Udutabu tugenewe abantu bo mu madini atari ay’abakirisu
Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?
Igihe uriko urashikiriza ubutumwa umuntu ari mw’idini ry’Abayuda, woshobora kuvuga uti:
“Benshi muri twebwe turamaze gushikirwa n’ivyago vyo kubura uwacu. Wibaza ko bitugandera gute iyo dupfuye”? Rindira yishure, maze uce werekana uruzitiro ruvuga ngo “Que sont la mort et l’âme ?” (Urupfu n’ubugingo ni iki?) ruri ku rupapuro rwa 22 rw’ako gatabu. Soma ingingo ya 17 iri ku rupapuro rwa 23 yerekeye izuka. Nuvuge yuko wa wundi sekuruza w’imiryango Yobu yari afise icizigiro c’izuka. Numushikirize ako gatabu maze muhane isango ryaho uzogarukira kuganira na we ku vyanditswe vyatanzwe ku mpera y’ingingo ya 17.—km-F 10/99 rup. 8.
La direction venant de Dieu:le chemin qui mène au Paradis
Igihe uganira n’Umwisilamu, woshobora kuvuga uti:
“Ndiko ndagira akigoro kadasanzwe ko kuganira n’Abisilamu. Ndazi ko Abisilamu bemera Imana imwe y’ukuri be n’abahanuzi bose. Vyoba ari vyo? [Rindira yishure.] Noshima kuganira nawe ku vyerekeye ubuhanuzi bwa kera bwari bwaravuze ingene isi izohinduka ikaba iparadizo. Woba woshima ko ngusomera ivyo uwo muhanuzi yanditse? [Rindira yishure, maze uce usoma Yesaya 11:6-9.] Ubu buhanuzi butuma nzirikana ku canditswe kimwe co muri Korowani dusanga muri aka gatabu”. Nuzingurure ku rupapuro rwa 9 maze usome ayo majambo ari mu ndome zizize. Nimba agaragaje ugushimishwa, nimubandanye ico kiganiro mu kuyaga ku ngingo ya 7-9 iri ku rupapuro rurabana n’urwo wari umweretse.—km-RU 11/99 rup. 8.
La paix et le bonheur sans fin:comment les trouver?
Igihe uriko urabwira ubutumwa umunyeshure w’Umushinwa, ushobora kuvuga uti:
“Ikintu nasanze gikunda kuraza ishinga abanyeshure, ni uko bose bashaka amahoro n’ubuhirwe. Woba wibaza ko ivyo bihambaye? [Rindira yishure.] Ntibizoba ari agahore none hamwe twobona iranguka ry’aya majambo yavuzwe kera”? Soma Zaburi 37:11, maze umushikirize ako gatabu.—km-RU 2/98 rup. 5.
Nos problèmes:qui nous aidera à les résoudre?
Ushikiriye Umuhindu akiri muto woshobora kuvuga uti:
“Nta nkeka uremera Imana. Wibaza ko umugambi Imana idufitiye ari uwuhe? [Rindira yishure, maze uce usoma Itanguriro 1:28.] Mu mihingo myinshi, usanga haba abantu b’umurengera kandi huzuye ingorane. Woba wibaza ko Umuremyi yoba ashima kudufasha gutorera umuti ingorane zacu”? Rindira yishure, maze uce umushikiriza ako gatabu.—km-RU 9/99 rup. 8.
Pourquoi adorer Dieu en amour et en vérité?
Ubu buryo bwo gushikiriza agatabu burashobora guhimbara serugo w’Umuhindu:
“Ndiko ndagendera abantu barajwe ishinga n’ukuntu ubuzima bwo mu rugo bwifashe mu bihugu vyinshi muri iki gihe. Wibaza ko ari igiki kizofasha kugira ngo imiryango igume ifatanye mu nda? [Rindira yishure.] Abantu bamwebamwe barazi ico ivyanditswe vy’Abahindu bivuga ku vyerekeye umuryango, mugabo ntibarigera baronka akaryo ko kubigereranya n’ico Bibiliya ivuga kuri ico kibazo. Nashaka twihwereze hamwe ico ciyumviro. [Soma Ab’i Kolosayi 3:12-14.] Aka gatabu karihweza ivyanditswe vyeranda bikoreshwa mu Buhindi hamwe na Bibiliya”. Numushikirize ako gatabu maze userure ibiri ku rupapuro rwa 8-9 na 20-21.—km-RU 9/99 rup. 8.
“Voici, Je fais toutes choses nouvelles”
Ushobora kubwira umugabo w’Umubuda ageze mu zabukuru uti:
“Kumbure urarajwe ishinga cokimwe nanje n’ivyiyumviro injojo bigoramye biriho muri iki gihe be n’ingaruka biriko biragira ku bana bacu. Ni kuki ubuhumbu bwimonogoje gutyo mu rwaruka? [Rindira yishure.] Woba wari uzi yuko ivyo vyari vyaravuzwe mu gitabu catanguye kwandikwa imbere cane y’uko amadini y’Abisilamu, ay’Abakirisu n’ay’Abahindu ashingwa? [Soma 2 Timoteyo 3:1-3.] Urabona yuko ivyo bintu biriko biraba ndanse naho nyene abantu babandanya kwongereza ubumenyi. [Soma umurongo wa 7.] Aka gatabu karamfashije gutahura ukuri abantu benshi batarigera bamenya. Woba woshima kugasoma”?—km-RU 8/99 rup. 8.