ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp19 no. 2 rup. 6-7
  • Igihe wabuze uwawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe wabuze uwawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IVYAFASHIJE BAMWEBAMWE
  • Noshobora Kubaho Gute Mfise Intuntu?
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Ukuntu umuntu yokwihanganira intuntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Icofasha abatuntujwe n’ukubura
    Be maso!—2011
  • Kwihanganira intuntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
wp19 no. 2 rup. 6-7
Umugabo n’umugore wiwe batuntuye, bari ku nkengera y’ikiyaga bafatanye, bakaba bariko baraba nka hariya

Igihe wabuze uwawe

“Igihe mukuru wanje yapfa giturumbuka, narabuze ayo ncira n’ayo mira. Inyuma y’amezi n’ayandi, vyariyadukiza nkamwibuka ngaca numva biranse, ukamengo bansogose mu mutima. Vyarashika kandi nkicwa n’ishavu, nkibwira nti: ‘None nk’ubu musazanje yazize iki?’ Vyongeye, nariyagiriza kubona ntamaranye na we umwanya ukwiye.”​—Vyavuzwe na Vanessa wo muri Ostraliya.

NIMBA warabuze uwawe, na wewe woshobora kuba waragize inyiyumvo zitandukanye, nk’intuntu canke irungu be n’umwiheburo. Kumbure kandi waragize ishavu, uriyagiriza, uragira n’ubwoba. Woshobora mbere kuba waribajije uti: ‘None kubaho bimaze iki?’

Numenye ko gutuntura biterekana ko ugoyagoya. Ahubwo vyerekana ko wakunda cane uwo wabuze. Ariko none, woba ushobora kuronka icotuma intuntu ufise igabanuka?

IVYAFASHIJE BAMWEBAMWE

Naho wobona umengo umubabaro urimwo ntuzokwigera uhera, ivyiyumviro bikurikira vyoshobora kugufasha:

NTIWITEGE KO UMUBABARO UCA UHERA UBWO NYENE

Abantu bose ntibatuntura cokimwe canke mu mwanya ungana. Ariko rero, kurira birashobora kugabanya umubabaro ufise. Umwe Vanessa twavuga, agira ati: “Nararira nkikura. Naca numva umubabaro ugabanutse.” Uwitwa Sofía na we yarabuze mutoyi wiwe giturumbuka. Avuga ati: “Kwibuka ivy’uwo muntu birababaza. Bimeze nko gukanya igisebe kugira ucoze. Ariko naho ubabara cane, biratuma nya gisebe gikira.”

NUBWIRE ABANDI IVYO WIYUMVIRA BE N’INGENE UMEREWE

Vyoshobora gushika ukumva woshima kuba uri wenyene kandi ivyo ni ibisanzwe. Mugabo intuntu ni umutwaro uremereye cane udakwiye kwikorera wenyene. Uwitwa Jared w’imyaka 17, akaba yarabuze se, yigana ati: “Narabwira abandi ingene niyumva. Sinzi ko navuga ivyumvikana, ariko kuba gusa naraserura akari ku mutima vyaramfasha.” Umwe Janice twavuga mu kiganiro gitangura, yongerako ati: “Kuyagira abandi vyaranduhurira bidasanzwe. Naca numva ko abandi bantahura be n’uko ntari jenyene.”

NIWEMERE GUFASHWA

Umuganga umwe avuga ati: “Uwabuze maze akareka abagenzi n’incuti bakamufasha mu ntango y’ikiringo [c’umubabaro], usanga arushiriza kuvyifatamwo neza mu bindi biringo vy’uwo mubabaro.” Nubwire abagenzi bawe ico woshima ko bagufasha. Boshobora kuba bavyipfuza mugabo ntibamenye ico bokora.​—Imigani 17:17.

NIWIYEGEREZE IMANA

Uwitwa Tina avuga ati: “Igihe nabura umugabo wanje bukwi na bukwi ahitanywe na kanseri, sinari ngishobora kumubwira ibindaje ishinga. Vyose rero naca ndabibwira Imana! Buri gitondo narayisaba ngo imfashe gusubirana. Imana yaramfashije mu mice myinshi cane ntoshobora no kuvuga.” Tarsha na we, akaba yari afise imyaka 22 igihe yabura nyina, avuga ati: “Gusoma Bibiliya buri musi vyarankomeza cane. Vyarandonsa ivyiyumviro biremesha vyo kuzirikanako.”

NUSE N’UWUBONA UWAWE YAZUTSE

Tina abandanya ati: “Mu ntango, icizigiro c’izuka nta co camfasha kuko nari nkeneye umugabo wanje ubwo nyene, uduhungu twanje na two tukaba twari dukeneye se watwo. Ariko ubu inyuma y’imyaka ine, ico cizigiro ni co ngenderako.” Tina avuga ko kimufasha kuguma abona kazoza keza no kwihangana. Avuga ati: “Nguma mbona twasubiye kubonana, bigatuma ngira amahoro n’umunezero!”

Woshobora kudaca ukira ubwo nyene intuntu urimwo. Yamara ivyashikiye Vanessa birahumuriza. Avuga ati: “Naho wiyumvira ko ata kizopfa kiguhumurije, umubabaro ugenda uragabanuka buhorobuhoro.”

Naho intuntu ufise itoca ihera yose, kubaho biguma biri n’ico bimaze. Kubera ko Imana ikwitwararika, izogufasha kuronka abagenzi bakuremesha be n’ubuzima buri n’intumbero. Vyongeye, vuba Imana izozura abapfuye. Yipfuza ko usubira kubonana n’uwawe. Ico gihe intuntu ufise uzoca uyikira ibihe vyose!

Ivyanditswe vyogufasha

Imana irabona intuntu n’amarira ufise.

Umwanditsi umwe w’amazaburi yabwiye Imana ati: “Nushire amosozi yanje mu mukuza wawe w’urushato. Mbega ntari mu gitabu cawe?”​—Zaburi 56:8.

Urashobora kubwira Imana ibiri ku mutima.

“Imbere [y’Imana] nagumye nsuka amaganya yanje . . . Naragutabaje, ewe Yehovaa!”​—Zaburi 142:2, 5.

Urashobora kugira icizigiro.

“Hagiye kubaho izuka.”​—Ivyakozwe 24:15.

Imana isezerana ko izozura abantu benshi cane bapfuye, kandi irashashaye kubigira.b​—Yobu 14:14, 15.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.

b Ushaka kumenya n’ibindi ku vyerekeye izuka, raba icigwa ca 30 mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Urashobora no kukivoma ku buntu kuri www.pr418.com.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika