Bibiliya igiye gushimikwako kuruta uko vyahora!
1. Mu ntango, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi cari kigenewe canecane bande, ikinyamakuru L’Âge d’Or na co bande?
1 Ku wa 1 Gitugutu 1919, ni ho hasohorwa inomero ya mbere na mbere y’ikinyamakuru L’Âge d’Or. Ico kinyamakuru carabaye igikoresho c’agaciro kanini cane mu gikorwa co kwamamaza. Uti kubera iki? Kubera ko cari kigenewe canecane abantu bose. Ariko ku Munara w’Inderetsi ho si uko vyari bimeze. Wowo wamaze imyaka myinshi ubonwa ko ari ikinyamakuru kigenewe ahanini “ubusho buto” (Luka 12:32). Abamamaji b’Ubwami bakiranye akamwemwe kenshi ico kinyamakuru gishasha, hakaba haraciye imyaka myinshi hacapurwa amakopi y’ico kinyamakuru L’Âge d’Or aruta kure n’iyo ay’Umunara w’Inderetsi.
2. Ubu ikinyamakuru L’Âge d’Or citwa ngw’iki, kandi intumbero yaco yari iyihe kuva mu ntango?
2 Ikinyamakuru L’Âge d’Or casohorwa kugira cereke abantu yuko umuti nyakuri w’ingorane zihanze umuryango w’abantu ari Inganji ya Kirisitu y’imyaka igihumbi, iyizoyobora koko umuryango w’abantu ikawushikana ku kiringo ciza igitangaza. Mu myaka mirongo yakurikiye, hari ibitari bike vyagiye birahindurwa ku bijanye n’ico kinyamakuru L’Âge d’Or kugira ngo bihuze n’ibintu bitandukanye vyaza birakenerwa bivanye n’ibihe. Mu 1937, izina ry’ico kinyamakuru ryarahinduwe riba Consolation. Mu 1946 na ho, iryo zina ryarahindutse riba Réveillez-vous!, ari na ko citwa ubu.
3. Ikinyamakuru Réveillez-vous! cabaye igikoresho gikomeye mu gushitsa ubuhe buhanuzi?
3 Kuva ico kinyamakuru gitanguye gusohorwa, caragize ikintu kinini cane giterereye ku ntahe ikomeye yashinzwe kuva mu 1919 (Mat. 24:14). Ariko rero, turavye ukuntu ibintu vyihutirwa muri ibi bihe turimwo, bisa n’ibiranga ubukerebutsi hagize ibindi bintu bihindurwa ku bijanye n’ico kinyamakuru Réveillez-vous!.
4. (a) Umuntu akeneye gukora iki niba yipfuza gukinjishwa ku “musi w’uburake bg’Uhoraho”? (b) Nk’uko mu Vyahishuriwe 14:6, 7 havyerekana, ‘umumarayika aguruka yatiriye ijuru’ atera akamo abantu bose ngo bakore iki?
4 Abantu amamiliyoni bararyoherwa no gusoma ikinyamakuru Réveillez-vous! kubera ko gica irya n’ino mu buryo bukwēgera ibiganiro vyinshi bitandukanye, bitajanye n’ivy’idini. Nta gukeka ko benshi mu bitaba Icibutso uko umwaka utashe usanga ari abama basoma ico kinyamakuru Réveillez-vous!. Yamara, niba umuntu yipfuza gukinjishwa ku “musi w’uburake bg’Uhoraho”, azokenera icomufasha gukora n’ibindi turetse gusa ugusoma adahorereza ibisohokayandikiro vyacu.—Zef. 2:3; Ivyah. 14:6, 7.
5. (a) Guhera kuri Réveillez-vous! yo muri Nzero 2006, ni ibiki bizoshimikwako cane? (b) Benshi bashobora kuzovyurirwa umutima wo gukora iki, bibe bishikije ubuhe buhanuzi?
5 Ku bw’ivyo rero, kuva muri Nzero 2006, ikinyamakuru Réveillez-vous! kizorushiriza kwibanda cane ku Bwami bw’Imana. Kizoremesha mu buryo burashe cane abagisoma kuronderera muri Bibiliya umuti w’ingorane bafise, kandi kizokwerekana mu buryo bwibonekeje kuruta insobanuro Bibiliya iha ibintu biba muri kino gihe. Gutyo, abasomyi bazotahura neza kuruta ibintu biba muri kino gihe hanyuma kumbure ivyo basoma biheze bibavyurire umutima wo gushaka kumenya n’ibindi ku vyerekeye Yehova.—Zek. 8:23.
6, 7. (a) Ikinyamakuru Réveillez-vous! kizocika gute igifasha abantu gushira mu ngiro 1 Ab’i Tesalonike 2:13? (b) Ikinyamakuru Réveillez-vous! kizosohorwa kangahe mu kwezi, kandi ivyo bizoba vyerekeye indimi zingana iki?
6 Ikinyamakuru Réveillez-vous! kizobandanya kuvuga ibintu bishimisha abantu muri rusangi. Ariko rero, kizorushiriza kwibanda kuri Bibiliya (1 Tes. 2:13). Kubera yuko Umunara w’Inderetsi urimwo amakuru yimbitse yo muri Bibiliya kandi ikinyamakuru Réveillez-vous! na co nyene kikazoba kirimwo n’ayandi mayagwa ashingiye ku Vyanditswe, bisa n’uko kubandanya gusohora Réveillez-vous! kabiri mu kwezi bitagikenewe. Ku bw’ivyo, guhera kuri Réveillez-vous! yo muri Nzero 2006, ico kinyamakuru kizohora gisohorwa rimwe mu kwezi. Ivyo bizotuma igikorwa co gutegura ibisohokayandikiro vyacu, kubihindura mu zindi ndimi no kubirungika coroha cane.
7 Iryo hinduka rizoba ryerekeye ibice 40 kw’ijana vy’indimi ico kinyamakuru Réveillez-vous! gisohorwamwo. Mu ndimi nyinshi, ico kinyamakuru gisanzwe gisohorwa rimwe mu kwezi canke rimwe mu mezi atatu. Ku bijanye n’isohorwa ry’Umunara w’Inderetsi, nta kizohinduka.
8. Abamamaji bazovyifatamwo gute mu gushikiriza Réveillez-vous! iri kumwe n’Umunara w’Inderetsi?
8 Abamamaji boshobora gushikiriza Réveillez-vous! yo mu kwezi kumwekumwe kwose bakayitangana n’imwe mu nomero z’Umunara w’Inderetsi zo muri ukwo kwezi. Abashikiriza Réveillez-vous! bazoshobora gushikiriza inomero imwe mu kwezi kwose, bitiriwe biraba ngombwa ko ukwezi kugeze hagati bahindura uburyo bwo kuyishikiriza, nk’uko biri ubu.
9. Ikinyamakuru Réveillez-vous! kizobandanya kurangura uruhe uruhara?
9 Kuva ico kinyamakuru gisohowe ari bwo bwa mbere mu 1919, kikaba catanguye citwa L’Âge d’Or, hanyuma Consolation, ubu na ho Réveillez-vous!, caragize uruhara ruhambaye mu gikorwa co kwamamaza. Dusenga dusaba ko Yehova yobandanya guhezagira ikwiragizwa ry’ico kinyamakuru kizoba casubiwemwo be n’uko cofasha abantu benshi kuruta bo mu “mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose” kubona ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene bakwiye kwizigira.—Ivyah. 7:9.