ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp19 no. 2 rup. 8-9
  • Igihe uhemukiwe n’uwo mwubakanye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe uhemukiwe n’uwo mwubakanye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IVYANDITSWE VYOBAFASHA
  • Uruhoza mu bihe vy’ingorane
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • 3 Iradufasha guhangana n’ingorane
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Amaganya yerekeye umuryango
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
wp19 no. 2 rup. 8-9
Umugore ariko arasenga

Igihe uhemukiwe n’uwo mwubakanye

“Igihe umugabo wanje yambwira ko ampevye kugira yibanire n’umugore akiri muto, numvise umengo nopfuma nipfira. Nabona ko ari akarenganyo na canecane nibutse ivyiza vyose nari naramukoreye.”​—Vyavuzwe na Maria wo muri Espanye.

“Igihe umugore wanje yampeba giturumbuka, wamengo sinkiri umuntu. Imigambi yacu n’ivyo twari twizigiye, vyose vyari bicitse ubusa. Vyarashika nkumva umengo nta maganya mfise, mugabo bidatevye ngaca nsubira kwihebura.”​—Vyavuzwe na Bill wo muri Espanye.

GUHEMUKIRWA n’uwo mwubakanye biravuna umutima. Ego ni ko hari ababonye ko bashobora kubabarira abo bubakanye bigaya maze bakanagura umubano wabo.a Yamara naho boguma babana canke bakavana, abahemukiwe bose baragira intuntu ikomeye. None ni igiki cobafasha kwihangana?

IVYANDITSWE VYOBAFASHA

Naho abahemukiwe bavunika umutima, benshi barahumurijwe n’Ivyanditswe. Baratahuye ko Imana ibona amarira yabo be n’uko itahura umubabaro bafise.​—Malaki 2:13-16.

“Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.”​—Zaburi 94:19.

Bill yigana ati: “Igihe nasoma uwo murongo, naciye niha ishusho Yehova ariko arampumuriza abigiranye ikibabarwe nka kurya kw’umuvyeyi afise impuhwe.”

“Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka.”​—Zaburi 18:25.

Carmen, akaba yarahemukiwe n’umugabo wiwe, asigura ati: “Naho umugabo wanje yari yampemukiye, narashobora kwizera ko Imana itazokwigera impemukira.”

“Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba . . . ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu.”​—Abafilipi 4:6, 7.

Uwitwa Sasha avuga ati: “Narasomye ico canditswe incuro n’izindi. Narasenze kenshi maze Imana irampa amahoro mu buzima bwanje.”

Abo bantu bose duhejeje kuvuga, vyarashika bakumva botana n’akabando. Ariko barizigiye Yehova Imana bongera barakomezwa n’Ijambo ryiwe. Bill asigura ati: “Ukwizera kwaratumye mbona ko ubuzima bwanje bufise intumbero naho ibindi vyose wamengo nta kigenda. Naho namaze igihe ‘ngendera mu mubande w’igitutu kizitanye,’ Imana yaramfashije.”​—Zaburi 23:4.

a Ushaka kumenya nimba wobabarira uwo mwubakanye canke utomubabarira, raba urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Igihe uhemukiwe n’uwo mwubakanye,” muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Ndamukiza 1999.

Ivyafashije bamwebamwe

Nuzirikane ku vyanditswe biremesha.

Bill asigura ati: “Narasomye igitabu ca Yobu hanyuma ndasoma Amazaburi, nkaza ndaca akarongo ku canditswe cose mbona ko gihuye n’uko ivyanje vyifashe. Nasanze abanditse ivyo bitabu vyo muri Bibiliya barashikiwe n’imibabaro be n’imyitwarariko isa n’iyariko iranshikira.”

Nuremeshwe n’umuziki.

Carmen yigana ati: “Bishitse nkabura agatiro mw’ijoro, naca numviriza umuziki. Ivyo vyarandemesha cane.” Daniel na we avuga ati: “Narize kuvuza igitari kandi umuziki waramfasha kwumva ntekanye.”

Nubwire abandi uko wiyumva.

Daniel avuga ati: “Sinari menyereye kuvuga uko niyumva. Ariko nari mfise abagenzi beza kandi narabitura imisi yose. Narababwira uko niyumva haba mu kubandikira canke mu kuganira na bo. Ivyo vyaramfashije cane.” Sasha na we avuga ati: “Umuryango wanje waramfashije bimwe bidasanzwe. Mawe yangumye hafi. Igihe cose naba nshaka kumuyagira yarantega yompi. Dawe na we yaransubiriza umutima mu nda kandi yaramfashije kurengera umubabaro.”

Nushishikare gusenga.

Carmen avuga ati: “Narasenga ubudahengeshanya. Narumva ko Imana iri hafi yanje, ko inyumviriza kandi ikamfasha. Muri ico gihe kigoye cane, nararushirije kwiyegereza Imana.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika