Zaburi
Ni indirimbo*. Ni isengesho rya Dawidi igihe yari mw’isenga+.
Na we araheza akarinda inzira yanje+.
Abansi banje banyegeza imitego
mu nzira ncamwo.
Nta na hamwe mfise mpungira+.
Nta n’umwe ambabaye.
5 Ewe Yehova, ndagusavye umfashe!
6 Niwumve ugutabaza kwanje,
kuko ngeze habi cane.
Nunkize abampama+,
kuko bandusha inguvu.
7 Nunkure mu gasho
kugira nshemeze izina ryawe.
Ese abagororotsi bonkikuza,
kuko ungirira neza.