Ku bw’urwaruka
Niwirinde impwemu mbi!
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.
1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA ITANGURIRO 6:1-6 N’IVYAKOZWE 19:11-20.
Dondora ukuntu wibaza ko Abanefilimu bari bameze ubaravye.
․․․․․
Wiyumvira ko abantu biyumvise gute igihe bahura n’impwemu mbi, nk’uko bidondorwa mu Vyakozwe 19:13-16?
․․․․․
2 NURUSHIRIZE KWIMBA.
Ukoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi ufise, nurondere kumenya n’ibindi ku bijanye n’Abanefilimu. Wiyumvira ko ari kubera iki bari inkazi gutyo?
․․․․․
Ni mu buryo ubuhe izo mpwemu mbi ‘zataye ahantu hazo ho kuba hazibereye’? (Soma Yuda 6.) Ku bwawe, ni kubera iki kuba barirondereye abagore b’abantu cari ikintu kidakorwa, mbere kitabereye na gato?
․․․․․
Izo nkuru zibiri usomye zikwereka gute yuko impwemu mbi zitwarwa cane n’ivy’igitsina be n’ubukazi?
․․․․․
3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Agatima k’ubukazi n’ubwikunzi impwemu mbi zifise.
․․․․․
UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.
Ko impwemu mbi zitagishobora kwiyambika imibiri y’abantu, ni nk’ibiki zocako kugira nawe zikwoshe nabi?
․․․․․
Ni uburyo bwo kwisamaza ubuhe muri kino gihe bugaragaza agatima k’impwemu mbi n’ivyo zikunda?
․․․․․
Wokwerekana gute ko wiyemeje kunanira akosho k’impwemu mbi? (Subira usome Ivyakozwe 19:18, 19.)
․․․․․
4 NI IMICE IYIHE Y’IZI NKURU IHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
․․․․․
Nimba udafise Bibiliya, nuyisabe Ivyabona vya Yehova canke uyisome ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org