Amakoraniro y’Umurimo Muri Mukakaro
IBIMENYESHEJWE: Igikorwa Dukorera Ubwami kizoshinga urutonde rw’Ikoraniro ry’Umurimo ry’indwi yose yo mu mezi aberamwo amateraniro y’intara. Amashengero ashobora kugira ivyo ahinduye bikenewe kugira ngo ashobore kwitaba rya Teraniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana,” no kugira ngo kw’Ikoraniro ry’Umurimo ryo ku ndwi izokurikira basubiremwo ivyiyumviro bikurubikuru vy’iyo porogarama mu gihe c’iminuta 30. Isubiramwo ry’umusi ku wundi rya porogarama y’iteraniro rikwiye gushingwa imbere y’igihe abavukanyi babishoboye batatu, bakazoshimika ku vyiyumviro vyibonekeje. Iryo subiramwo riteguwe neza rizofasha ishengero kwibuka ivyiyumviro nyamukuru kugira babishire mu ngiro bongere babikoreshe mu ndimiro. Ikintu cose abumviriza bovuga hamwe n’ivyabonywe vyoshikirizwa bikwiye kuvugwa muri make kandi ata kuzarira.
Indwi Itangura ku wa 5 Mukakaro
Ururirimbo rwa 6
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Nugire ico uvuze kuri raporo y’igikorwa co mu ndimiro yo muri Ntwarante y’iki gihugu n’iy’ishengero ryanyu.
Imin. 15: “Senga Yehova Umusaba Imfashanyo.” Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu gihe kidashika umunuta umwe, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nusigure ukuntu amasengesho avuye ku mutima y’uburyo bunyuranye afise uruhara nyamukuru kugira igikenurwa kiroranirwe. Nusabe abumviriza bigane ivyabaye vyerekana ukuntu amasengesho batuye mu gihe gikwiriye yabafashije mu gikenurwa cabo.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1996, urupapuro rwa 32.
Imin. 20: Nidukoreshe Neza Udutabu n’Ibisohokayandikiro Dufise mw’Ishengero Bitangwa ku Kiguzi Kidasanzwe. Insiguro n’imyerekano. Nusigure igituma udutabu ari ibikoresho vy’agaciro mu gikenurwa cacu. Turihweza mu buryo kirumara ibiganiro bikwegera abantu benshi, tugaca irya n’ino umutwe w’ishimikiro mu buryo burashe tukongera tugasigura mu buryo bworoshe inyigisho zo mu Vyanditswe. Nuvuge udutabu dushikirizwa muri uku kwezi uce werekana utwo mufise twinshi aho iwanyu. Nimugire umwerekano w’inshikirizo zibiri canke zitatu ngufingufi zishingiye ku nama dusanga munsi y’agatwe kavuga ngo “Présentations” (Inshikirizo) muri Index des publications de la Société Watch Tower canke mugire umwerekano w’ivyiyumviro binaka bivuye mu bisohokayandikiro bishikirizwa ku kiguzi kidasanzwe, mwoshobora gukoresha igihe mudushikiriza abantu.
Ururirimbo rw’181 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 12 Mukakaro
Ururirimbo rw’103
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: “Kwitegura Imbere y’Igihe Bizana Umunezero.” Insiguro n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo. Nusigure igituma ukwitegura ari ntahara ku bw’igikorwa co mu ndimiro be n’ukuntu gutuma dushobora kuronkera umunezero mwinshi mu vyo dukora. (Raba Kiongozi cha Shule, urupapuro rwa 39, ingingo ya 1-3.) Nubaze ibibazo abamamaji babishoboye babiri canke batatu bavuge ukuntu bitegura imbere yo kuja mu gikorwa be n’ukuntu ivyo bibafasha. Niwigane ivyabaye ukuye mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1993, urupapuro rwa 30 vyerekana ukuntu igitabu Kutoa Sababu gikoreshwa mu buryo kirumara mu kwitegurira igikenurwa.
Imin. 20: “ ‘Nituduge kw’Ijambo!’ ” Guha ijambo abumviriza be n’imyerekano. Nimwihweze inama imwimwe yose y’ico umuntu yovuga kugira ngo uwo asanze ku muhana amutege ugutwi. Nusabe abamamaji babimenyereye bagire imyerekano yerekana uburyo kirumara nka bungahe bwo gutanguza ikiyago. Nusabe abumviriza batange izindi nama bongere bigane ivyabaye biremesha vyerekana ikintu gifise vy’ukuri ico gishikako aho iwanyu.
Ururirimbo rw’183 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 19 Mukakaro
Ururirimbo rwa 31
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 15: Tunezererwe igitabu Annuaire 1999. Ikiganiro kigirwa hagati y’umunega n’umukenyezi wiwe. Umunega asigure yuko igitabu Annuaire catanguye gusohorwa mu mero y’igitabu ari bwo bwa mbere mu 1927, be n’uko kimaze imyaka irenga 70 kivuga na raporo yo kw’isi yose y’Ivyabona vya Yehova. Bihweze ivyibonekeje mu “Bitigiri Biteranirijwe Hamwe Bihambaye vy’Ivyaranguwe mu 1998,” biri ku rupapuro rwa 31. Nibace baganira kw’ “Ikete Ryavuye ku Nama Nyobozi” riri ku rupapuro rwa 3-5, hanyuma bagire ico bavuze ku kuntu bazokurikiza indemesho itanzwe. Ahataraboneka Annuaire 1999, murakoreshe Annuaire 1998. Niba igitabu Annuaire kidasohorwa mu rurimi rw’aho iwanyu, murakoreshe raporo be n’amayagwa biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 1999, urupapuro rwa 26-29.
Imin. 20: Noba Nkwiye Kwinjira mw’Ishirahamwe? Ikiganiro kigiranwa n’abumviriza gishingiye ku gitabu Kutoa Sababu, urupapuro rw’311-315. Kenshi turahura n’abantu bakira neza ubutumwa bw’Ubwami mugabo bakaba badashaka na buhorobuhoro “kwifatanya” n’ishirahamwe ryo mu vy’idini. Nimwihweze insobanuro y’ijambo “ishirahamwe” be na vya bintu ndwi biranga ishirahamwe riboneka rya Yehova. Nusigure igituma ritandukanye n’ayandi be n’ukuntu ukwifatanya na ryo bizana imihezagiro nyakuri.
Ururirimbo rw’189 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 26 Mukakaro
Ururirimbo rw’184
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse bose gutanga raporo y’umurimo yo muri Mukakaro. Inyishu ku Bibazo Vyanyu.
Imin. 10: “Porogarama Nshasha y’Iteraniro ry’Umuzunguruko.” Insiguro. Numenyeshe itariki iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije rizoberako niba izwi. Nuremeshe abashasha bazirikane ivyerekeye kubatizwa. Nuhimirize bose bazokwitabe ibiringo vyose. Mu mwanya ritaraba, niwibutse bose barabe neza bazokwitabe ibiringo vyose vy’iteraniro ry’intara ryo muri uyu mwaka.
Imin. 20: Twoba Turiko Turahindura Abantu Abigishwa? Umucungezi w’umurimo naganire n’umukozi w’ishengero umwe canke babiri ivyiyumviro biri mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1996, urupapuro rwa 19-22. Nibashimike ku mvo zo mu Vyanditswe zituma dukwiye kurondera abakeneye gufashwa bari mu karere twakebewe maze tukabagira abigishwa. (Mat. 10:11) Abo ni ba bandi banihishwa n’ibintu vyose bibi n’ibitaranga ukwubaha Imana babona hirya no hino yabo kandi bakaba bafise agatima ko kurondera Yehova imbere y’uko wa musi w’uburake bwiwe waduka. (Ezk. 9:4; Zef. 2:2, 3) Muri bo harimwo ‘abari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera.’ (Ivyak. 13:48, NW) Ibanga twashinzwe ni iryo kuba abahindura abantu abigishwa, tukigisha abantu ibintu vyose Yezu yatugeze. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Naho dushobora kuvyura ugushimishwa kwa mbere na mbere kw’abo duhura mu gikenurwa c’inzu ku yindi, mu gihe dushinga intahe akaryo kizanye, no mu gikorwa dukorera mw’ibarabara, abantu tubahindura abigishwa mu gikenurwa co kubakurikirana—ni ukuvuga mu gusubira kubagendera no mu kurongora inyigisho za Bibiliya. Niwerekane inama ngirakimazi z’ukuntu ivyo bishobora kugirwa.
Ururirimbo rwa 14 n’isengesho ryo gusozera.