Yari “umucungezi mwiza akaba n’umugenzi akundwa”
JOHN (JACK) BARR, uwari mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi ku wa gatandatu mu gitondo, igenekerezo rya 4 Kigarama 2010. Yari afise imyaka 97. Yavuzwe yuko yari “umucungezi mwiza akaba n’umugenzi akundwa.”
Umuvukanyi Jack Barr yavukiye i Aberdeen muri Ekose, akaba yari umuhererezi mu bana batatu. Abavyeyi biwe bompi bari mu barobanuwe. Umuvukanyi Barr yarakunda kuvugana igishika ibijanye n’ubuzima bwo mu muryango yagize akiri muto; yarakenguruka akarorero ntangere abavyeyi biwe yikundira bamuhaye.
Igihe Jack yashika mu myaka yiwe y’ubuyabaga, yaratanguye kubona ko kuvugisha abantu atazi cari ikintu kigoye cane. Ariko rero, yarakoze uko ashoboye kwose kugira atsinde iyo ngorane, maze umusi umwe ku w’iyinga ku muhingamo mu 1927, akaba yari afise imyaka 14, yaramenyesheje se wiwe yuko yiteguriye kumuherekeza mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu. Iyo ni yo yabaye intango y’imyaka myinshi yamaze mu murimo wa Yehova. Kuva uwo musi gushika apfuye, umuvukanyi Barr yagumye ari umwamamaji w’inkuru nziza w’umunyamwete.
Isanganya ribabaje ryahatswe guhitana nyina wiwe yikundira ryatumye uwo musore Jack azirikana ata gufyina ivyerekeye intumbero y’ubuzima, maze mu 1929 ariyegurira Yehova, akaba yarerekanye ko yiyeguye mu kubatizwa igihe yaronka akaryo ka mbere mu 1934. Mu nyuma mu 1939, yarabaye umwe mu bagize umuryango wa Beteli i Londres mu Bwongereza. Ukwo ni ko yatanguye umurimo w’igihe cose wamaze imyaka 71.
Ku wa 29 Gitugutu 1960, umuvukanyi Barr yarinjiye mu co yise “ubucuti bw’agaciro kadasanzwe” igihe yubakana na Mildred Willett, uno akaba yari yaramaze igihe kirekire ari umutsimvyi n’umumisiyonari w’umunyamwete. Umuvukanyi Barr n’umukenyezi wiwe Mildred bari bazwi ko ari abubakanye bihebeye Imana b’intangakarorero, kandi bagumye bameze gutyo gushika Mildred arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi muri Gitugutu 2004. Mu myaka yose umuvukanyi Barr n’umukenyezi wiwe bamaze bubakanye barasomera hamwe buri musi igihimba kinaka co muri Bibiliya.
Igihe cose abari bazi Jack Barr bazoba bumvise iryo zina, bazoca bibuka ko yari umugabo yatanga impanuro yiyumviriye neza, ni ukuvuga impanuro zama ziranga uburimbane n’ubuntu kandi zishingiye ku Vyanditswe. Yari umucungezi atarera amaboko, yitwararika abandi kandi akundana akaba n’umugenzi w’intahemuka. Insasanuro yatanga, insiguro yashikiriza be n’amasengesho yatura vyarahishura ko yari umuntu akomeye mu vy’impwemu kandi afitaniye na Yehova ubucuti somambike.
Naho tubabajwe n’uko umuvukanyi wacu mukundwa Barr atakiri kumwe natwe, turanezeranwa na we kuba yararonse ingabirano y’ukudapfa, ako kakaba ari agateka yari arindiranye igishika kandi yakunda kuvuga. Yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo akaronke.—1 Kor. 15:53, 54.a
[Akajambo k’epfo]
a Nimba wipfuza inkuru yigana ubuzima bwa John E. Barr, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Mukakaro 1987, urupapuro rwa 26 gushika 31.