ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/7 rup. 8-9
  • Amaganya kubera akaga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amaganya kubera akaga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • AKAMARO K’ISENGESHO
  • ICIZIGIRO CA KAZOZA
  • Amaganya ari hose!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Muterere amaganya yanyu yose kuri Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Ingene Bibiliya yofasha abagabo bafise amaganya
    Ibindi biganiro
  • Novyifatamwo gute ndi mu maganya?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/7 rup. 8-9

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOKORA IKI UFISE AMAGANYA?

Amaganya kubera akaga

Alona avuga ati: “Iyo numvise ingunga, umutima uca utangura kudihagizwa ngaca niruka kwinyegeza kugira nikinge ibombe. Ariko naho mba ninyegeje nguma mpagaritse umutima. Igihe ndi hanze hoho ni ibindi bindi, narirya ata hantu mba mbona nokwinyegeza. Umusi umwe ingunga yavuze ndi mw’ibarabara nca ntangura kurira biranka ko mpema. Vyansavye amasaha kugira ngo ntekane. Mugabo naciye numva isubiye kuvuga.”

Alona ahagaritse umutima kubera ko ikibombe gishobora guturika

Alona

Intambara ni kimwe gusa mu bintu vyinshi bituma abantu bageramirwa. Nk’akarorero, woshobora kwumva ukubiswe n’inkuba umenye ko wewe canke uwawe arwaye indwara ishobora kumuhitana. Abandi na bo baragira amaganya kubera batinya ivyobashikira muri kazoza. Baribaza bati: ‘Iyi si yuzuye intambara, ubukozi bw’ikibi, ukwonona ibidukikije, ihindagurika ry’ibihe be n’indwara z’ibiza ni yo abana bacu bazobamwo?’ Twovyifatamwo gute mu maganya nk’ayo?

Kubera ko ibintu bibi bishika, “umunyabwenge abonye icago arihisha.” (Imigani 27:12) Kurya nyene tugerageza gukingira umubiri wacu, turashobora no kugira ivyo dukoze kugira dukingire ubwenge bwacu n’umutima wacu. Amasinema n’udukino two kuri videwo birimwo ubukazi mbere n’amakuru arimwo amasanamu ateye ubwoba, biratuma twebwe ubwacu n’abana bacu turushiriza guhagarika umutima. Kwirinda kuraba mwene ivyo bintu ntibisobanura ko twiyobagiza amabi akorwa. Imana ntiyaduhaye ubwenge ngo tubushiremwo ibintu bibi. Ahubwo dukwiye kubwuzuzamwo ikintu cose ‘c’ukuri, kigororotse, kitanduye, co gukundwa.’ Tubigize, “ya Mana y’amahoro” izotuma dutekana mu bwenge no mu mutima.​—Abafilipi 4:8, 9.

AKAMARO K’ISENGESHO

Ukwizera kuradufasha kwihangana igihe dufise amaganya. Bibiliya iduhimiriza iti: “Mugume murikanuye ku bw’amasengesho.” (1 Petero 4:7) Turashobora gusaba Imana ngo idufashe yongere iduhe ubwenge n’umutima rugabo kugira tuvyifatemwo neza, twizigiye yuko “itwumva ku bijanye n’ico dusaba cose.”​—1 Yohani 5:15.

Avi na Alona bariko barasaba Imana ngo ibafashe

Ari kumwe n’umugabo wiwe Avi

Bibiliya irerekana yuko Shetani ari we “mutware w’iyi si” kandi ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (Yohani 12:31; 1 Yohani 5:19) Yezu rero ntiyariko avugira mu migani igihe yatwigisha gusenga dusaba Imana ngo “[i]turokore mu kudukiza wa mubisha.” (Matayo 6:13) Alona avuga ati: “Igihe cose numvise ingunga nca nsaba Yehova ngo amfashe gutekana. Vyongeye, umugabo wanje ahora aca anterefona tugasenga. Gusenga biramfasha cane.” Emwe ivyo Bibiliya ivuga ni ukuri! Igira iti: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose, hafi y’abamwambaza mu kuri bose.”​—Zaburi 145:18.

ICIZIGIRO CA KAZOZA

Muri ya Nsiguro Yezu yashikirije ku Musozi, yigishije abigishwa biwe gusenga basaba ngo “Ubwami bwawe nibuze.” (Matayo 6:10) Ubwami bw’Imana buzorandurana n’imizi ibintu vyose bitera amaganya. Biciye kuri Yezu wa “Muganwa w’amahoro,” Imana “[izo]hagarika intambara gushika ku mpera y’isi.” (Yesaya 9:6; Zaburi 46:9) Imana “[i]zoca imanza koko mu bisata vy’abantu vyinshi . . . Ntibazobangura inkota, ihanga ngo riyibangurire irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana. . . . Nta n’umwe azobajugumiza.” (Mika 4:3, 4) Abantu bahimbawe “bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo.” (Yesaya 65:21) “Kandi nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​—Yesaya 33:24.

Muri iki gihe, naho twokwiyubara gute, ntivyama vyashobotse ko twirinda ibintu “bishika giturumbuka” canke ingorane zodushikira kubera ko gusa bihuriranye n’uko twari ahantu zibereye. (Umusiguzi 9:11) Intambara, ubugizi bwa nabi be n’indwara biramaze imyaka n’iyindi bihitana abantu ata co bazira. None abo bantu bafise icizigiro ikihe?

Abantu amamiliyoni bapfuye bazosubira kubaho. Igitigiri cabo Imana yonyene ni yo ikizi kandi ntishobora kubibagira. Ubu barisinziririye gushika igihe ‘abari mu mva bose bazozivamwo.’ (Yohani 5:28, 29) Ku bijanye n’izuka, Bibiliya idukura amazinda iti: “Ico cizigiro tugifise nk’inanga y’ubwato y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga.” (Abaheburayo 6:19) Vyongeye Imana “yarahaye abantu bose ikimenyamenya mu kuba [yarazuye Yezu] mu bapfuye.”​—Ivyakozwe 17:31.

Magingo ivyo bitaraba, mbere n’abagerageza gukora ivyo Imana igomba ntibabura ibibatera amaganya. Paul, Janet, na Alona bariko baravyifatamwo neza mu maganya yabo kubera ko bateye intambwe ngirakamaro, bariyegereza Imana mw’isengesho bongera barakomeza icizigiro cabo ca kazoza. Ese nawe “ya Mana itanga icizigiro [yokwuzuza] akanyamuneza kose n’amahoro biciye ku kwemera kwa[we]” nk’uko na bo yabibagiriye.​—Abaroma 15:13.

Woba ukwiye kuja kwa muganga?

Hamwe woba wakoze ibishoboka vyose ariko ukaguma ufise amaganya vyoba vyiza wituye umuganga. Igihe amaganya agumye aba menshi gusumba ingorane ufise, woshobora kuba ufise ikibazo gikomeye. Kubera ko hari igihe amaganya aterwa n’indwara kanaka, umuganga yoshobora kubanza kugupima indwara zimwezimwe. Afatiye ku nyishu aronse yoshobora kugufasha guhitamwo ubundi buryo bwo kwivuza.a

a Iki kinyamakuru ntikiremesha abantu gukurikiza uburyo kanaka bwo kwivuza. Abakirisu bakwiye kuraba ko uburyo bwose bahitamwo kwivuza budateye kubiri n’impanuro zo muri Bibiliya. Raba n’ikiganiro kivuga ngo “Mieux comprendre les troubles anxieux,” muri Be maso! yo muri Ntwarante 2012 mu gifaransa. Iraboneka no kuri internet kuri www.pr418.com.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika