Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro
“Abantu benshi baratinya ko intambara ruhonyanganda canke ihindagurika ry’ikirere bizohava bihonya canke bigasangangura isi. Woba wiyumvira ko ivyo bizokwigera bishika? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ico kibazo. [Soma Ivyahishuwe 11:18.] Iki kinyamakuru kiratanga inyishu z’ibibazo bine bikunze kubazwa ku vyerekeye umuhero w’isi.”
Be maso! Mukakaro–Nyakanga
“Abantu benshi baripfuza guheba kunywa itabi ariko bikababera urugamba. Woba uzi uwipfuza kuriheba? [Rindira yishure.] Hari abasanze kurondera gufatwa mu mugongo n’incuti be n’abagenzi bifasha. [Soma Umusiguzi 4:12a.] Iki kinyamakuru kirerekana inama ngirakamaro zimwezimwe zofasha umuntu guheba kunywa itabi.”
Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro
“Wibaza ko abantu bakeneye iki kugira ngo baronke agahimbare? [Rindira yishure. Nuce uzingurura muri Matayo 5:3.] Ico ni kimwe gusa mu vyo Yezu yavuze ku bijanye n’agahimbare. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ivyo twigira kuri Yezu ku vyerekeye ukuntu tworonka agahimbare nyakuri.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 16.
Be maso! Mukakaro–Nyakanga
“Bisa n’uko ata mwanya uhagije dufise wo gukora ivyo twoshima gukora vyose. Ni ko nawe ubibona? [Rindira yishure.] Abantu benshi basanze iyi mpanuro ari ngirakamaro. [Soma Abafilipi 1:10.] Iki kinyamakuru kiratanga inama ngirakamaro zimwezimwe zodufasha gukoresha neza umwanya wacu.” Niwerekane urukurikirane rw’ibiganiro rutangurira ku rupapuro rwa 25.