Iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu
“Iryo ni ryo ragi ry’abasavyi ba Yehova.”—YES. 54:17, Byington.
1. Ni igiki Yehova yazigamye abigiranye urukundo ku bw’ineza y’abantu?
YEHOVA, “ya Mana nzima kandi yamaho,” yarazigamye ku bw’ineza y’abantu ubutumwa butanga ubuzima. Buzokwamaho ata kabuza, kuko “ijambo rya Yehova ryamaho ibihe vyose.” (1 Pet. 1:23-25) Ese ukuntu dukenguruka kuba Yehova yarazigamye abigiranye urukundo ayo makuru ahambaye mw’Ijambo ryiwe ryanditse ari ryo Bibiliya!
2. Ni igiki Imana yazigamye mw’Ijambo ryayo ryanditse kugira ngo abasavyi bayo bagikoreshe?
2 Mw’Ijambo ryayo, Imana yarazigamye izina yiyise kugira ngo abasavyi bayo barikoreshe. Ivyanditswe bivuga ari bwo bwa mbere “Yehova Imana” mu nkuru ya “kahise k’amajuru n’isi.” (Ita. 2:4) Izina ry’Imana ryaranditswe incuro zitari nke mu buryo bw’igitangaro kuri vya bisate vy’amabuye vyariko ya Mabwirizwa Cumi. Nk’akarorero, ibwirizwa rya mbere ryatangura ngo: “Ndi Yehova Imana yawe.” (Kuv. 20:1-17) Izina ry’Imana ribandanya kubaho kubera ko Umukama Segaba Yehova yazigamye Ijambo ryiwe n’izina ryiwe naho Shetani yakoze uko ashoboye kwose kugira ngo abizimanganye.—Zab. 73:28.
3. Naho ibinyoma vy’amadini vyiraye, ni ibiki Imana yazigamye?
3 Yehova yarazigamye kandi ukuri mw’Ijambo ryiwe. Naho ibinyoma vy’amadini vyiraye mw’isi, ese ukuntu dukenguruka kuba Imana yaraduhaye umuco n’ukuri vyo mu buryo bw’impwemu! (Soma Zaburi 43:3, 4.) Mu gihe abantu amasinzi bagendera mu mwiza, twebwe turahimbarwa no kuguma tugendera mu muco wo mu buryo bw’impwemu twahawe n’Imana.—1 Yoh. 1:6, 7.
TURAFISE IRAGI TUBWIRIZWA GUHA AGACIRO
4, 5. Ni agateka kadasanzwe akahe twatewe kuva mu mwaka wa 1931?
4 Twebwe abakirisu, turafise iragi ry’agaciro. Kazinduzi imwe (Collins Cobuild English Dictionary) ivuga iti: “Iragi ry’igihugu ni kamere zose, imigenzo yose canke ibintu vyose bigize ubuzima muri ico gihugu vyabandanije kubaho imyaka myinshi kandi vyagiye birahanahanwa uko amayaruka yagiye arakurikirana.” Mw’iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu, harimwo umuhezagiro wo kwironkera ubumenyi butagiramwo amakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana be n’ugutahura neza ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo. Harimwo kandi agateka kadasanzwe.
Twarahimbawe no kwitwa Ivyabona vya Yehova kw’ihwaniro twagize mu 1931
5 Ako gateka kabaye kimwe mu bigize intoranwa yacu yo mu buryo bw’impwemu kw’ihwaniro twagiriye i Columbus muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1931. Ku gapapuro ka porogarama hariko indome “JW,” ni ukuvuga Ivyabona vya Yehova. Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Abantu baratanze ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’ico izo ndome zasobanura.” Twari tumaze igihe twitwa Abatohoji ba Bibiliya, mugabo twaratanguye kwitwa Ivyabona vya Yehova (Jehovah’s Witnesses mu congereza) biciye ku mwiyemezo twagize ku w’iyinga, igenekerezo rya 26 Mukakaro 1931. Vyari biteye umunezero kwitwa iryo zina rishingiye ku Vyanditswe. (Soma Yesaya 43:12.) Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Sinzokwigera nibagira akamo n’amashi vyinshi cane vyumvikanira muri ico kibanza twari dukoraniyemwo, vyisubiriza.” Nta wundi muntu n’umwe mw’isi yipfuza iryo zina, mugabo Imana yaraduhezagiye mu kuba tumaze imyaka irenga 80 turikoresha. Ese ukuntu kuba Ivyabona vya Yehova ari agateka kadasanzwe!
6. Iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu ririmwo amakuru ayahe atagiramwo amakosa?
6 Iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu ririmwo amakuru menshi atagiramwo amakosa kandi y’agaciro yo muri kahise. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye Aburahamu, Izahaki na Yakobo. Abo ba sokuruza b’imiryango hamwe n’imiryango yabo bategerezwa kuba barayaga ku bijanye n’ukuntu bohimbara Yehova. Ntibitangaje rero kuba wa mugororotsi Yozefu yariyamirije ubuhumbu kugira ngo ‘ntacumure ku Mana.’ (Ita. 39:7-9) Ivyashikirijwe abakirisu na vyo nyene vyagiye birahanahanwa ku munwa canke biciye ku karorero. Muri ivyo harimwo ivyerekeye Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, ivyo intumwa Paulo yashikirije amashengero ya gikirisu. (1 Kor. 11:2, 23) Muri iki gihe, amakuru y’ido n’ido dukeneye kugira ngo dusenge Imana “mu mpwemu no mu kuri” ari mu bigize Ijambo ryayo ryanditse. (Soma Yohani 4:23, 24.) Bibiliya igenewe kwigisha abantu bose, mugabo twebwe abasavyi ba Yehova ni twe canecane tuyiha agaciro.
7. Iragi ryacu ririmwo umuhango weza umutima uwuhe?
7 Mu bigize iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu harimwo inkuru ziheruka gusohorwa zerekana ko “Yehova ari ku ruhande rwa[cu].” (Zab. 118:7) Ivyo bituma twumva dutekaniwe, mbere n’igihe turiko turahamwa. Umuce weza umutima w’iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu riguma ryongerekana, ni uwu muhango ugira uti: “‘Ikirwanisho ico ari co cose kizocurirwa kukurwanya ntikizororanirwa, kandi ururimi urwo ari rwo rwose ruzoguhagurukira mu rubanza, uzorutsindisha. Iyo ni yo ntoranwa [ari ryo “ragi,” By] y’abasavyi ba Yehova, kandi ubugororotsi bwabo buva kuri jewe,’ ni ko Yehova avuze.” (Yes. 54:17) Nta na kimwe mu birwanisho vya Shetani gishobora kutugirira nabi ibihe vyose.
8. Twihweza iki muri iki kiganiro no mu gikurikira?
8 Shetani yaragerageje kuzimanganya Ijambo ry’Imana, izina Yehova be n’ukuri. Mugabo nta co avuze na gato imbere ya Yehova, uwahinduye ubusa utwo twigoro twose. Muri iki kiganiro no mu gikurikira, tuzokwihweza (1) ukuntu Imana yazigamye Ijambo ryayo; (2) ukuntu Yehova yitwararitse ivy’uko izina ryiwe rizigamwa; (3) ukuntu Data wa twese wo mw’ijuru ari we Sôko ry’ukuri dufise akaba ari na we akuzigama.
YEHOVA YARAZIGAMYE IJAMBO RYIWE
9-11. Ni uburorero ubuhe bwerekana ko Bibiliya yarokotse naho yarwanijwe mu buryo butandukanye?
9 Yehova yarakingiye Ijambo ryiwe ibintu vyose vyarondera kurizimanganya. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi c’Abagatolika (Enciclopedia Cattolica) kigira giti: “Mu 1229, Inama y’i Tarracone yarabujije abayoboke ba Ekleziya kuzikoresha [ni ukuvuga Bibiliya ziri mu ndimi abantu bamenyereye] kugira ngo barwanye Abalubijwa n’Abavodwa . . . Ikoraniro ryabereye i Tarragona muri Espanye mu 1234 rihagarikiwe na James wa mbere ryarasohoye itegeko nk’iryo. . . . Icicaro gikuru ca Ekleziya cagiye muri ico kibazo ari bwo bwa mbere mu 1559, igihe urutonde rw’ibitabu bibujijwe rwa Paulo wa kane rwabuza abantu gucapura no gutunga B[ibiliya] zo mu ndimi bamenyereye, bataronse uruhusha ruvuye ku Biro vyeranda.”
10 Naho Bibiliya yarwanijwe mu buryo butandukanye, yarazigamwe. Nko mu 1382, John Wycliffe be n’abo bari bafatanije barasohoye Bibiliya ya mbere mu congereza. Uwundi muntu yahinduye Bibiliya yari William Tyndale, uno akaba yishwe mu 1536. Aboheye ku giti, yaguma asemerera ati: “Mukama, ugurura amaso y’umwami w’Ubwongereza.” Yaciye anigwa hanyuma araturirwa.
11 Bibiliya yararokotse naho yarwanijwe. Nk’akarorero, mu 1535 harasohotse Bibiliya y’icongereza yahinduwe na Miles Coverdale. Coverdale yakoresheje “Isezerano rishasha” be n’“Isezerano rya kera” kuva kw’Itanguriro gushika kuri Ngoma vyahinduwe na Tyndale. Yarahinduye kandi ibindi bice vy’Ivyanditswe abikura mu kilatini no muri Bibiliya y’ikidagi yahinduwe na Martin Luther. Muri iki gihe, Bibiliya y’isi nshasha irakundwa kubera ko yumvikana, itagiramwo amakosa, ikaba kandi ari ngirakamaro mu busuku bwacu. Turahimbarwa no kuba ata bubasha bw’amadayimoni canke bw’abantu buzokwigera bubuza Yehova kuzigama Ijambo ryiwe.
UKUNTU YEHOVA YAZIGAMYE IZINA RYIWE
Abantu nka Tyndale barahevye ubuzima bwabo ku bw’Ijambo ry’Imana
12. Ni uruhara uruhe Bibiliya y’isi nshasha irangura mu bijanye no kuzigama izina ry’Imana?
12 Yehova Imana yaritwararitse ivy’uko izina ryiwe rizigamwa mw’Ijambo ryiwe. Bibiliya y’isi nshasha iriko irarangura uruhara ruhambaye muri ivyo. Mu ntangamarara, komite y’iyo Bibiliya igizwe n’abahinduzi biyeguriye Imana yanditse iti: “Umuce w’iyi Bibiliya uhambaye kuruta iyindi yose ni uko izina ry’Imana ryasubijwe aho rikwiye kuba riri mu gisomwa ca Bibiliya. Ryasubirijwe incuro 6.973 mu Vyanditswe vy’igiheburayo n’incuro 237 mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, hakoreshejwe imero y’ikirundi yemewe na benshi, ari yo ‘Yehova.’” Ubu Bibiliya y’isi nshasha, yaba yose canke igice cayo, iraboneka mu ndimi zirenga 116, hakaba hamaze gucapurwa Bibiliya zirenga 178.545.862.
13. Ni kubera iki vyovugwa yuko abantu bamenye izina ry’Imana kuva bakiremwa?
13 Abantu bamenye izina ry’Imana kuva bakiremwa. Adamu na Eva bari barizi, kandi bari bazi kuryatura. Igihe Hamu yagaya se wiwe inyuma ya rya Segenya, Nowa yavuze ati: “Hahezagirwe Yehova, Imana ya Shemu, kandi Kanani [mwene Hamu] nacike umushumba wiwe.” (Ita. 4:1; 9:26) Imana ubwayo yavuze iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje.” Imana yavuze kandi iti: “Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho. Nta Mana iriho kiretse jewe.” (Yes. 42:8; 45:5) Yehova yaritwararitse ivy’uko izina ryiwe rizigamwa be n’uko rimenyeshwa abantu hirya no hino kw’isi. Ese ukuntu twatewe agateka ko gukoresha izina Yehova no kumukorera turi Ivyabona vyiwe! Ni nk’aho dusemerera duti: “Mw’izina ry’Imana yacu tuzoduza amabendera yacu.”—Zab. 20:5.
14. Uretse muri Bibiliya, ni hehe handi haboneka izina ry’Imana?
14 Izina ry’Imana ntiriboneka gusa muri Bibiliya. Rimbura ivyerekeye rya Buye ry’Abanyamowabu, iriri i Dhibân (Dibôn), ku bilometero 21 mu buseruko bw’Ikiyaga c’Umunyu. Iryo buye riravuga ibijanye n’Umwami Omuri wa Isirayeli be n’ukuntu Umwami Mesha w’Umunyamowabu yagararije Isirayeli. (1 Abm. 16:28; 2 Abm. 1:1; 3:4, 5) Mugabo iryo Buye ry’Abanyamowabu rihambaye canecane kubera ko ririko izina ry’Imana ryanditse muri za ndome zine z’igiheburayo zitwa Tetaragarama ari zo YHWH. Iyo Tetaragarama iraboneka kandi akatari gake mu makete ya Lakishi, izo zikaba ari injo zubuwe muri Isirayeli.
15. Septante ni iki, kandi yabonetse gute?
15 Abahinduzi ba Bibiliya bo mu ntango baragize uruhara mu bijanye no kuzigama izina ry’Imana. Inyuma y’aho Abayuda babereye inyagano i Babiloni guhera mu 607 B.G.C. gushika mu 537 B.G.C., benshi muri bo ntibasubiye muri Yuda no muri Isirayeli. Mu kinjana ca gatatu B.G.C., i Alegizandiriya mu Misiri haba Abayuda batari bake bari bakeneye impinduro y’Ivyanditswe vy’igiheburayo mu kigiriki, urwo rukaba rwari ururimi mpuzamakungu ico gihe. Iyo mpinduro, iyarangiye mu kinjana ca kabiri B.G.C., yitwa Septante. Bibiliya zimwezimwe z’iyo mpinduro zirimwo izina Yehova mu mero yaryo y’igiheburayo.
16. Tanga akarorero k’aho izina ry’Imana ryakoreshejwe mu gitabu casohowe ari bwo bwa mbere mu 1640.
16 Izina ry’Imana riraboneka mu gitabu kimwe c’Amazaburi (Bay Psalm Book), kikaba ari co gitabu ca mbere casohowe mu turere twa Amerika twatwarwa n’Abongereza. Integuro yaco ya mbere (iyacapuwe mu 1640) irimwo Amazaburi yahinduwe mu congereza cakoreshwa ico gihe, akuwe mu giheburayo. Irakoresha izina ry’Imana mu vyanditswe nka Zaburi 1:1, 2, ahavuga yuko “umuntu ahezagiwe” atagendera mu nama y’ababi, “mugabo ahimbarwa cane n’itegeko rya Iehovah (Yehova).” Ushaka ayandi makuru yerekeye izina ry’Imana, raba agatabu Le nom divin qui demeure à jamais.
YEHOVA AZIGAMA UKURI KWO MU BURYO BW’IMPWEMU
17, 18. (a) Wosigura gute ijambo “ukuri”? (b) “Ukuri kw’inkuru nziza” kugizwe n’iki?
17 Dukorera “Yehova [ya] Mana y’inyakuri” duhimbawe. (Zab. 31:5) Kazinduzi imwe (Collins Cobuild English Dictionary) igira iti: “Ukuri kwerekeye ikintu kinaka ni ibintu vyose vy’ukuri bicerekeye, aho kuba ibintu vyiyumviriwe canke vyaremaremwe.” Mu giheburayo co muri Bibiliya, ijambo rikunda guhindurwa ngo “ukuri” ryerekeza ku kintu c’ukuri, co kwizigirwa canke co kwizerwa. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ukuri” ryerekeza ku kintu gihuye n’ukuri canke ku kibereye kandi co.
18 Yehova yarazigamye ukuri kwo mu buryo bw’impwemu yongera aratuma turushiriza kuronka ubumenyi bwerekeye ukwo kuri. (2 Yoh. 1, 2) Tugenda turarushiriza gutahura ukuri, kuko “umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose.” (Imig. 4:18) Nkako, turemera bimwe bishitse ivyo Yezu yavuze, uwabwiye Imana mw’isengesho ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yoh. 17:17) Ijambo ry’Imana ryanditse ririmwo “ukuri kw’inkuru nziza,” kuno kukaba kugizwe n’inyigisho zose za gikirisu. (Gal. 2:14) Muri izo nyigisho harimwo n’ibintu vy’ukuri vyerekeye izina rya Yehova, ubusegaba bwiwe, inkuka y’incungu ya Yezu, izuka be n’Ubwami. Nimuze ubu na ho twihweze ukuntu Imana yazigamye ukuri naho Shetani yagerageje kukuzimanganya.
YEHOVA AHAGARIKA UMUGAMBI WO KUZIMANGANYA UKURI
19, 20. Nimurodi yari nde, kandi ni umugambi uwuhe ata co wavuyemwo mu gihe ciwe?
19 Inyuma ya rya Segenya, hariho imvugo igira iti: “Nka Nimurodi, umuhigi w’umunyenkomezi arwanya Yehova.” (Ita. 10:9) Kubera ko Nimurodi yarwanya Yehova Imana, ni nk’aho yasenga Shetani akaba yari ameze nka ba bantu barwanya Yezu, abo uno yabwiye ati: “Mwebwe muva kuri so Shetani, kandi mushaka gushitsa ivyipfuzo vya so. Uwo . . . ntiyashikamye mu kuri.”—Yoh. 8:44.
20 Akarere Nimurodi yatwara kari kagizwe na Babeli be n’ibindi bisagara vyari hagati y’uruzi Tigiri n’uruzi Efurate. (Ita. 10:10) Birashoboka ko ari we yahagarikiye iyubakwa rya Babeli be n’umunara waho, ivyatanguye nko mu 2269 B.G.C. Mu buryo buhushanye n’ivyo Yehova yagomba yuko abantu bakwiragira kw’isi, abo bubatsi bavuze bati: “Ingo twiyubakire igisagara be n’umunara w’isonga rishika mu majuru, twiheshe izina rurangiranwa, kugira ntiduhave dusanzara ku buringanire bwose bw’isi.” Mugabo vyarabaye ngombwa ko uwo mugambi uhagarara igihe Imana “yavurungan[ya] ururimi rw’isi yose” igasanzaza abo bantu bariko barubaka uwo munara. (Ita. 11:1-4, 8, 9) Nimba rero Shetani yari afise intumbero yo gutanguza idini rimwe kugira ngo abantu bose bamusenge, umugambi wiwe nta co wavuyemwo na gato. Kuva abantu batanguye kubaho, ugusenga Yehova kwaratsinze kandi uko bukeye uko bwije kuguma gutera imbere.
21, 22. (a) Ni kubera iki idini ry’ikinyoma ritigeze rigeramira bimwe bikomeye ugusenga kw’ukuri? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?
21 Idini ry’ikinyoma ntiryigeze rigeramira bimwe bikomeye ugusenga kw’ukuri. Uti kubera iki? Kubera ko wa Mwigisha wacu Ahambaye yitwararitse ivy’uko Ijambo ryiwe ryanditse rizigamwa, aratuma abantu baguma bazi izina ryiwe, yongera araba Isôko ridakama ry’ukuri kwo mu buryo bw’impwemu. (Yes. 30:20, 21) Gusenga Imana mu buryo buhuye n’ukuri bituma tugira umunezero, mugabo bisaba ko tuguma turi maso mu vy’impwemu, twiheka kuri Yehova bimwe bishitse kandi tugakurikiza ubuyobozi bw’impwemu nyeranda yiwe.
22 Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ukuntu inyigisho z’ikinyoma zimwezimwe zabayeho. Tuzobona ko zisenyuka igihe zisuzumwe hakoreshejwe Ivyanditswe. Vyongeye, tuzobona ukuntu wa Muzigamyi ruheta w’ukuri, ari we Yehova, yaduhezagiye mu kuturonsa inyigisho z’ukuri duha agaciro mu kubona ko ziri mu bigize iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu.