ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 15/12 rup. 4-5
  • Yehova arahezagira cane umutima ukunze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova arahezagira cane umutima ukunze
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • “Igikorwa ni kinini”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Dukenguruke ugutanga cane kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Umusesekara wabo warujurije ugukehanirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene twofasha mu vyo kuronsa abandi ivyo bakeneye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 15/12 rup. 4-5
Umuntu ariko aratanga intererano

Yehova arahezagira cane umutima ukunze

UMUREMYI wacu yarateye agateka abantu mu kubaha ingabirano y’agaciro y’ubushobozi bwo kwihitiramwo. Vyongeye, arahezagira cane abakoresha ata bwikunzi ubushobozi bwabo bwo kwihitiramwo mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri, bakarangura uruhara rwabo mu kweza izina ryiwe ryeranda kandi bagashigikira umugambi wiwe uhambaye. Yehova ntashaka ko tumugamburukira mu buryo bwo guheza umwuga kubera ubwoba canke agahato. Ahubwo nyabuna, araha agaciro cane abamuyobokera babikunze, babitumwe n’uko bamukunda vy’ukuri kandi bamukengurukira cane.

Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bari mu gahinga ka Sinayi, Yehova yarabasavye kwubaka ikibanza co gusengeramwo. Yavuze ati: “Nimutorere Yehova intererano muri mwebwe ubwanyu. Umuntu wese afise umutima ukunze nayizane ibe intererano ya Yehova.” (Kuv. 35:5) Umwisirayeli wese yari gutanga ivyo ashoboye. Intererano yose yari gutanga avyishakiye, yaba iyihe canke ingana gute, yarashobora gukoreshwa mu buryo bubereye kugira umugambi wa Yehova uranguke. None bavyakiriye gute?

“Umuntu wese umutima wiwe usunitse” be n’ “umuntu wese impwemu yiwe isunitse” yaratanze ishikanwa ritangwa ku bushake, eka “uwufise umutima ukunze wese.” Abagabo n’abagore baragize ico bazanye babikunze ku bw’igikorwa ca Yehova. Bazanye ibipengeri, amahereni, impeta, inzahabu, ifeza, umujumpu, inyuzi z’ubururu, ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, igitambara c’ibara ry’agahama, ilino nziza, ubwoya bw’impene, inshato z’impfizi y’intama zizize ibara ritukura, inshato z’ivyogaruzi, ibiti vy’iminyinya, amabuye y’agaciro, amavuta y’umusomozo be n’amavuta. Bahavuye basanga “nya bikoresho vyari bihagije ku bw’igikorwa cose co gukora, mbere vyari umurengera.”​—Kuv. 35:21-24, 27-29; 36:7.

Icatumye Yehova anezerwa cane si ibintu batanze, ahubwo ni umutima ukunze w’abo bantu bashigikiye ugusenga gutyoroye muri ubwo buryo. N’ikindi kandi, baravyuriwe umutima wo gutanga umwanya wabo n’inguvu zabo. Iyo nkuru igira iti: “Abagore bose b’umutima wuzuye ubukerebutsi barajish[e] n’amaboko yabo.” Emwe, “abagore bose umutima wabo usunitse bivuye ku bukerebutsi, [barajishe] bwa bwoya bw’impene.” Vyongeye, Yehova yarahaye Bezaleli “ubukerebutsi, n’ugutegera n’ubumenyi be n’ubwoko bwose bw’ubuhinga.” Nkako, Imana yarujuje Bezaleli na Oholiyabu ubukerebutsi bwari bukenewe kugira ngo bakore igikorwa cose bari bashinzwe.​—Kuv. 35:25, 26, 30-35.

Igihe Yehova yasaba Abisirayeli gutanga intererano, yari yizigiye cane ko “umuntu wese afise umutima ukunze” yoshigikiye ugusenga kw’ukuri. Na we yarahezagiye cane umutima ukunze bagaragaje mu kubaronsa ubuyobozi no mu gutuma bagira umunezero mwinshi. Gutyo, Yehova yarerekanye yuko igihe ahezagiye umutima ukunze w’abasavyi biwe, yitwararika ko baronka ibikoresho n’ubuhanga bikenewe kugira ivyo agomba biranguke. (Zab. 34:9) Niwakorera Yehova ata bwikunzi, ntazobura guhezagira umutima ukunze ugaragaza.

UKUNTU BAMWEBAMWE BAHITAMWO GUTANGA INTERERANO KU BW’IGIKORWA KIRANGURIRWA KW’ISI YOSE

Nk’uko vyari mu gihe c’intumwa Paulo, benshi muri iki gihe ‘barashira ikintu ku ruhande,’ ni ukuvuga bakaziganya igitigiri kinaka c’amahera bazoshira mu dusandugu tw’intererano twanditseko ngo “Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.” (1 Kor. 16:2) Buri kwezi, amashengero ararungika ayo mahera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bikorera mu gihugu akukira. Urashobora kandi kurungika intererano z’amahera ku rwego rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, ata handi ziriwe ziraca. Kugira ngo umenye izina ry’urwego nyamukuru rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, turagusavye ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye ico gihugu. Aderese y’ivyo biro vy’ishami woshobora kuyisanga ku muhora wo kuri internet www.pr418.com. Intererano ushobora kurungika ata handi ziriwe ziraca ni izi:

INTERERANO UMUNTU ATANGA BWEGU

  • Ni intererano zitangwa biciye ku buhinga bwa none bwo kubika no kubikura amahera muri banki. Mu mashami amwamwe birashoboka kandi ko ukoresha umuhora jw.org canke uwundi muhora wabigenewe.

  • Ni intererano z’amahera abona, ibintu vyo mu mabuye y’agaciro canke ikindi kintu c’agaciro umuntu atunze. Nuzirungikane ikete ryerekana ko ayo mahera canke ivyo bintu ari ivyo utanze bwegu.

INDINGANIZO Y’IVYO GUTANGA AMAHERA YOSHOBORA GUSUBIZWA

  • Ni indinganizo yo gutanga amahera yoshobora gusubizwa nyene kuyatanga mu gihe ayakeneye.

  • Nuyarungikane ikete ryerekana ko iyo ntererano ishobora gusubizwa.

KURINGANIZA IVYO GUTANGA UMUNTU AVYISHAKIYE

Uretse ingabirano z’amahera be n’ibintu vy’agaciro umuntu atunze, hariho ubundi buryo bwo gutanga intererano zo guteza imbere umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Ubwo buryo burerekanwa aho hepfo. Uburyo wipfuza gukoresha bwaba ari ubuhe, turagusavye ubanze ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye igihugu ubamwo kugira umenye ubukoreshwa muri ico gihugu. Kubera ko ibisabwa n’amategeko be n’amategeko agenga ivy’amatagisi usanga bitandukanye, birahambaye ko ubaza abatanga impanuro mu vy’amatagisi no mu vy’amategeko babishoboye imbere y’uko uhitamwo uburyo bwiza kuruta bwo gutanga intererano.

Soransi: Ni intererano zitangwa mu kwerekana mu buryo butomoye ko urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova ari rwo rwakira amahera ya soransi y’ubuzima bw’umuntu canke imbitso y’amahera umuntu azokwikorako mu gihe akukurutse.

Amakonte yo muri banki: Amakonte yo muri banki, impapuro zemeza amahera yabikishijwe muri banki, canke amakonte y’umuntu yakukurutse, birabikishirizwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova canke bigashingwa yuko bizohabwa urwo rwego nyenevyo apfuye, hisunzwe ibisabwa n’amabanki y’aho umuntu aba.

Umutahe umuntu afise ahantu be n’ivyete bitanga uburenganzira bwo kwakira amahera aho ayafise: Ivyo na vyo nyene vyoshobora guhabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova bwa ngabirano canke akaba ari rwo ruhabwa kuganza ibisigi vy’uwapfuye.

Itongo canke inzu: Itongo canke inzu bishobora kugurishwa, birahabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova, haba mu kubirugabira canke, mu gihe ari aho umuntu aba, nyene kubitanga agashobora gusigirwa aho aba arabaye, akabandanya kuhaba igihe cose asigaje kubaho.

Kuza uraronka amahera ku yo uba waratanzeko ingabirano: Amahera canke inzandiko zemeza ko umuntu ayafise ahantu zirahabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova, biciye ku ndinganizo y’uko nyene gutanga canke umuntu yagenywe na we, aronka amahera kanaka ku mwaka ku mwaka amufasha kubaho. Ku mwaka biba vyemejwe ko nyene gutanga ayo mahera agengwa n’iyo ndinganizo, aragabanirizwa amatagisi yahora ayatangako.

Ivyete vy’iragi be n’imbitso: Itongo canke amahera birashobora kuragwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova biciye ku cete c’iragi canditswe mu buryo bwemewe n’amategeko. Birashobora kandi kuragwa urwo rwego mu kwerekana mu buryo butomoye yuko ari rwo rugabiwe icete cemeza imbitso umuntu afise ahantu. Iyo ndinganizo irashobora gutuma umuntu akurwako amatagisi amwamwe.

Imvugo ngo “kuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye” yerekana ko nyene gutanga abanza kubitegekanya. Mu ntumbero yo gusahiriza abantu bipfuza guteza imbere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose biciye ku buryo bunaka bwo gutanga intererano, harateguwe agatabu mu congereza (Charitable Planning to Benefit Kingdom Service Worldwide) be no mu gisupanyoli kerekana ingene umuntu yotanga kugira ashigikire umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Ako gatabu kanditswe kugira ngo gatange amakuru ajanye n’uburyo butandukanye ingabirano zishobora gutangwa ubu canke mu nyuma, mu kuziraga ishirahamwe. Amakuru ari muri ako gatabu yoshobora kuba adahuye neza n’ukuntu ivyawe vyifashe kubera amategeko agenga amatagisi canke ayandi mategeko yo mu gihugu ubamwo. Ku bw’ivyo, umaze gusoma ako gatabu ukwiye kubiganira n’abaguha impanuro mu vy’amategeko canke mu vy’amatagisi. Mu gukoresha ubwo buryo bwo gutanga intererano, benshi barashoboye gushigikira ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose bijanye n’ivy’idini be n’ivy’ugufasha abari mu ngorane, muri ico gihe nyene bararushiriza kugabanirizwa amatagisi bariha. Nimba ako gatabu kaboneka mu gihugu ubamwo, urashobora kukaronka mu kugasaba umunyamabanga w’ishengero urimwo.

Wipfuza kumenya n’ibindi woshobora kwitura ibiro vy’ishami bihagarikiye igihugu ubamwo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika