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ubucuti buri hagati y’umwungere n’intama ziwe bushingiye ku bumenyi no ku kwizigira. Umwungere aramenya ibintu vyose vyerekeye intama ziwe, intama na zo zikamenya uwo mwungere kandi zikamwizigira. Ziramenya ijwi ryiwe kandi zikarigamburuka. Yezu yavuze ati: “Ndazi intama zanje, n’intama zanje ziranzi.” Arazi ishengero ryiwe mu buryo bugera kure. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ng’aho ngo ‘kumenya’ ryerekeza ku kumenya “ikintu ukwaco kandi ukakimenya neza cane.” Egome, wa Mwungere w’agahebuza arazi intama ziwe imwimwe ukwayo. Arazi ivyo imwimwe yose ikeneye, aho igoyagoya be n’aho ikomeye. Karorero wacu, nta kintu na kimwe cerekeye intama ziwe atazi. Izo ntama na zo zirazi neza uwo mwungere kandi zirizigira ubuyobozi aziha.
6. Abagabo bashobora gute kwigana wa Mwungere w’agahebuza?
6 Kugira ngo umugabo ashitse ibanga ajejwe ryo kuba umutwe mu kwigana Kristu, ategerezwa kubona ko ari umwungere, abo ajejwe na bo akabona ko ari intama. Akwiye kwihatira kumenya neza cane umuryango wiwe. Umugabo yoba vy’ukuri ashobora kuwumenya? Egome birashoboka, mu gihe aseruriranira akari ku mutima neza n’abagize umuryango wiwe bose, akumviriza ibibaraje ishinga, akaja imbere mu bikorwa umuryango ukora, kandi akitwararika ivyo gufata ingingo zibereye zijanye na mwene ibi bintu nk’ugusenga kwo mu muryango, ukwitaba amakoraniro, umurimo wo mu ndimiro, ukwiruhura be n’ukwisamaza. Igihe umugabo mukirisu atitwararika gusa ivyo kwiga Ijambo ry’Imana ariko kandi akihatira kumenya neza abo ajejwe, birashoboka rwose yuko abagize umuryango wiwe bazokwizigira ubukuru bwiwe be n’uko azohimbarwa no kubabona baguma bunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri.
7, 8. Umugabo ashobora gute kwigana wa Mwungere w’agahebuza mu bijanye no kwiyumvamwo abo ajejwe?
7 Umwungere mwiza ariyumvamwo kandi intama ziwe. Igihe twize inkuru zo mu Njili zivuga ubuzima bwa Yezu n’ubusuku yaranguye, turavyurirwa umutima wo gukenguruka ukuntu Yezu yiyumvamwo abigishwa biwe. Mbere ‘yariguze intama.’ Abagabo barakwiye kwigana Yezu mu kwiyumvamwo abo bajejwe. Aho gutwaza igikenye umugore wiwe, umugabo yipfuza gushimwa n’Imana arabandanya kumukunda “nk’uko na Kristu yakunze ishengero.” (Ef. 5:25) Ivyo avuga bikwiye kurangwa n’ubuntu be n’ubwitwararitsi, kubera ko umugore wiwe abereye guterwa iteka.—1 Pet. 3:7.
8 Igihe serugo yigisha abana biwe, arakwiye gushigikira ashikamye ingingo ngenderwako ziva ku Mana. Ariko rero, ntakwiye kureka kubiyumvamwo. Akwiye kubatoza indero bakeneye abigiranye urukundo. Abana bamwebamwe boshobora kuba bakeneye igihe kirekire kuruta abandi kugira ngo batahure ico abavyeyi babo babitezeko. Igihe ibintu vyifashe gutyo, sebibondo arakwiye kurushiriza kubihanganira. Igihe abagabo bakurikije akarorero ka Yezu mu kwirinda kuba ba mahindagu, baratuma i muhira haba ahantu hatagira inkomanzi. Imiryango yabo irironkera umutekano wo mu buryo bw’impwemu umeze nk’umwe umwanditsi wa Zaburi yaririmba.—Soma Zaburi 23:1-6.
9. Nka kurya kw’umwe sekuruza w’imiryango Nowa, abagabo b’abakirisu bajejwe ibanga irihe, kandi ni igiki kizobafasha kurishitsa?
9 Umwe sekuruza w’imiryango Nowa yabayeho mu gihe isi yo mu misi yiwe yari mu kuvaho. Mugabo Yehova “[yaramuzigamye] . . . hamwe n’abandi indwi igihe yazana umwuzure kw’isi y’abantu batibanga Imana.” (2 Pet. 2:5) Nowa yari ajejwe ibanga ryo gufasha umuryango wiwe kurokoka iryo Segenya. Ukwo nyene ni ko ba serugo b’abakirisu babwirizwa kubigenza muri iyi misi ya nyuma. (Mat. 24:37) Ese ukuntu bihambaye ko biga akarorero ka wa “mwungere w’agahebuza” maze bakihatira kumwigana!
Yemwe bagore, ‘nimwubake urugo rwanyu’
10. Kuba umugore abwirizwa kuyobokera umugabo wiwe bisobanura iki?
10 Intumwa Paulo yanditse ati: “Abagore bayobokere abagabo babo nk’uko bayobokera Umukama.” (Ef. 5:22) Ayo majambo ntashaka kwerekana na gato yuko bafise ikibanza kidateye iteka. Imbere y’uko Imana y’ukuri irema umugore wa mbere Eva, yavuze iti: “Si vyiza ko uyu muntu aguma ari wenyene. Ngiye kumukorera umufasha bikwiranye.” (Ita. 2:18) Uruhara rwo kuba “umufasha bikwiranye,” ni ukuvuga urwo gushigikira umugabo wiwe uko yitwararika amabanga ajejwe mu muryango, rurateye iteka vy’ukuri.
11. Ni mu buryo ki umugore w’intangakarorero ‘yubaka urugo rwiwe’?
11 Umugore w’intangakarorero arondera ineza y’urugo rwiwe. (Soma Imigani 14:1.) Umugore w’inkerebutsi aratandukanye n’uw’igipfu, uno akaba akengera indinganizo yerekeye ubukuru, kuko wewe yubaha bimwe bigera kure iyo ntunganyo. Aho kugaragaza agatima k’ukugambarara n’ukwigenga karanga isi, arayobokera uwo bubakanye. (Ef. 2:2) Umugore w’igipfu ntatinya kuvuga nabi umugabo wiwe, mu gihe umugore w’inkerebutsi wewe arondera kwongereza icubahiro abana biwe be n’abandi bafitiye umugabo wiwe. Umugore bene uwo ariyubara kugira ngo ntatume ubukuru bw’umugabo wiwe bukengereka mu kumuremēra canke mu kumuhaririza. Vyongeye, usanga ari umuntu azi kuziganya. Umugore w’igipfu arakunda gusesagura itunga umuryango wabiriye akuya. Umugore ashigikirana wewe si uko ameze. Arasenyera ku mugozi umwe n’umugabo wiwe mu bijanye n’amahera. Usanga ari umuntu akorana ukwiyubara kandi azi kuziganya. Ntaremēra umugabo wiwe mu kumusaba gukora umwanya wiyongereye.
12. Umugore yokora iki kugira ngo afashe umuryango wiwe ‘kuguma urikanuye’?
12 Umugore w’intangakarorero arafasha umuryango wiwe ‘kuguma urikanuye’ mu gusahiriza umugabo wiwe mu bijanye no kwigisha abana biwe mu vy’impwemu. (Imig. 1:8) Arashigikira yivuye inyuma porogarama y’Ugusenga kwo mu muryango. Vyongeye, arashigikira umugabo wiwe igihe uno ahanura abana babo be n’igihe abatoza indero. Ese ukuntu atandukanye cane n’umugore adasenyera ku mugozi umwe n’abandi, uwo abana biwe bamererwa nabi ku mubiri no mu buryo bw’impwemu!
13. Ni kubera iki bihambaye ko umugore ashigikira umugabo wiwe igihe agira uruhara ruboneka mu bikorwa vya gitewokarasi?
13 Umugore ashigikirana yiyumva gute ku bijanye no kubona umugabo wiwe agira uruhara ruboneka mw’ishengero rya gikirisu? Emwe, akamwemwe karamusya! Umugabo wiwe yaba ari umukozi w’ishengero, umukurambere, canke kumbure ari mu bagize Komite ijejwe kuja inama n’ibitaro canke Komite ijejwe ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami, uwo mugore arahimbarwa n’ako gateka. Kugira ngo ashigikire yivuye inyuma umugabo wiwe mu majambo no mu bikorwa, bizosaba vy’ukuri ko agira akigoro. Mugabo arazi yuko kuba umugabo wiwe agira uruhara mu bikorwa vya gitewokarasi, bifasha umuryango wose kuguma urikanuye mu vy’impwemu.
14. (a) Ni igiki gishobora kubera urugamba umugore ashigikirana, kandi urwo rugamba yorutsinda gute? (b) Umugore afasha gute mu vyo gutuma umuryango wose umererwa neza?
14 Umugore birashobora kumubera urugamba kuba intangakarorero mu bijanye no gushigikira umugabo wiwe igihe uno afashe ingingo atemera. N’ico gihe nyene, aragaragaza “umutima utekereje kandi witonda” maze agasenyera ku mugozi umwe na we kugira ngo ingingo yafashe igende neza. (1 Pet. 3:4) Umugore mwiza aragerageza gukurikiza uburorero bwiza bw’abagore ba kera batinya Imana, nka Sara, Rusi, Abigayili na nyina wa Yezu ari we Mariya maze akabukurikiza. (1 Pet. 3:5, 6) Arigana kandi abagore bamuruta bo muri iki gihe bafise “inyifato y’abantu batinya Imana.” (Tito 2:3, 4) Mu kugaragariza umugabo wiwe urukundo n’icubahiro, umugore w’intangakarorero arafasha cane mu vyo gutuma umubano w’ababiranye uroranirwa no mu vyo gutuma umuryango wose umererwa neza. Mu rugo iwabo usanga ari ahantu harangwa uguhumurizwa kandi hatagira inkomanzi. Umugore ashigikirana ni uw’agaciro ntangere ku mugabo yitwararika ivy’impwemu!—Imig. 18:22.
Yemwe rwaruka, ‘nimugumize amaso yanyu ku bitaboneka’
15. Abakiri bato bashobora gute gufashanya n’abavyeyi babo kugira ngo umuryango wabo ‘uzogume urikanuye’?
15 Mwebwe abakiri bato, mushobora gute gufashanya n’abavyeyi banyu kugira ngo umuryango wanyu ‘uzogume urikanuye’ mu vy’impwemu? Rimbura agashimwe Yehova yabashize imbere. Kumbure kuva mu bwana, abavyeyi bawe barakwereka amashusho yerekana ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’Iparadizo. Uko wagenda urakura, birashoboka ko bakoresha Bibiliya n’ibisohokayandikiro vya gikirisu kugira ngo bagufashe kwiha ishusho y’ukuntu ubuzima budahera buzoba bumeze mw’isi nshasha. Kuguma witwararika umurimo urangurira Yehova no gutegekanya ukuntu uzokoresha ubuzima bwawe wisunze ivyo, bizogufasha ‘kuguma urikanuye.’
16, 17. Urwaruka rwokora iki kugira ngo ruroranirwe mu vyo kwiruka rusiganirwa ubuzima?
16 Nufate nkama amajambo y’intumwa Paulo dusanga muri 1 Abakorinto 9:24. (Soma.) Niwiruke mu gusiganirwa ubuzima ata yindi ntumbero ufise atari iyo gutahukana intsinzi. Nuhitemwo ingendo izotuma ushikira agashimwe k’ubuzima budahera. Benshi bararetse ivyo kwiruka inyuma y’amaronko biratuma batagumiza amaso yabo ku gashimwe. Mbega ubupfu! Gushira imbere ivyo kurondera itunga mu buzima ntibituma umuntu aronka agahimbare nyakuri. Ibintu dushobora kuronka dukoresheje amahera ni ivy’igihe gito. Ariko weho, nugumize amaso yawe ku “bitaboneka.” Uti kubera iki? Kubera yuko “ibitaboneka [ari] ivy’ibihe bidahera.”—2 Kor. 4:18.
17 Mu “bitaboneka” harimwo n’imihezagiro y’Ubwami. Nutegekanye kubaho mu buryo butuma uronka iyo mihezagiro. Kugira ngo uronke agahimbare nyakuri utegerezwa gukoresha ubuzima bwawe mu murimo wa Yehova. Gukorera Imana y’ukuri birakuronsa uturyo two kwishingira imigambi ushobora gushikako mu gihe gito hamwe n’iyo ushobora gushikako mu gihe kirekire.a Kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu ushobora gushikako birashobora kugufasha kuguma witwararika gukorera Imana ufise intumbero yo gushikira agashimwe k’ibihe bidahera.—1 Yoh. 2:17.
18, 19. Uwukiri muto ashobora gute kumenya ko ukuri yakugize ukwiwe?
18 Yemwe bakiri bato, intambwe ya mbere mwotera yobashikana mu nzira ijana mu buzima, ni ugufata ukuri mukakugira ukwanyu. Woba warateye iyo ntambwe? Niwibaze uti: ‘Noba ndi umuntu akomeye mu vy’impwemu, canke ngira uruhara mu bikorwa vy’impwemu ndabitumwe n’abavyeyi banje? Noba ntsimbataza kamere zituma mpimbara Imana? Noba ngira akigoro ko kuguma ngira uruhara mu bikorwa bijanye n’ugusenga kw’ukuri, nko kwama nsenga, niyigisha, nitaba amakoraniro no ku kwama nja mu busuku bwo mu ndimiro? Noba niyegereza Imana mu kugiranira na yo ubucuti somambike?’—Yak. 4:8.
19 Nuzirikane akarorero ka Musa. Naho Musa yabwirijwe kwisunga imico kama yo mu kindi gihugu, yahisemwo kwitwa umusavyi wa Yehova aho kwitwa umwana w’umukobwa wa Farawo. (Soma Abaheburayo 11:24-27.) Yemwe rwaruka rukirisu, namwe nyene mutegerezwa kwiyemeza gukorera Yehova mudahemuka. Nimwabigenza gutyo, muzoronka agahimbare nyakuri, ubuzima bwiza kuruta ubundi muri iki gihe mwongere mwizigire “[kuzocakira] ubuzima nyakuri.”—1 Tim. 6:19.
20. Ni bande baronka agashimwe muri kwa gusiganirwa ubuzima?
20 Mu nkino za kera, umwirutsi umwe gusa ni we yatahukana intsinzi. Ukwo si ko biri muri kwa gusiganirwa ubuzima. Imana igomba “ko abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4) Hari abantu benshi birutse imbere yawe maze bararoranirwa, abandi benshi na bo bakaba bariko bariruka bari kumwe nawe. (Heb. 12:1, 2) Abo bose badateshwa ngo bate ni bo bazoronka agashimwe. Niwiyemeze rero gutahukana intsinzi!
21. Ni ibiki bizorimburwa mu kiganiro gikurikira?
21 “Wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova” uzoza ata kabuza. (Mal. 4:5) Uwo musi ntuzohwikira imiryango y’abakirisu. Birahambaye cane yuko abagize umuryango bose bitwararika ibanga bajejwe rishingiye ku Vyanditswe. Ni ikindi kintu ikihe wokora kugira ngo ugume uri maso mu vy’impwemu wongere ukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana? Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ibintu bitatu bishobora gutuma umuryango wose uko ungana umererwa neza mu vy’impwemu.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2010, urupapuro rwa 12-16 n’uwo ku wa 15 Mukakaro 2004, urupapuro rwa 21-23.
Wize iki?
• Ni kubera iki bihambaye cane ko imiryango y’abakirisu ‘iguma irikanuye’?
• Umunega yokwigana gute wa Mwungere w’agahebuza?
• Umugore w’intangakarorero yokora iki kugira ngo ashigikire umugabo wiwe?
• Abakiri bato bashobora gute gufasha mu vyo gutuma imiryango yabo iguma irikanuye mu vy’impwemu?
[Ifoto ku rup. 9]
Umugore ashigikirana ni uw’agaciro ntangere ku mugabo akomeye mu vy’impwemu