ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp19 no. 2 rup. 12-13
  • Igihe wumva ko ubuzima bwakurambiye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe wumva ko ubuzima bwakurambiye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • AHO TWOKURA IMFASHANYO
  • HOBA HARIHO UMUTI URAMA?
  • Akabonge mu miyabaga gaterwa n’iki? Ni ibiki vyofasha?
    Be maso!—2017
  • Nokwihanganira gute akabonge?
    Urwaruka ruribaza
  • Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Akabonge
    Be maso!—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
wp19 no. 2 rup. 12-13
Umugore afise Bibiliya izinguruye, yicaye ku meza araba nka hariya

Igihe wumva ko ubuzima bwakurambiye

Uwitwa Adriana wo muri Brezile yiyemerera ati: “Narumva ko ubuzima bundambiye. Naciye rero mbona ko vyoba vyiza nipfiriye.”

VYOBA bimaze gushika ukumva umerewe nabi cane ku buryo wipfuza gupfa? Nimba bimaze kugushikira, woshobora gutahura Adriana. Yari yishwe n’amaganya, akumva amerewe nabi cane kandi yihebuye. Basanze arwaye akabonge gakomeye.

Rimbura kandi ivyerekeye umugabo umwe w’Umuyapani yitwa Kaoru, akaba yitwararika abavyeyi biwe bageze mu zabukuru kandi barwaye. Asigura ati: “Rimwe na rimwe, narumva ndengewe n’umukazo wo ku kazi. Mu nyuma naratakaje akayabagu kandi sinasinzira neza. Nahavuye niyumvira ko vyombera vyiza nipfiriye.”

Umugabo umwe wo muri Nijeriya na we yitwa Ojebode avuga ati: “Naguma merewe nabi cane ku buryo naheba ngakorora amosozi. Naciye rero ngerageza kwiyahura.” Igishimishije, Ojebode, Kaoru na Adriana ntibiyahuye. Ariko rero buri mwaka abantu ibihumbi amajana bariyahura.

AHO TWOKURA IMFASHANYO

Benshi mu biyahura ni abagabo, abatari bake muri bo bakaba bagira isoni zo gusaba imfashanyo. Yezu yavuze ko abarwayi bakeneye umuganga. (Luka 5:31) Nimba rero wumva urambiwe n’ubuzima, turagusavye ntugire isoni zo gusaba imfashanyo. Abantu benshi barwaye akabonge basanze kwitura muganga bibafasha kwihangana. Ojebode, Kaoru na Adriana bose barituye abaganga kandi ubu baratoye mitende.

Abaganga boshobora gukoresha imiti canke ubuhinga bwo kuyaga n’umurwayi mu kuvura akabonge. Vyongeye, abarwayi baba bakeneye ko incuti n’abagenzi babashigikira babigiranye impuhwe n’ukwihangana. Umugenzi aruta abandi bose ni Yehova Imana, akaba aturonsa imfashanyo nziza igitangaza mw’Ijambo ryiwe Bibiliya.

HOBA HARIHO UMUTI URAMA?

Abarwaye akabonge akenshi bakenera kumara igihe kirekire bavurwa kandi bategerezwa kwiga kwihanganira iyo ndwara mu kugira ivyo bahinduye mu buzima bwabo. Ariko nimba urwaye akabonge, urashobora kwitegana umushasharo kazoza keza nka Ojebode. Avuga ati: “Ndashashaye kubona iranguka ry’ibivugwa muri Yesaya 33:24, ahavuga ko hazogera igihe kw’isi ntihagire umuntu n’umwe avuga ngo ‘ndarwaye.’” Nk’ukwo kwa Ojebode, umuhango w’Imana werekeye “isi nshasha” itarimwo “ububabare” urashobora kuguhumuriza. (Ivyahishuwe 21:1, 4) Ivyo bisobanura ko tuzoba tumerewe neza haba mu bwenge canke ku mutima. Umubabaro wose ufise uzoba waheze burundu. Uwo mubabaro ntuzokwigera usubira ‘kuwibuka, eka mbere ntuzoza mu mutima wawe.’​—Yesaya 65:17.

Ivyanditswe vyogufasha

Imana iragutahura.

“Kuko jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: ‘Ntutinye. Jewe nzogufasha.’”​—Yesaya 41:13.

Yehova aradutahura kuruta uwundi muntu uwo ari we wese, kandi yipfuza kudufasha.

Nuzirikane kw’Ijambo ry’Imana.

“[Eliya yarasavye] ko yokwipfira, avuga ati: ‘ . . . Ewe Yehova, nkuraho.’”​—1 Abami 19:4.

Ojebode avuga ati: “Kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana vyaramfashije. Nasanze umuhanuzi Eliya yarigeze kwiyumva nk’uko niyumva.”

Niwigire ku turorero two muri Bibiliya.

“Natakamvye ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere.”​—Luka 22:32.

Inyuma y’aho intumwa Petero yihakaniye Yezu incuro zitatu, vyaranse ko yigumya araturikisha ararira. Kaoru avuga ati: “Ivyashikiye Petero vyaramfashije kubona ko Yehova na Yezu bitwararitse ingene Petero yiyumva. Ivyo vyarandemesheje.”

Uwo mubabaro ntuzokwigera usubira ‘kuwibuka, eka mbere ntuzoza mu mutima wawe.’​—Yesaya 65:17

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika