ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Ntwarante rup. 2
  • Nuhe ikaze abashitsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhe ikaze abashitsi
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Nubahe ikaze!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Hazoshingwa intahe ikomeye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Twofasha gute abazokwitaba Icibutso?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Bahe ikaze n’igishika cinshi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Ntwarante rup. 2

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Duhe ikaze abashitsi

Ku wa 23 Ntwarante, turiteze abashitsi nk’imiliyoni 12 canke barenga ku Cibutso. Emwe hazoshingwa intahe ikomeye cane igihe umushikirizansiguro azoba ariko aravuga ingabire y’incungu Yehova yaduhaye be n’imigisha abantu bazoronka kubera yo! (Yes 11:6-9; 35:5, 6; 65:21-23; Yoh 3:16) Ariko si umushikirizansiguro wenyene azoshinga iyo ntahe kuri uwo musi. Twese turashobora kubigiramwo uruhara mu guha ikaze abashitsi n’igishika cinshi. (Rm 15:7) Ehe raba ivyiyumviro bimwebimwe.

Icabona ca Yehova ariko araha ikaze umushitsi yaje ku Cibutso; Icabona ariko asomera Bibiliya hamwe n’abashitsi baje ku Cibutso
  • Aho gushika ugaca wiyicarira urindiriye ko porogarama itangura, nuhe ikaze nyabuna abashitsi be n’abahororokewe, umwenyura kandi n’umutima mwiza

  • Naho nyene uzoba uriko uritwararika abo watumiye, nurabe n’abandi bashobora kuba baje kubera baronse ubutumire mu gihe c’isekeza. Nusabe abashasha ko mwokwicarana kandi musangire Bibiliya n’igitabu c’indirimbo

  • Icibutso kirangiye, uritegura kwishura uwogira ico akubajije. Nimba umwanya ari muto kubera ko mubwirizwa kubisa irindi shengero, nimuvugane ukuntu woja kumugendera vuba. Nimba ata aderese yiwe ufise woshobora kumubwira uti: “Noshima kumenya ingene wabonye uru rubanza. Twobonana gute?”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika