ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/05 rup. 1
  • Bamamaji b’Ubwami bakundwa,

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bamamaji b’Ubwami bakundwa,
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Bamamaji b’Ubwami bakundwa,
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Bamamaji b’Ubwami bakundwa,
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ni ikimenyamenya c’urukundo, ukwizera n’ukugamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 9/05 rup. 1

Bamamaji b’Ubwami bakundwa,

Mu ntango z’uwu mwaka mushasha w’umurimo, imizunguruko itatu yaratangujwe muri Kenya, muri Tanzaniya hatanguzwa itatu, mu Burundi na ho hatanguzwa umwe. Afirika yo mu Buseruko ubu igizwe n’imizunguruko 67 be n’intara 7.

Kuva mu mwaka wa 2000, Ingoro z’Ubwami 237 ziramaze kwubakwa muri Tanzaniya. Igikorwa co gutegura imigero y’inyubakwa z’ishami kiriko kiratera imbere kandi hariho icizigiro c’uko ubwubatsi nyezina buzotangura imbere y’uko uwu mwaka urangira. Inyubakwa z’ibiro vy’ishami vyo mu Burundi no muri Uganda zizoba ziri hafi kwuzura mu mpera z’uwu mwaka. Kuva mu mwaka wa 1999, Ingoro z’Ubwami 276 ziramaze kwubakwa muri Kenya, muri Sudani na ho hamaze kubakwa 20.

Hariko harakorwa ibikorwa bimwebimwe kugira ngo inkuru nziza ikwiragizwe mu vyibare birimwo abantu batumva. Abatsimvyi badasanzwe bazi Ururimi rw’ibimenyetso batari bake bararungitswe gukorera mu vyibare bimwebimwe bigwiriyemwo abantu batumva.

Twashaka kandi gukengurukira abavukanyi n’abavukanyikazi batari bake bashigikiye utwigoro dutandukanye two gutabara twagizwe muri uwu mwaka. Benshi barakoze baratama mu bijanye no gusanura Ingoro y’Ubwami ya Juba West be no mu bijanye no kwubaka inzu y’umuvukanyikazi inyuma y’aho haturikiye ibintu i Juba muri Sudani. Haratanzwe imfashanyo mu tundi turere turimwo inzara iturutse ku ruzuba rwinshi canke ku mvura y’isegenya. Ese ukuntu ari agateka twatewe kuba turi mu bagize umuryango w’abavukanyi wa gikirisu urangwa urukundo!—1 Pet. 2:17.

Turakenguruka ivyo bikorwa vyose bikoranwa umwete mu guteza imbere ivy’Ubwami! Turakenguruka kandi ukuntu mushigikira igikorwa mu vy’amahera, ivyo mukaba mubigira mu gutanga mutitangiriye itama (Imig. 3:9, 10). Ese Yehova yobandanya ahezagira utwigoro dushira hamwe kugira ngo ‘duheshe icubahiro ubwiza bwiwe’!—Ef. 1:12.

Abavukanyi banyu,

Ibiro vy’ishami vyo mu Burundi, Kenya, Tanzaniya na Uganda

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika