ICIGWA CA 18
Gukoresha Bibiliya mu Kwishura Ibibazo
IGIHE abantu babajije ivyerekeye ivyo twemera, uburyo bwacu bwo kubaho, ico twibaza ku bintu biba, icizigiro dufise ca kazoza, turihatira gukoresha Bibiliya mu kwishura. Kubera iki? Kubera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Muri Bibiliya ni ho dukura ivyo twemera. Uburyo bwacu bwo kubaho tubushingira kuri Bibiliya. Ni yo itubwira ukuntu dukwiye kubona ibiba mw’isi. Icizigiro dufise ca kazoza gishinze imizi mu mihango yahumetswe muri Bibiliya.—2 Tim. 3:16, 17.
Turazi neza ibanga rijana n’izina twitwa. Turi Ivyabona vya Yehova. (Yes. 43:12) Rero twishura ibibazo tutishimikije ivyiyumviro vy’abantu, ariko twishimikiza ico Yehova avuga mw’Ijambo ryiwe ryahumetswe. Ego ni ko, kubera ko turi abantu turagira ivyo twiyumvira ku bintu, mugabo turareka Ijambo ry’Imana rikarongora ivyiyumviro vyacu, kubera ko twajijutse koko yuko ari ukuri. Birumvikana, mu bintu vyinshi Bibiliya iraturekera umwidegemvyo wo kugira ivyo dushima. Aho guhatira abandi ku vyo twebwe dushima, twipfuza kwigisha ingingo ngenderwako ziri mu Vyanditswe. Ivyo bituma abatwumviriza bakoresha uwo mwidegemvyo nyene natwe dufise wo kwihitiramwo. Nka kumwe kw’intumwa Paulo, turondera ko “bumvir[a] Imana babiheshwa no kwizera.”—Rom. 16:26.
Mu Vyahishuriwe 3:14, Yezu Kirisitu avugwa yuko ari “icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri.” Mbega ibibazo yavyishura gute? Kandi ibintu vyamushikira yavyifatamwo gute? Rimwe na rimwe, mu kwishura yakoresha ibigereranirizo vyatuma abantu biyumvira. Ibindi bihe na ho, yishura mu kubaza ikibazo nyene, c’ukuntu ubwiwe atahura icanditswe kanaka. Kenshi yishura asubiramwo ivyanditswe, mu kubivuga mu ncamake canke mu kubikikirizako. (Mat. 4:3-10; 12:1-8; Luka 10:25-28; 17:32) Mu kinjana ca mbere, imizingo y’Ivyanditswe mu bisanzwe yagumizwa mu masinagogi. Nta kintu kiriho kitwereka yuko Yezu ubwiwe yari yifitiye icegeranyo c’iyo mizingo, mugabo yari azi Ivyanditswe neza kandi akavyerekezako kenshi igihe yigisha abandi. (Luka 24:27, 44-47) Yarubahutse kuvugisha ukuri yuko ivyo yigisha bitari ivyo yigeneye. Yavuga ivyo yari yarumvanye Se.—Yoh. 8:26.
Ico twipfuza ni ugukurikira akarorero ka Yezu. Ubwacu ntiturumva Imana ivuga nk’uko Yezu yavyumvise. Mugabo Bibiliya ni Ijambo ry’Imana. Igihe turikoresha nka ryo shimikiro ry’inyishu dutanga, tuba twirinze gukwegera ivyiyumviro kuri twebwe nyene. Turerekana yuko aho gutanga iciyumviro cacu c’abanyagasembwa twiyemeza dushikamye kureka ngo Imana ibe ari yo ivuga ikiri ukuri ico ari co.—Yoh. 7:18; Rom. 3:4.
Birumvikana, icipfuzo cacu si ico gukoresha Bibiliya vyonyene, ahubwo ni ico kuyikoresha mu buryo buzorushiriza kugirira akamaro uwutwumviriza. Dushaka ko atwumviriza neza. Bivuye ku nyifato ya nya muntu, woshobora kwinjizamwo ivyiyumviro vyo muri Bibiliya, mu kuvuga uti: “Ntiwemera yuko igihambaye vy’ukuri ari ico Imana ivuga?” Canke woshobora kuvuga uti: “Mbega wari uzi yuko Bibiliya ivuga ivy’ico kibazo nyene?” Nimba uriko uganira n’umuntu atubaha Bibiliya, hari aho wokenera gukoresha intangamarara yoba idasa n’iyo. Woshobora kuvuga uti: “Reka turabire hamwe ubu buhanuzi bwatanzwe kera.” Canke ushobora kuvuga uti: “Igitabu cakwiragijwe cane kuruta ibindi kw’isi kivuga ibi . . . ”
Rimwe na rimwe ushobora guhitamwo kuvuga gusa icanditswe muri make. Ariko rero aho bishoboka, birarushiriza kuba vyiza uzinguruye Bibiliya ubwayo hanyuma ugasoma ico ivuga. Niwereke uwo muntu nya canditswe muri Bibiliya yiwe bwite igihe cose ivyo bibereye. Ukwo guca umuntu akoresha Bibiliya kenshi kuragira ububasha bukomeye ku bantu.—Heb. 4:12.
Abakurambere b’Abakirisu barafise ibanga ridasanzwe ryo gukoresha Bibiliya igihe bishura ibibazo. Imwe muri kamere zisabwa kugira umuvukanyi akore bwa mukurambere, ni uko aba “agumya ijambo ryo kwizerwa rihūra n’ukwigisha kw[iwe].” (Tito 1:9) Umuntu wo mw’ishengero ashobora gufata ingingo ikomeye mu buzima bivuye ku mpanuro ahawe n’umukurambere. Ese ukuntu bihambaye kubona yuko iyo mpanuro iba ishingiye rwose ku Vyanditswe! Akarorero umukurambere atanga muri ivyo karashobora kwosha abandi benshi mu buryo bigisha.