Mufatire akarorero ku bahanuzi—Amosi
1. Ni kubera iki akarorero ka Amosi ari isôko ry’indemesho kuri twebwe?
1 Vyoba birashika ukumva umengo ntukwije ibisabwa vyo kwamamaza kubera ko uri umuntu asanzwe? Nimba bimaze gushika, urashobora kuremeshwa n’akarorero ka Amosi. Yari umwungere w’intama akaba kandi yaza arisumamwo mu gukora mu mirima mu biringo binaka vyo mu mwaka, yamara Yehova yaramuhaye ububasha bwo gutangaza ubutumwa buhambaye. (Am. 1:1; 7:14, 15) Mu buryo busa n’ubwo, muri iki gihe cacu, Yehova arakoresha abantu baciye bugufi. (1 Kor. 1:27-29) Ni ibindi vyigwa ibihe dushobora kwigira ku muhanuzi Amosi mu bijanye n’ubusuku bwacu?
2. Ni kubera iki dushobora kuguma dushikamye igihe turwanijwe mu busuku?
2 Nugume ushikamye igihe urwanijwe: Igihe Amaziya, umuherezi yasenga inyana wo muri bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi, yumva ubuhanuzi bwa Amosi, uravye ibintu yamwishuye ni nk’aho yamubwiye ati: ‘Genda iwanyu! Twebwe tureke! Turifitiye idini ryacu!’ (Am. 7:12, 13) Igihe Amaziya yasaba Umwami Yerobowamu ngo abuze igikorwa ca Amosi, yaragoretse amajambo y’uwo muhanuzi. (Am. 7:7-11) Ariko Amosi ntiyahiye coba. Muri iki gihe, abakuru b’amadini bamwebamwe bararondera gushigikirwa n’abanyapolitike mu twigoro bagira two guhama abasavyi ba Yehova. Yamara, Yehova aradukura amazinda ko ata kirwanisho cacuriwe kuturwanya kizororanirwa mu buryo buramba.—Yes. 54:17.
3. Ni imice ibiri iyihe igize ubutumwa twamamaza muri iki gihe?
3 Niwamamaze urubanza rw’Imana be n’imihezagiro ya kazoza: Naho Amosi yavuga ubuhanuzi bujanye n’urubanza rwociriwe bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi, yasozereye igitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe avuga ibijanye n’umuhango Yehova yatanze wo gusubiza ibintu mu buryo be n’ibijanye n’imihezagiro umukimba. (Am. 9:13-15) Na twebwe turavuga ibijanye n’ “umusi w’urubanza” w’Imana wegereje, ariko ico ni kimwe gusa mu bigize “inkuru nziza y’ubwami” dutegerezwa kwamamaza. (2 Pet. 3:7; Mat. 24:14) Kuba Yehova azosangangura abanyakibi kuri Harumagedoni bizocira inzira Iparadizo yo kw’isi.—Zab. 37:34.
4. Ni igiki kidukura amazinda ko dushobora kurangura ivyo Yehova agomba?
4 Kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami mw’isi irimwo abantu benshi baturwanya mu vy’ukuri biragerageza umwiyemezo dufise wo kubaho twisunga ukwiyegura kwacu be no gukora ivyo Yehova agomba. (Yoh. 15:19) Naho ari ukwo, turizigiye tudakeka ko Yehova azobandanya kuturonsa ivyo dukeneye kugira turangure ivyo agomba, nk’uko yabigize kuri Amosi.—2 Kor. 3:5.