Kwitegura Imbere y’Igihe Bizana Umunezero
1 Kugira uruhara mu gikenurwa co mu ndimiro bituzanira umunezero mwinshi. (Zab. 89:15, 16) Ni vyo, kwitegura ni co kintu nyamukuru gituma umuntu ashobora kugira uwo munezero mu buryo bwuzuye. Uko turushiriza kwitegura neza ni ko turushiriza kurangura vyinshi, kandi uko turushiriza kurangura vyinshi ni ko turushiriza kugira umunezero.
2 Nukoreshe Ibikoresho Duhabwa: Mu kwitegura kwawe nutangurire ku gusoma no kwihweza amayagwa ari mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Kenshi aratanga inshikirizo zateguwe neza zigenewe kugufasha gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami mu buryo bworoshe kandi kirumara. Urasangamwo uturorero tw’ukuntu wohwamika amajambo yo kurwanya ikiyago akunda kuvugwa. Ivyiyumviro bitomoye birashikirizwa ku vyerekeye uburyo kirumara bwo gusubira kugendera umuntu, dufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Ntiwitinye kugira ico uhinduye kuri izo nama gushika aho wumva kuzikoresha bikworoheye. Turetse ivyo, urafise igitabu Kutoa Sababu, na co kikaba gitanga amajambo ntanguzakiyago anyuranye cane be n’ico twosubizayo ku majambo yo guhagarika ikiyago, gutyo bikagufasha kurushiriza kuba kirumara mu bintu vyinshi muhura.
3 Nutereze akajisho ku gisohokayandikiro uza gushikiriza uce ukuramwo iciyumviro kimwe canke bibiri bishimishije ushobora kwereka uwo uza gusanga ku muhana. Inkuru ituma abantu bazirikana wumvise canke wasomye irashobora kuguha inzira yo gutanguza ikiganiro. Niwiyumvire imbere y’igihe amajambo yo kurwanya ikiyago akunda kuvugwa ushobora guhura na yo, uce ugumiza mu muzirikanyi ivyiyumviro bikeyi vy’ukuntu wokwishura. Maze nufate iminuta mikeyi yo kwimenyereza ivyo uza kuvuga ku rugi.
4 Niwitabe Ikoraniro Ryose ry’Umurimo: Nutege yompi mw’Ikoraniro ry’Umurimo igihe inama zashikirijwe mu Gikorwa Dukorera Ubwami baba bariko baraziyagako, bazihweza bongera bagira imyerekano y’ukuntu zokoreshwa. Shira muri ntibate ivyiyumviro wiyumvira ko bishobora gushirwa mu nshikirizo yawe. Ibuka ibintu bimwebimwe mwahuye na vyo kenshi mu gikenurwa, wongere wiyumvire uburyo ushobora gushinga intahe bikaba kirumara kuruta. Nimuyage ivyo bintu n’abandi bamamaji imbere n’inyuma y’iryo koraniro.
5 Urashobora kwizigira udakeka yuko, niwaba “[witeguriye] igikorwa ciza cose,” uzohabwa impera mu kugira umunezero mwinshi kuruta no kuroranirwa mu gufasha abandi kwironkera inzira ijana mu buzima.—2 Tim. 2:21.