ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Nyakanga rup. 8
  • Imitego wokwirinda igihe uyobora inyigisho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imitego wokwirinda igihe uyobora inyigisho
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Nufashe abo wigisha Bibiliya gutera imbere babatizwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Kwigisha mu buryo bworoshe
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Igice ca 2: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Niwiyubare ku bijanye n’‘ubuhanga bwawe bwo kwigisha’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Nyakanga rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Imitego wokwirinda igihe uyobora inyigisho

Integuro icapuwe
Umuvukanyi ariko aravuga menshi igihe ayobora inyigisho

Kuvuga menshi: Ntiwibaze ko ari wewe ubwirizwa gusigura akantu kose. Yezu yarakoresha ibibazo kugira afashe abantu kuzirikana no gushika ku ciyumviro c’ukuri. (Mt 17:24-27) Ibibazo biratuma ikiringo c’inyigisho kiryoha bikanagufasha kubona ivyo umutohoji atahura n’ivyo yemera. (be 253 ing. 3-4) Ubajije ikibazo, nurindire yishure. Atanze inyishu atari yo, numufashe kuyitora ukoresheje utundi tubazo aho kumubwira ivyo yari kwishura. (be 238 ing. 1-2) Nuvuge mu buryo bimworohera gutahura ivyiyumviro bishasha.​—be 230 ing. 4.

Ivyiyumviro vyinshi bigoye gutahura vyerekana igituma dusaza

Kugumisha icigwa: Niwirinde kuvuga ibintu vyose uzi ku cigwa muriko muriga. (Yoh 16:12) Nushimike ku ciyumviro nyamukuru kiri mu ngingo. (be 226 ing. 4-5) Amakuru yiyongereye, mbere naho yoba ashimishije, arashobora gutuma iciyumviro nyamukuru gitakara. (be 235 ing. 3) Igihe umutohoji yatahuye neza iciyumviro nyamukuru, ca uja ku ngingo ikurikira.

Umuvukanyi ariko yigisha ibintu vyinshi bituma umutohoji azazanirwa

Gupfa guheza amayagwa: Intumbero yacu ni iyo gukora ku mutima umutohoji si iyo guheza amayagwa. (Lk 24:32) Niwikore ku bubasha bw’Ijambo ry’Imana mu gushimika ku vyanditswe nyamukuru. (2Kr 10:4; Heb 4:12; be 144 ing. 1-3) Koresha ibigereranyo vyoroshe gutahura. (be 245 ing. 2-4) Nuzirikane ku ngorane uwo mutohoji afise canke ivyo yemera hama uhuze icigwa n’ivyo akeneye. Mubaze ibibazo nk’ibi: “Wiyumvira iki kuri ibi turiko turiga?” “Bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?” “Ubona hari ico vyokumarira ushize mu ngiro iyi mpanuro?”​—be 238 ing. 3-5; 259 ing. 1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika