Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
3-9 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 1-6
“Wizigire Yehova n’umutima wawe wose”
w00 15/1 23-24
Nutsimbataze ubugenzi somambike na Yehova
UMWIGISHWA Yakobo yanditse ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Umwanditsi wa zaburi Dawidi na we yaririmvye ati: “Ubugenzi somambike na Yehova ni ubw’abamutinya.” (Zaburi 25:14) Birumvikana ko Yehova yipfuza ko tugiranira na we ubucuti bwa hafi. Ariko ntiwumve, ivyo ntibisigura ko umuntu wese asenga Imana kandi akubahiriza amabwirizwa yayo aca yumva ayiyegereje.
Weho ivyawe biri gute? Woba ufitaniye na Yehova ubucuti bwa hafi? Nta nkeka ko wipfuza kumwiyegereza. None twotsimbataza gute ubugenzi somambike n’Imana? Mbe hoho, bisaba iki? Inyishu z’ivyo bibazo turazisanga mu kigabane ca gatatu mu gitabu c’Imigani.
Nugaragaze ubuntu bwuzuye urukundo kandi uvuge ukuri
Mu gitabu c’Imigani, Salomo umwami wa Isirayeli atangura ikigabane ca gatatu avuga ati: “Mwananje, ntiwibagire itegeko ryanje, kandi umutima wawe wubahirize amabwirizwa yanje, kuko uzokwongerwa ubwinshi bw’imisi n’imyaka y’ubuzima be n’amahoro.” (Imigani 3:1, 2) Kubera ko Salomo yanditse ayo majambo ahumetswe n’Imana, nta gukeka ko iyo mpanuro ya kivyeyi tuyihabwa na Yehova Imana. Iyo mpanuro iduhimiriza kwisunga ivyibutsa vy’Imana, na vyo bikaba bigizwe n’amategeko yayo, inyigisho zayo n’amabwirizwa yayo dusanga muri Bibiliya. Ivyo nitwabikora, “tuzokwongerwa ubwinshi bw’imisi n’imyaka y’ubuzima be n’amahoro.” Ego cane, no muri iki gihe turashobora kugira ubuzima butekanye kandi tukirinda ibintu vyodukwegera urupfu hataragera, nka kurya bikunze gushikira inkozi z’ibibi. Bisubiye, turagira icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha irangwamwo amahoro.—Imigani 1:24-31; 2:21, 22.
Salomo arabandanya ati: “Ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri ubwavyo ntibigucarukane. Bibohere mw’izosi ryawe. Vyandike ku gisate c’umutima wawe, ubone kuronka ubutoni n’ugutahura kwimbitse kwiza mu maso y’Imana n’ay’umuntu yakuwe mw’ivu.”—Imigani 3:3, 4.
Mu rurimi rw’intango, ijambo ryahinduwe ngo “ubuntu bwuzuye urukundo” rishobora kandi guhindurwa ngo “urukundo rudahemuka,” kandi ritekeye iciyumviro co kwumirako, gushigikirana no kutadohoka. None twoba dufise umwiyemezo wo kwumira kuri Yehova naho hoza iki? Twoba tugaragaza ubuntu bwuzuye urukundo mu migenderanire tugiriranira n’abo dusangiye ukwizera? Twoba dukora ibikenewe kugira tugume turi hafi yabo? Mu vyo dukorana na bo mu buzima bwa misi yose, twoba tugumiza ‘itegeko ry’ubuntu bwuzuye urukundo ku rurimi rwacu,’ mbere no mu bihe bitoroshe?—Imigani 31:26.
Kubera yuko Yehova agwije ubuntu bwuzuye urukundo, yama ‘yiteguriye kubabarira.’ (Zaburi 86:5) Nimba twarigaye ibicumuro twakoze, ubu na ho tukaba turiko turatunganiriza ibirenge vyacu inzira zigororotse, nta nkeka ko Yehova azoturonsa “ibiringo vy’ukuruhurirwa.” (Ivyakozwe 3:19) Wumva none tudakwiye kwigana Imana yacu mu guharira abandi?—Matayo 6:14, 15.
Yehova ni “Imana y’inyakuri,” kandi yiteze ko abarondera kugiranira na we ubugenzi somambike bavuga “ukuri.” (Zaburi 31:5) Twoba twokwitega ko Yehova atubera umugenzi mu gihe dufise ubuzima burimwo tubiri nk’“abantu b’ababeshi” banyegeza ico bari? Umuntu afise ubuzima nk’ubwo usanga yigenza neza igihe ari kumwe n’abandi bakirisu, ariko akigenza ukutari kwo igihe batamubona. (Zaburi 26:4) Mbega ingene ivyo vyoba biranga ubujuju narirya ibintu “vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso” ya Yehova!—Abaheburayo 4:13.
Ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri dukwiye kubona ko bihambaye nk’ikirezi ‘twambaye mw’izosi,’ kuko bitumwa ‘turonka ubutoni mu maso y’Imana n’ay’abantu.’ Ntidukwiye kugaragaza izo kamere gusa, ahubwo turakeneye no kuzandika ‘ku gisate c’umutima wacu,’ ni ukuvuga zikaba mu bitugize.
Niwizigire Yehova uherejeko
Wa mwami w’inkerebutsi arabandanya ati: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.”—Imigani 3:5, 6.
Birabereye ko twizigira Yehova tugaherezako. Kubera ari we Muremyi, “yuzuye ingoga mu bubasha” kandi ni we Soko ry’“inguvu rukozi.” (Yesaya 40:26, 29) Arashoboye kurangura ibintu vyose yishingiye. Nakare, izina ryiwe risigura urudome ku rundi ngo “Atuma bicika ukuntu,” kandi ivyo biratuma twizera ko ashoboye kurangura ivyo yasezeranye. Imana ni yo karorero ruheta mu bijanye no kuvuga ukuri kubera yuko ‘idashobora kubesha.’ (Abaheburayo 6:18) Urukundo ni yo kamere yiwe iruta izindi zose. (1 Yohani 4:8) Ni “umugororotsi mu nzira ziwe zose akaba n’intahemuka mu bikorwa vyiwe vyose.” (Zaburi 145:17) None tutizeye Imana, wumva ari nde wundi twokwizera? Kugira bishoboke ko tumwizera, birumvikana ko dukeneye ‘guhonja, tukabona ko Yehova aryoshe.’ Ivyo twobigira mu gushira mu ngiro ivyo twiga muri Bibiliya no mu kuzirikana ku vyiza duheza tukironkera.—Zaburi 34:8.
Ni gute none ‘twokwibuka Yehova mu nzira zacu zose’? Umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Nzozirikana igikorwa cawe cose, kandi ivyo ukora ni vyo nzokwitwararika.” (Zaburi 77:12) Narirya tudashobora kubona Imana, kuzirikana ibikorwa vyayo bihambaye n’ivyo ikorera abantu birakenewe cane kugira dutsimbataze ubugenzi somambike na yo.
Isengesho ni ubundi buryo buhambaye bwerekana ko twibuka Yehova. Umwami Dawidi yaguma ahamagara Yehova “bukarinda bwira.” (Zaburi 86:3) Yarakunda gusenga mw’ijoro. Ivyo yarabigize nk’igihe yari yahungiye mu gahinga. (Zaburi 63:6, 7) Intumwa Paulo yaduhimirije ati: “Mubandanye gusenga igihe cose mu mpwemu.” (Abanyefeso 6:18) None twoba dusenga kenshi? Twoba duhimbarwa no kuyagira Imana ivyo dufise ku mutima? Twoba tumutakambira ngo adufashe igihe duhanganye n’ibigeragezo? Imbere yo gufata ingingo zihambaye, twoba dusenga kugira tumusabe ubuyobozi? Amasengesho avuye ku mutima dutura Yehova atuma adukunda cane. Kandi nta mazinda dufise ko azokwumviriza amasengesho yacu yongere ‘agorore iminyuro yacu.’
Ese ingene bwoba ari ubupfu ‘twishimikije ubwenge bwacu’ canke ubw’abantu ba rurangiranwa mw’isi aho kwizigira Yehova duherejeko! Salomo avuga ati: “Ntube inkerebutsi mu maso yawe bwite.” Aca aduhimiriza ati: “Tinya Yehova, uce kure ikibi. Nibibere umukondo wawe umuti, bibere n’amagufa yawe ukuruhurirwa.” (Imigani 3:7, 8) Ibikorwa vyacu, ivyiyumviro vyacu n’inyiyumvo zacu bikwiye kwama vyerekana ko dutinya kubabaza Imana. Ukwo gutinya Imana bivuye ku cubahiro tuyifiye kuraturinda gukora ibibi kandi kuratuma tugira amagara meza mu vy’impwemu.
Ha Yehova ivyiza kuruta ibindi mu vyo ufise
Ni igiki kandi codufasha kwiyegereza Yehova? Salomo agira ati: “Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro be n’umushuzo w’umwimbu wawe wose.” (Imigani 3:9) Gutera iteka Yehova bisigura kumusonera cane no kumushemagiza, ivyo tukabigira mu kwamamaza izina ryiwe no mu gutanga intererano zishigikira ico gikorwa. Ibintu vyagaciro twokoresha mu gutera iteka Yehova ni umwanya wacu, ubuhanga dufise, inguvu zacu hamwe n’ivyo dutunze. Ivyo bitegerezwa kuba ari umushuzo, ni ukuvuga birya vyiza kuruta ibindi mu vyo dufise. Ntiwumva none ko uburyo dukoresha amatungo yacu bukwiye kugaragaza ko twiyemeje ‘kuguma tubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana’?—Matayo 6:33.
w00 15/1 24
Nutsimbataze ubugenzi soma mbike na Yehova
Ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri dukwiye kubona ko bihambaye nk’ikirezi ‘twambaye mw’izosi,’ kuko bitumwa ‘turonka ubutoni mu maso y’Imana n’ay’abantu.’ Ntidukwiye kugaragaza izo kamere gusa, ahubwo turakeneye no kuzandika ‘ku gisate c’umutima wacu,’ ni ukuvuga zikaba mu bitugize.
Niwizigire Yehova uherejeko
Wa mwami w’inkerebutsi arabandanya ati: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.”—Imigani 3:5, 6.
Birabereye ko twizigira Yehova tugaherezako. Kubera ari we Muremyi, “yuzuye ingoga mu bubasha” kandi ni we Soko ry’“inguvu rukozi.” (Yesaya 40:26, 29) Arashoboye kurangura ibintu vyose yishingiye. Nakare, izina ryiwe risigura urudome ku rundi ngo “Atuma bicika ukuntu,” kandi ivyo biratuma twizera ko ashoboye kurangura ivyo yasezeranye. Imana ni yo karorero ruheta mu bijanye no kuvuga ukuri kubera yuko ‘idashobora kubesha.’ (Abaheburayo 6:18) Urukundo ni yo kamere yiwe iruta izindi zose. (1 Yohani 4:8) Ni “umugororotsi mu nzira ziwe zose akaba n’intahemuka mu bikorwa vyiwe vyose.” (Zaburi 145:17) None tutizeye Imana, wumva ari nde wundi twokwizera? Kugira bishoboke ko tumwizera, birumvikana ko dukeneye ‘guhonja, tukabona ko Yehova aryoshe.’ Ivyo twobigira mu gushira mu ngiro ivyo twiga muri Bibiliya no mu kuzirikana ku vyiza duheza tukironkera.—Zaburi 34:8.
Ni gute none ‘twokwibuka Yehova mu nzira zacu zose’? Umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Nzozirikana igikorwa cawe cose, kandi ivyo ukora ni vyo nzokwitwararika.” (Zaburi 77:12) Narirya tudashobora kubona Imana, kuzirikana ibikorwa vyayo bihambaye n’ivyo ikorera abantu birakenewe cane kugira dutsimbataze ubugenzi somambike na yo.
Isengesho ni ubundi buryo buhambaye bwerekana ko twibuka Yehova. Umwami Dawidi yaguma ahamagara Yehova “bukarinda bwira.” (Zaburi 86:3) Yarakunda gusenga mw’ijoro. Ivyo yarabigize nk’igihe yari yahungiye mu gahinga. (Zaburi 63:6, 7) Intumwa Paulo yaduhimirije ati: “Mubandanye gusenga igihe cose mu mpwemu.” (Abanyefeso 6:18) None twoba dusenga kenshi? Twoba duhimbarwa no kuyagira Imana ivyo dufise ku mutima? Twoba tumutakambira ngo adufashe igihe duhanganye n’ibigeragezo? Imbere yo gufata ingingo zihambaye, twoba dusenga kugira tumusabe ubuyobozi? Amasengesho avuye ku mutima dutura Yehova atuma adukunda cane. Kandi nta mazinda dufise ko azokwumviriza amasengesho yacu yongere ‘agorore iminyuro yacu.’
Mbega ukuntu bwoba ari ubupfu ‘twishimikije ubwenge bwacu bwite’ canke ubw’abantu ba rurangiranwa mw’isi aho kwizigira cane Yehova! Salomo yavuze ati: “Ntube inkerebutsi mu maso yawe bwite.” Ahubwo aduhimiriza ati: “Tinya Yehova, uce kure ikibi. Nibibere umukondo wawe umuti, bibere n’amagufa yawe ukuruhurirwa.” (Imigani 3:7, 8) Ibikorwa vyacu, ivyiyumviro vyacu n’inyiyumvo zacu bikwiye kwama vyerekana ko dutinya kubabaza Imana. Ukwo gutinya Imana bivuye ku cubahiro tuyifiye kuraturinda gukora ibibi kandi kuratuma tugira amagara meza mu vy’impwemu.
Ha Yehova ivyiza kuruta ibindi mu vyo ufise
Ni igiki kandi codufasha kwiyegereza Yehova? Salomo agira ati: “Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro be n’umushuzo w’umwimbu wawe wose.” (Imigani 3:9) Gutera iteka Yehova bisigura kumusonera cane no kumushemagiza, ivyo tukabigira mu kwamamaza izina ryiwe no mu gutanga intererano zishigikira ico gikorwa. Ibintu vyagaciro twokoresha mu gutera iteka Yehova ni umwanya wacu, ubuhanga dufise, inguvu zacu hamwe n’ivyo dutunze. Ivyo bitegerezwa kuba ari umushuzo, ni ukuvuga birya vyiza kuruta ibindi mu vyo dufise. Ntiwumva none ko uburyo dukoresha amatungo yacu bukwiye kugaragaza ko twiyemeje ‘kuguma tubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana’?—Matayo 6:33.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Imigani
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:7; 9:10—Ni mu buryo ki ugutinya Yehova ari “kwo tanguriro ry’ukumenya”, kukaba na “kwo tanguriro ry’ubgenge”, ari bwo bukerebutsi? Umuntu adatinya Yehova ntashobora kugira ubumenyi, kubera yuko ari we Muremyi w’ibintu vyose akaba ari na we Ivyanditswe bikomokako (Abaroma 1:20; 2 Timoteyo 3:16, 17). Ni we Soko ruheta ry’ubumenyi nyakuri bwose. Ni co gituma rero ugutinya Yehova kurimwo ukumwubaha ari yo ntango y’ubumenyi. N’ikindi kandi, ugutinya Imana ni kwo tanguriro ry’ubukerebutsi kubera yuko ata muntu ashobora kugira ubukerebutsi ata bumenyi afise. Vyongeye, umuntu adatinya Yehova ntakoresha ubumenyi na bumwe afise kugira ngo atere iteka Umuremyi.
it-2 180
Ubumenyi
Isoko ry’ubumenyi. Yehova ni we Sôko nyamukuru ry’ubumenyi. Ivyo ni ko biri kuko ari we ubuzima bukomokako, kandi umuntu akaba adashobora kuronka ubumenyi adafise ubuzima. (Zb 36:9; Ivk 17:25, 28) Vyongeye, kubera ko ibintu vyose vyaremwe n’Imana, ubumenyi abantu bafise baburonka kubera baza bariga ivyo yaremye. (Ivy 4:11; Zb 19:1, 2) Imana kandi ni yo yahumetse Ijambo ryayo Bibiliya, ari na ryo ridufasha kumenya ivyo igomba n’imigambi yayo. (2Tm 3:16, 17) Ubumenyi nyakuri bwose rero buva kuri Yehova. Ku bw’ivyo, umuntu ashaka kuburonka abwirizwa gutinya Yehova ku buryo yirinda gukora ibintu vyotuma atamushima. Ugutinya Imana nk’ukwo ni yo ntango y’ubukerebutsi. (Img 1:7) Ukwo gutinya Imana kuratuma umuntu ashobora kuronka ubumenyi butagira amakosa, mu gihe abantu batibanga Imana bobo baca bishiramwo ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’ivyo biga.
w00 15/9 25-26
Nuzigame izina ryiza
UMUNTU azi kwubaka inzu nzizanziza aramenyekana ko ari umwubatsi w’umuhanga. Umwigeme aronka amanota meza kw’ishure aramenyekana ko ari umunyeshure w’incabwenge. Mbere n’umuntu adakura amaboko mu mpuzu aramenyekana ko ari ikinebwe. Bibiliya irerekana igituma bihambaye kwihesha izina ryiza mu kuvuga iti: “Kuvugwa neza kuruta kugira ubutunzi bginshi, kandi kuba rurangwa kuruta kugira ifeza n’izahabu.”—Imigani 22:1, Bibiliya Yera.
Izina ryiza umuntu arironka biciye ku bikorwa bitobito agenda arakora mu buzima. Ariko igikorwa kimwe gusa kiranga ubupfu kirashobora gutuma aritakaza. Nk’akarorero, umuntu akoze ivy’ubuhumbu naho ryoba rimwe gusa, arashobora gucafuza izina ryiza yari afise. Mu Migani ikigabane ca 6, Umwami Salomo aratugabisha ku bijanye n’ibintu bishobora gucafuza izina ryiza twari dufise kandi bikonona ubucuti dufitaniye na Yehova. Muri ivyo harimwo gusezerana utabanje kwiyumvira, ubunebwe, kuvuga ibinyoma hamwe n’ubuhumbu, bikaba ari ibintu Yehova yanka. Gukurikiza iyo mpanuro bizodufasha kugumana izina ryiza.
Ntiwishinge abandi utabanje kwiyumvira
Ikigabane ca 6 c’igitabu c’Imigani gitangurwa n’amajambo agira ati: “Mwananje, nimba wishinze mugenzawe, nimba wahaye ukuboko uw’ahandi, nimba wafashwe n’amajambo y’akanwa kawe, nimba wacakiwe n’amajambo y’akanwa kawe, nugire uku rero mwananje, wirokore, kuko wakorokeye mu kiganza ca mugenzawe: Genda wicishe bugufi, uzigitīre mugenzawe.”—Imigani 6:1-3.
Iyo mpanuro idusaba kwirinda kwisuka mu bintu bijanye n’urudandaza rw’abandi, canecane abantu tutazi. Abisirayeli bategerezwa ‘gufata mu mugongo mwene wabo w’umworo kandi agoyagoya mu vy’ubutunzi.’ (Abalewi 25:35-38) Ariko rero, hari Abisirayeli bamwebamwe wasanga bakora urudandaza ata wuzi neza ko ruzokwunguka, bakabigira babanje gusaba amadeni. Baca basaba abandi ngo babishinge, iryo deni rigaca rija ku gatwe kabo. Ibintu nk’ivyo birashobora gushika muri iki gihe. Nk’akarorero, imbere yo guha umuntu ingurane, amashirahamwe yoshobora gusaba ko habaho umuntu amwishinga, canecane igihe babona ko vyohava bimugora kuyariha. Ese ingene bitoba biranga ubukerebutsi gusinyira umuntu nk’uwo utabanje kuzirikana! Birashobora gushira mu kaga amatungo yacu, bikanatuma twiteranya n’amashirahamwe atanga ingurane!
None twobigenza gute hamwe twosanga twakoze ikintu mu ntango wamenga nta co gitwaye, ariko dusubiye kuvyihweza neza tugasanga ntikiranga ubukerebutsi? Muri ico gihe duhanurwa kureka ubwibone maze tukinginga twivuye inyuma uwo dufitaniye ingorane. Dutegerezwa gukora ivyo dushoboye vyose kugira dutunganye iyo ngorane. Kuri ivyo, igitabu kimwe kigira giti: “Kora uko ushoboye kwose kugira mwumvikane n’uwo muntu ntibitume ya ndagano wagira ija ku gatwe kawe canke ku muryango wawe.” Mbere ivyo dukwiye kubikora mu maguru masha, kuko umwami Salomo abandanya ati: “Ntuhe amaso yawe itiro, canke ngo uhe agatiro amaso yawe aca ibibatsi. Niwirokore nk’ingeregere mu kuboko kw’umuhigi, nk’inyoni mu kuboko kw’umutezi w’inyoni.” (Imigani 6:4, 5) Igihe bishoboka, umuntu yopfuma yivuguruza hako areka indagano yagize gihutihuti ikamubera umutego.
Nugire umwete nk’ikimonyo
Salomo aduhanura ati: “Genda ku kimonyo, wa kinebwe; niwihweze inzira zaco uheze ube inkerebutsi.” None ni ibiki twokwigira ku kimonyo? Salomo yishura ati: “Naho kitagira umukomanda, umurongozi canke umutware, gitegura indya zaco mu ci; cegeranije ivyo kurya vyaco mw’iyimbura.”—Imigani 6:6-8.
Ibimonyo bifise urutonde rudasanzwe kandi birasenyera ku mugozi umwe mu buryo butangaje. Naho bigenza itima, biregeranya ivyo bizorya muri kazoza. Ntibigira “umukomanda, umurongozi canke umutware.” Ni ivy’ukuri ko ibimonyo bifise umwamikazi, ariko yitwa gutyo kubera gusa ari we ata amagi kandi akaba ari nyina wavyo vyose. Ntajejwe gutanga amategeko. Naho ata mushefu bifise aza arabiha amategeko canke aza arasuzuma ko biriko birakora, birakora vyivuye inyuma.
Tweho none ntidukwiye kugira umwete nk’ukwo kw’ibimonyo? Gukorana umwete no kuryohora ubuhanga dukorana biratugirira akamaro, twaba turi kumwe n’abahagarikizi badusuzuma canke batahari. Dukwiye gukorana umwete aho turi hose, haba kw’ishure, ku kazi canke mu bikorwa vy’impwemu. Nka kurya nyene ikimonyo cungukira ku mwete gikorana, ni ko Imana ishaka ko ‘tubona iciza ku bw’igikorwa cacu cose c’ubutame.’ (Umusiguzi 3:13, 22; 5:18) Nitwakorana umwete, tuzogira ijwi ryo mu mutima ryiza twongere dushire akanyota.—Umusiguzi 5:12.
Salomo akoresheje utubazo tubiri, aragerageza gukangura ikinebwe cidibamiye ati: “Uzogeza ryari ga wa kinebwe kuguma wiryamiye? Uzovyuka ryari mw’itiro ryawe?” Mu kwigana ivyo ico kinebwe cibwira, yongerako ati: “Isinzirire irindi tiro rikeyi, akandi gatiro gakeyi, uzinge amaboko kandi gatoyi mu kuryama, maze ubworo bwawe ntibuzobura kuza nk’umusahuzi, ubukene bwawe na bwo nk’umuntu yitwaje ikirwanisho.” (Imigani 6:9-11) Mu gihe umunebwe yiraramiye ata co yinona, ubworo bumuzako giturumbuka nk’igisuma, ubukene na bwo bukaza nk’umuntu yitwaje ikirwanisho. Imirima y’umuntu arera amaboko ntiteba kwuzuramwo ivyatsi n’ibisaka vy’amahwa. (Imigani 24:30, 31) Mu kanya isase urudandaza rwiwe ruba ruhomvye. Mbega umukozi w’umunebwe yorambira mu kazi? Mbega umunyeshure atiga yokwitega kumenya?
Nube imvugakuri
Salomo arashira ahabona ikindi kintu cosiga iceyi umuntu kandi kikonona ubucuti bwiza yari afitaniye n’Imana. Avuga ati: “Umuntu w’imburakimazi, umuntu akora ibibabaza, usanga agendana imvugo ihetaraye, akavunagura ingohe n’ijisho, akagira ibimenyetso n’ikirenge ciwe, akagira n’intoke ziwe ibimenyetso vyo kwerekana ibintu. Ubugorame buri mu mutima wiwe. Yama ariko arementanya ikibi igihe cose. Aguma yandurutsa amahane.”—Imigani 6:12-14.
Iyo ni imvugo idondora umuntu w’umubeshi. Umubeshi yama agerageza guhisha ibinyoma vyiwe. Ivyo abigira gute? Ntakoresha gusa “imvugo ihetaraye,” ariko n’ibimenyetso agira biravyerekana. Incabwenge imwe ivuga iti: “Ibimenyetso umubeshi agira, ijwi akoresha, mbere n’ukuntu aboneka mu maso, vyose ni amayeri yikorako mu kubesha; naho womenga ivyo avuga ni vyo, biba ari ibintu bidafashe kandi vyinyegejemwo umutima mubi.” Umuntu nk’uyo w’imburakimazi aguma ateka umutwe yiyumvira imigambi igayitse kandi usanga akunda kuvyura amahane. Mbega ibintu bizomugendera gute?
10-16 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 7-11
“Umutima wawe ntukevye”
w00 15/11 29-30
“Gumya amabwirizwa yanje, ubandanye kubaho”
Salomo arabandanya ati: ‘Bohera [amabwirizwa yanje] ku ntoke zawe, kandi uyandike ku gisate c’umutima wawe.’ (Imigani 7:3) Intoke zama ziri imbere y’amaso yacu kandi ni kirumara mu kurangura imigambi yacu. Muri ubwo buryo nyene, inyigisho zo mu Vyanditswe twahawe n’abavyeyi canke ubumenyi twironkeje muri Bibiliya bikwiye kwama biri imbere yacu kugira bitubere ivyibutsa vyongere bituyobore mu vyo dukora vyose. Dukwiye kwandika inyigisho zo muri Bibiliya ku gisate c’umutima wacu, zikaba mu bitugize.
Salomo yibutse ingene ubukerebutsi n’ugutahura bihambaye, aduhimiriza ati: “Bwira ubukerebutsi uti: ‘Uri mushikanje’; ugutegera na kwo ukwite ‘incuti.’” (Imigani 7:4) Ubukerebutsi ni ubushobozi bwo gukoresha neza ubumenyi buva ku Mana. Dukwiye gukunda ubukerebutsi nka kurya dukunda mushiki wacu tuvukana. None ugutegera kwokwo ni iki? Ni ubushobozi bwo kwinjira mu mizi ikintu kanaka ku buryo tugitahura neza, tukamenya isano riri hagati y’ico kintu n’ibihimba bikigize. Dukwiye kwama dufise ugutegera nka kurya nyene umugenzi somambike yama hafi yacu.
Kubera iki dukwiye kugendera inyigisho zo muri Bibiliya kandi tugakunda ubukerebutsi n’ugutahura? Ni ‘kugira biturinde umugore w’igihumbu, biturinde umunyamahangakazi yagize amajambo yiwe ayasosa.’ (Imigani 7:5) Emwe, kwisunga iyo mpanuro bizodukingira amajambo asosa n’imvugo ijijura vy’umuntu w’igihumbu atwigenzako.
Umusore umwe ahura n’‘umugore w’urwenge’
Ubu na ho Salomo aradondora ibintu yiboneye ati: “Naravye hasi ndi kw’idirisha ry’inzu yanje, ncishije mu kayungiro, kugira nihweze abantu batazi utuntu n’utundi. Naritegereje mu bahungu ndabishashaye, mbona umusore atagira umutima, yariko aca mw’ibarabara hafi y’ikorosi ry’iwabo wa nya mugore, kandi yagendera mu nzira igana ku nzu y’uno mugore, mu gahwibi, ku mugoroba wa nya musi, ijoro n’umuzimagiza vyegereje.”—Imigani 7:6-9.
Idirisha Salomo arabiramwo rirafise akayungiro, bikaba bishoboka ko yari amagiriyaje kumbure akozwe mu buryo buryoheye ijisho. Uko izuba rirenga ni ko buguma buhwibira, ku buryo no mwibarabara hatangura kutabona neza. Agize atya, abona umusore ameze nk’impene igiye kubagwa. Nta mutima agira kubera yuko atazi utuntu n’utundi kandi akaba atabona kure. Ashobora kuba azi ingeso z’abantu bo muri ico gisagara yinjiyemwo hamwe n’ibishobora kumushikira. Uwo musore ashitse “hafi y’ikorosi” rikata rija ku nzu y’umugore umwe. None uwo mugore ni nde, kandi agamije gukora iki?
Salomo arabandanya ati: “Haza umugore kumusanganira, yambaye impuzu y’umumaraya n’urwenge mu mutima. Arashibaguzwa kandi ni intagondwa. Ibirenge vyiwe ntibiba mu nzu iwe. Mu mwanya ari hanze, mu mwanya ari mu bibanza vya bose, akabunda hafi y’ikorosi ryose.”—Imigani 7:10-12.
Uburyo uwo mugore yambaye burerekana ico ari. (Itanguriro 38:14, 15) Yambaye impuzu zitaranga urupfasoni, nk’umumaraya. Vyongeye, afise urwenge mu mutima. Arashibaguzwa kandi ni intagondwa, avuga menshi kandi ntakurwa kw’ijambo, arerura kandi afise amanyama. Ntarangwa muhira, ahubwo aguma yiyerereza mu bibanza birimwo abantu benshi, atembera mu mabarabara kugira aronke uwo yigarurira. Yironderera canecane umuntu ameze nk’uwo musore.
‘Umurengera w’ubushobozi bwo gutuma anyurwa’
Hari umusore rero aciye ahura n’uwo mugore w’icigenze kandi w’amayeri. Emwe, ivyo bishobora kuba vyaratumye Salomo abihweza yitonze! Yigana ati: “Ng’uyo aramucakiye, aramusoma. Yiyambuye udusoni ku maso, maze atangura kumubwira ati: ‘Nabwirizwa gutanga ibimazi vy’ugusangira. Uno musi nashikije indagano zanje. Ni co gituma nsohotse kugusanganira, kurondera mu maso hawe, ngo nkuronke.’”—Imigani 7:13-15.
Uwo mugore afise akarimi gasosa. Ariyambura udusoni twose, akavuga ata n’umutima usimba. Ikintu cose avuga ashiramwo ibirungo kugira yigarurire uwo musore. Kugira yiyerekane ko ari umugororotsi be n’uko ata co akenye mu vy’impwemu, avuga ko yatanze ibimazi vyo gusangira kuri uwo musi nyene be n’uko yashikije indagano ziwe. Ibimazi vyo gusangira vyatangwa ku rusengero i Yeruzalemu vyaba bigizwe n’inyama, ifu, amavuta n’umuvinyu. (Abalewi 19:5, 6; 22:21; Guharūra 15:8-10) Kubera ko nyene kibitanga yashobora gutwarako bikeyi ashobora gusangira n’umuryango wiwe, uwo mugore ariko yereka uwo musore ko iwiwe hari ibiribwa n’ibinyobwa bikwiye. Emwe, ico arondera kiribonekeza: Ashaka kujijura uwo musore ko yoryimara hamwe bojana muhira iwe. Avuga ata kindi camukuye muhira atari kurondera uwo musore. Mbega ikinyoma kigoye kwemera! Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga iti: “Ni ivy’ukuri ko uwo mugore yariko ararondera umugabo, ariko none yoba yari yazanywe no kurondera uwo musore nyene? Umuntu w’ikijuju nk’uwo musore ni we yovyemera.”
Amaze kuresha uwo musore biciye ku mpuzu zikwegera yambaye, ku karimi kiwe gasosa hama akamuhobera akongera akamusoma, aca avuga ati: “Uburiri bwanje nabusharije n’ibisaswa, n’ibintu vy’amabara menshi, bikozwe mu nyuzi z’ilino yo mu Misiri. Igitanda canje nakimijagiye imira, umubazibazi n’umudarasini.” (Imigani 7:16, 17) Yari yashashe neza igitanda ciwe, aragishariza n’ilino yo mu Misiri kandi akimijagirako ibintu bimota vyitwa imira, umubazibazi n’umudarasini.
Uwo mugore arabandanya ati: “Ingo, tunywe urukundo twidihe burinde buca; turyoherane mu guseruranira urukundo.” Ubwo butumire amuhaye si ubutumire busanzwe bwo gusangirira hamwe gusa, ahubwo ashaka ko baryamana. Uwo musore arakwegerwa n’ivyo bintu kandi yumva vyomuhimbara! Uwo mugore kugira amujijure avuga ati: “Kuko umugabo atari mu nzu iwe; yafashe urugendo rwa kure. Yagiye atwaye isaho y’amahera mu minwe. Azogaruka mu nzu iwe ku musi ukwezi kuzoba ari igisyo.” (Imigani 7:18-20) Aramwumvisha ko ata ngorane n’imwe ihari, kuko umugabo wiwe yagiye mu rugendo kandi akaba atazogaruka vuba. Mbega ukuntu akoresha ubuhanga kugira aryosharyoshe uwo musore! “Yamuhubije n’umurengera w’ubushobozi bwiwe bwo gutuma anyurwa. Amuryosharyosha akoresheje iminwa yiwe isosa.” (Imigani 7:21) Vyosaba umuntu ameze nka Yozefu kugira ashobore kunanira ikigeragezo nk’ico. (Itanguriro 39:9, 12) Mbega uwo musore yoba ashobora kugitsinda?
w00 15/11 30-31
“Gumya amabwirizwa yanje, ubandanye kubaho”
Salomo arabandanya ati: “Haza umugore kumusanganira, yambaye impuzu y’umumaraya n’urwenge mu mutima. Arashibaguzwa kandi ni intagondwa. Ibirenge vyiwe ntibiba mu nzu iwe. Mu mwanya ari hanze, mu mwanya ari mu bibanza vya bose, akabunda hafi y’ikorosi ryose.”—Imigani 7:10-12.
Uburyo uwo mugore yambaye burerekana ico ari. (Itanguriro 38:14, 15) Yambaye impuzu zitaranga urupfasoni, nk’umumaraya. Vyongeye, afise urwenge mu mutima. Arashibaguzwa kandi ni intagondwa, avuga menshi kandi ntakurwa kw’ijambo, arerura kandi afise amanyama. Ntarangwa muhira, ahubwo aguma yiyerereza mu bibanza birimwo abantu benshi, atembera mu mabarabara kugira aronke uwo yigarurira. Yironderera canecane umuntu ameze nk’uwo musore.
‘Umurengera w’ubushobozi bwo gutuma anyurwa’
Hari umusore rero aciye ahura n’uwo mugore w’icigenze kandi w’amayeri. Emwe, ivyo bishobora kuba vyaratumye Salomo abihweza yitonze! Yigana ati: “Ng’uyo aramucakiye, aramusoma. Yiyambuye udusoni ku maso, maze atangura kumubwira ati: ‘Nabwirizwa gutanga ibimazi vy’ugusangira. Uno musi nashikije indagano zanje. Ni co gituma nsohotse kugusanganira, kurondera mu maso hawe, ngo nkuronke.’”—Imigani 7:13-15.
Uwo mugore afise akarimi gasosa. Ariyambura udusoni twose, akavuga ata n’umutima usimba. Ikintu cose avuga ashiramwo ibirungo kugira yigarurire uwo musore. Kugira yiyerekane ko ari umugororotsi be n’uko ata co akenye mu vy’impwemu, avuga ko yatanze ibimazi vyo gusangira kuri uwo musi nyene be n’uko yashikije indagano ziwe. Ibimazi vyo gusangira vyatangwa ku rusengero i Yeruzalemu vyaba bigizwe n’inyama, ifu, amavuta n’umuvinyu. (Abalewi 19:5, 6; 22:21; Guharūra 15:8-10) Kubera ko nyene kibitanga yashobora gutwarako bikeyi ashobora gusangira n’umuryango wiwe, uwo mugore ariko yereka uwo musore ko iwiwe hari ibiribwa n’ibinyobwa bikwiye. Emwe, ico arondera kiribonekeza: Ashaka kujijura uwo musore ko yoryimara hamwe bojana muhira iwe. Avuga ata kindi camukuye muhira atari kurondera uwo musore. Mbega ikinyoma kigoye kwemera! Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga iti: “Ni ivy’ukuri ko uwo mugore yariko ararondera umugabo, ariko none yoba yari yazanywe no kurondera uwo musore nyene? Umuntu w’ikijuju nk’uwo musore ni we yovyemera.”
Amaze kuresha uwo musore biciye ku mpuzu zikwegera yambaye, ku karimi kiwe gasosa hama akamuhobera akongera akamusoma, aca avuga ati: “Uburiri bwanje nabusharije n’ibisaswa, n’ibintu vy’amabara menshi, bikozwe mu nyuzi z’ilino yo mu Misiri. Igitanda canje nakimijagiye imira, umubazibazi n’umudarasini.” (Imigani 7:16, 17) Yari yashashe neza igitanda ciwe, aragishariza n’ilino yo mu Misiri kandi akimijagirako ibintu bimota vyitwa imira, umubazibazi n’umudarasini.
Uwo mugore arabandanya ati: “Ingo, tunywe urukundo twidihe burinde buca; turyoherane mu guseruranira urukundo.” Ubwo butumire amuhaye si ubutumire busanzwe bwo gusangirira hamwe gusa, ahubwo ashaka ko baryamana. Uwo musore arakwegerwa n’ivyo bintu kandi yumva vyomuhimbara! Uwo mugore kugira amujijure avuga ati: “Kuko umugabo atari mu nzu iwe; yafashe urugendo rwa kure. Yagiye atwaye isaho y’amahera mu minwe. Azogaruka mu nzu iwe ku musi ukwezi kuzoba ari igisyo.” (Imigani 7:18-20) Aramwumvisha ko ata ngorane n’imwe ihari, kuko umugabo wiwe yagiye mu rugendo kandi akaba atazogaruka vuba. Mbega ukuntu akoresha ubuhanga kugira aryosharyoshe uwo musore! “Yamuhubije n’umurengera w’ubushobozi bwiwe bwo gutuma anyurwa. Amuryosharyosha akoresheje iminwa yiwe isosa.” (Imigani 7:21) Vyosaba umuntu ameze nka Yozefu kugira ashobore kunanira ikigeragezo nk’ico. (Itanguriro 39:9, 12) Mbega uwo musore yoba ashobora kugitsinda?
“Nk’ishūri igiye gukererwa”
Salomo yigana ati: “Bukwi na bukwi, ng’uyo aramukurikiye, nk’ishūri igiye gukererwa, nk’igipfu kiboheshejwe amapingu ngo gitozwe indero, gushika umwampi umusatuye igitigu, nk’uko inyoni yihuta ija mu mutego, ntiyamenya ko bigeramiye ubuzima bwiwe.”—Imigani 7:22, 23.
Uwo musore biramunanira kwigumya. Nk’aho umengo nta bwenge na bukeyi afise, aramukurikira “nk’ishūri igiye gukererwa.” Nka kurya kw’imbohe iboheshejwe amapingu idashoboye gutoroka, uwo musore arirekerana akagwa mu caha. Ntabona akaga arimwo, gushika “umwampi umusatuye igitigu,” ni ukuvuga gushika akomeretse ku buryo ashobora no gupfa. Emwe, yoshobora gukomereka ku mubiri kubera yikwegeye indwara zindukira biciye mu bihimba vy’irondoka, canke na ho agakomereka mu buryo bw’impwemu, kuko ashobora no kubura “ubuzima.” Biramukwegera ingaruka mbi mu buzima bwiwe, bisubiye aba yacumuye bimwe bikomeye ku Mana. Aba yikwegeye urupfu nka kurya kw’inyoni yita mu mutego.
“Ntiwangare mu mabarabara yiwe”
Salomo amaze gukura icigwa mu vyo yari ahejeje kubona, aca ahimiriza ati: “None rero, bana, nimunyumvirize kandi mutege ugutwi amajambo y’akanwa kanje. Umutima wawe ntukevye ngo uje mu nzira ziwe. Ntiwangare mu mabarabara yiwe. Kuko abo yagaritse ari benshi, kandi abicwa na we bose ni indiri. Inzu yiwe ni inzira zija mu kuzimu; zimanuka zigana ivyumba vy’urupfu.”—Imigani 7:24-27.
Impanuro ya Salomo iratomoye: kugira “tubandanye kubaho” dutegerezwa kwirinda ingeso z’abantu b’ibihumbu. (Imigani 7:2) Mbega ukuntu iyo mpanuro ije hageze! Vy’ukuri, turakwiye twirinda ibibanza bikundwa n’abantu baguma barondera abo bagirira nabi. Wumva vyoba vyiza twitaye mu mutego mu kuja mu bibanza vyotuma dufatwa n’amayeri yabo? Nkako, ubwo wokwipfuza kuba umuntu “atagira umutima” mu kwiyerereza mu minyuro y’umugore w’icigenze?
Wa “mugore w’igihumbu” umwami Salomo yabona, yahendahenze urya musore mu kumutumira ngo baje kwiryohera “mu guseruranira urukundo.” Mbega ukwo si ko abakiri bato benshi, canecane b’abakobwa bahendahendwa? Ariko zirikana gato, igihe umuntu akuryosharyosha ngo musambane, ubwo urwo ruba ari urukundo nyakuri? Ubwo umuhungu agukunda vy’ukuri yogusaba ngo ukore ikintu giteye kubiri n’indero rukirisu wahawe kandi conona ijwi ryawe ryo mu mutima? Salomo aguhanura ati: “Umutima wawe ntukevye” ngo uje mu ngeso nk’izo.
Umuntu aryosharyosha abandi kenshi akoresha amajambo asosa arimwo urwenge rwinshi. Kuguma dufise ubukerebutsi n’ugutahura bizodufasha kuyamirira kure. Kwama twibuka ivyo Yehova adutegeka bizodukingira. Ku bw’ivyo, ese twokwiyemeza ‘kugumya amabwirizwa y’Imana kugira tubandanye kwiberaho’ ubu no gushika ibihe bidahera.—1 Yohani 2:17.
w00 15/11 29
“Gumya amabwirizwa yanje, ubandanye kubaho”
Salomo arabandanya ati: ‘Bohera [amabwirizwa yanje] ku ntoke zawe, kandi uyandike ku gisate c’umutima wawe.’ (Imigani 7:3) Intoke zama ziri imbere y’amaso yacu kandi ni kirumara mu kurangura imigambi yacu. Muri ubwo nyene, inyigisho zo mu Vyanditswe twahawe n’abavyeyi canke ubumenyi twironkeje muri Bibiliya bikwiye kwama biri imbere yacu kugira bitubere ivyibutsa vyongere bituyobore mu vyo dukora vyose. Dukwiye kwandika inyigisho zo muri Bibiliya ku gisate c’umutima wacu, zikaba mu bitugize.
Salomo yibutse ingene ubukerebutsi n’ugutahura bihambaye, aduhimiriza ati: “Bwira ubukerebutsi uti: ‘Uri mushikanje’; ugutegera na kwo ukwite ‘incuti.’” (Imigani 7:4) Ubukerebutsi ni ubushobozi bwo gukoresha neza ubumenyi buva ku Mana. Dukwiye gukunda ubukerebutsi nka kurya dukunda mushiki wacu tuvukana. None ugutegera kwokwo ni iki? Ni ubushobozi bwo kwinjira mu mizi ikintu kanaka ku buryo tugitahura neza, tukamenya isano riri hagati y’ico kintu n’ibihimba bikigize. Dukwiye kwama dufise ugutegera nka kurya nyene umugenzi somambike yama hafi yacu.
Kubera iki dukwiye kugendera inyigisho zo muri Bibiliya kandi tugakunda ubukerebutsi n’ugutahura? Ni ‘kugira biturinde umugore w’igihumbu, biturinde umunyamahangakazi yagize amajambo yiwe ayasosa.’ (Imigani 7:5) Emwe, kwisunga iyo mpanuro bizodukingira amajambo asosa n’imvugo ijijura vy’umuntu w’igihumbu atwigenzako.
Umusore umwe ahura n’‘umugore w’urwenge’
Ubu na ho Salomo aradondora ibintu yiboneye ati: “Naravye hasi ndi kw’idirisha ry’inzu yanje, ncishije mu kayungiro, kugira nihweze abantu batazi utuntu n’utundi. Naritegereje mu bahungu ndabishashaye, mbona umusore atagira umutima, yariko aca mw’ibarabara hafi y’ikorosi ry’iwabo wa nya mugore, kandi yagendera mu nzira igana ku nzu y’uno mugore, mu gahwibi, ku mugoroba wa nya musi, ijoro n’umuzimagiza vyegereje.”—Imigani 7:6-9.
Idirisha Salomo arabiramwo rirafise akayungiro, bikaba bishoboka ko yari amagiriyaje kumbure akozwe mu buryo buryoheye ijisho. Uko izuba rirenga ni ko buguma buhwibira, ku buryo no mwibarabara hatangura kutabona neza. Agize atya, abona umusore ameze nk’impene igiye kubagwa. Nta mutima agira kubera yuko atazi utuntu n’utundi kandi akaba atabona kure. Ashobora kuba azi ingeso z’abantu bo muri ico gisagara yinjiyemwo hamwe n’ibishobora kumushikira. Uwo musore ashitse “hafi y’ikorosi” rikata rija ku nzu y’umugore umwe. None uwo mugore ni nde, kandi agamije gukora iki?
w00 15/11 31
“Gumya amabwirizwa yanje, ubandanye kubaho”
“Nk’ishūri igiye gukererwa”
Salomo yigana ati: “Bukwi na bukwi, ng’uyo aramukurikiye, nk’ishūri igiye gukererwa, nk’igipfu kiboheshejwe amapingu ngo gitozwe indero, gushika umwampi umusatuye igitigu, nk’uko inyoni yihuta ija mu mutego, ntiyamenya ko bigeramiye ubuzima bwiwe.”—Imigani 7:22, 23.
Uwo musore biramunanira kwigumya. Nk’aho umengo nta bwenge na bukeyi afise, aramukurikira “nk’ishūri igiye gukererwa.” Nka kurya kw’imbohe iboheshejwe amapingu idashoboye gutoroka, uwo musore arirekerana akagwa mu caha. Ntabona akaga arimwo, gushika “umwampi umusatuye igitigu,” ni ukuvuga gushika akomeretse ku buryo ashobora no gupfa. Emwe, yoshobora gukomereka ku mubiri kubera yikwegeye indwara zindukira biciye mu bihimba vy’irondoka, canke na ho agakomereka mu buryo bw’impwemu, kuko ashobora no kubura “ubuzima.” Biramukwegera ingaruka mbi mu buzima bwiwe, bisubiye aba yacumuye bimwe bikomeye ku Mana. Aba yikwegeye urupfu nka kurya kw’inyoni yita mu mutego.
“Ntiwangare mu mabarabara yiwe”
Salomo amaze gukura icigwa mu vyo yari ahejeje kubona, aca ahimiriza ati: “None rero, bana, nimunyumvirize kandi mutege ugutwi amajambo y’akanwa kanje. Umutima wawe ntukevye ngo uje mu nzira ziwe. Ntiwangare mu mabarabara yiwe. Kuko abo yagaritse ari benshi, kandi abicwa na we bose ni indiri. Inzu yiwe ni inzira zija mu kuzimu; zimanuka zigana ivyumba vy’urupfu.”—Imigani 7:24-27.
Impanuro ya Salomo iratomoye: kugira “tubandanye kubaho” dutegerezwa kwirinda ingeso z’abantu b’ibihumbu. (Imigani 7:2) Mbega ukuntu iyo mpanuro ije hageze! Vy’ukuri, turakwiye twirinda ibibanza bikundwa n’abantu baguma barondera abo bagirira nabi. Wumva vyoba vyiza twitaye mu mutego mu kuja mu bibanza vyotuma dufatwa n’amayeri yabo? Nkako, ubwo wokwipfuza kuba umuntu “atagira umutima” mu kwireyereza mu minyuro y’umugore w’icigenze?
Wa “mugore w’igihumbu” umwami Salomo yabona, yahendahenze urya musore mu kumutumira ngo baje kwiryohera “mu guseruranira urukundo.” Mbega ukwo si ko abakiri bato benshi, canecane b’abakobwa bahendahendwa? Ariko zirikana gato, igihe umuntu akuryosharyosha ngo musambane, ubwo urwo ruba ari urukundo nyakuri? Ubwo umuhungu agukunda vy’ukuri yogusaba ngo ukore ikintu gitekeye kubiri n’indero rukirisu wahawe kandi conona ijwi ryawe ryo mu mutima? Salomo aguhanura ati: “Umutima wawe ntukevye” ngo uje mu ngeso nk’izo.
Umuntu aryosharyosha abandi kenshi akoresha amajambo asosa arimwo urwenge rwinshi. Kuguma dufise ubukerebutsi n’ugutahura bizodufasha kuyamirira kure. Kwama twibuka ivyo Yehova adutegeka bizodukingira. Ku bw’ivyo, ese twokwiyemeza ‘kugumya amabwirizwa y’Imana kugira tubandanye kwiberaho’ ubu no gushika ibihe bidahera.—1 Yohani 2:17.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
w01 15/5 29-30
‘Ubukerebutsi buzotuma imisi yacu iba myinshi’
Abakirisu bategerezwa kwicisha bugufi bakemera gutozwa indero. Ivyo birakenewe canecane ku bakiri bato no ku bantu bataramara igihe kinini mu kuri. Kubera yuko bataba baramenya utuntu n’utundi, bashobora kuba bameze nka wa musore “atagira umutima.” Ivyo ntibisigura ko imisi yose bama bakora ibintu babitumwe n’imvo mbi, ariko bisaba umwanya n’akigoro kugira umuntu atsimbataza umutima uhimbara Yehova. Bisaba ko ivyiyumviro vyacu, ivyipfuzo vyacu, inyiyumvo zacu n’imigambi yacu tubihuza n’ivyo Yehova ashaka. Birahambaye rero ko turondera “gucambirwa amata atavanze ya rya jambo.”—1 Petero 2:2.
None ntivyoba vyiza twese duteye imbere tukarengana “inyigisho y’intango”? Mu vy’ukuri turakeneye kugira akayabagu ko kwiga “ibintu vyimbitse vy’Imana” no kwihereza ibifungurwa bigumye vy’abantu bahumuye. (Abaheburayo 5:12–6:1; 1 Abakorinto 2:10) Wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” nta ko atagira ngo aturonse twese ibifungurwa vy’impwemu ku gihe kibereye, ahagarikiwe na Yezu Kristu. (Matayo 24:45-47) Nimuze twame twironsa ubukerebutsi mu kwiga Ijambo ry’Imana n’ibisohokayandikiro duhabwa n’uwo mushumba.
“Ntukangire umushinyaguzi”
Mu nyigisho ubukerebutsi butanga harimwo ugukosorwa n’ugukangirwa. Ivyo bintu ntivyama vyakirwa neza na bose. Ni co gituma igihimba ca mbere c’igitabu c’Imigani kirangiza kigira giti: “Uwukosora umushinyaguzi aba yikwegeye agateterwe, kandi uwukangira umuntu w’umubisha, agira agahonzi. Ntukangire umushinyaguzi, kugira ngo ntakwanke.”—Imigani 9:7, 8a.
Umushinyaguzi usanga agirira inzika n’urwanko uwuriko aragerageza kumufasha guheba ingendo itabereye. Umuntu mubi ntatahura akamaro k’igikangiro. Ese ingene bitaranga ubukerebutsi kwigisha Ijambo ry’Imana umuntu yanka ukuri canke aguma arondera gutora amahinyu ivyo umwigisha! Igihe intumwa Paulo yariko aramamaza i Antiyokiya, yarahuye n’akagwi k’Abayuda batakunda na gato ukuri. Baragerageje kumwinjiza mu bihari mu kuguma bavuguruza ivyo avuga, ariko Paulo yiyishuriye gusa ati: “Ko [ijambo ry’Imana] murishiburiye kure yanyu ntimubone ko mubereye ubuzima budahera, ehe duhindukiriye amahanga.”—Ivyakozwe 13:45, 46.
Igihe twihatira kubwira inkuru nziza y’Ubwami abantu b’imitima nziraburyarya, turakwiye kuba maso ntidusange twisutse mu bihari n’abashinyaguzi. Yezu Kristu yahimirije abigishwa biwe ati: “Mwinjiye mu nzu, muramutse urwo rugo; kandi nimba nya nzu ikwiriye, amahoro muyipfurije ayizeko; mugabo nimba idakwiriye, amahoro yanyu abagarukeko. Aho hose umuntu atabakiriye canke ngo yumvirize amajambo yanyu, muvuye muri iyo nzu canke muri ico gisagara, mukunkumure umukungugu ku birenge vyanyu.”—Matayo 10:12-14.
Igihe umuntu w’inkerebutsi akangiriwe ntavyakira cokimwe n’umushinyaguzi. Salomo avuga ati: “Kangira umuntu w’inkerebutsi, na we azogukunda. Nuhe umuntu w’inkerebutsi, na we azorushiriza kuba inkerebutsi.” (Imigani 9:8b, 9a) Umuntu w’inkerebutsi aramenya ko ata “gutozwa indero kuboneka uwo mwanya ko guteye umunezero, ahubwo kuboneka nk’uguteye intuntu; yamara mu nyuma, ku bamenyerejwe na kwo, kwama icamwa c’amahoro, ari co bugororotsi.” (Abaheburayo 12:11) Naho impanuro yoba isa n’iyibabaza, kubera iki twoyirwanya canke tukarondera kwisigura, kandi tuzi ko kuyemera bituma turushiriza kuba inkerebutsi?
Wa mwami w’inkerebutsi arabandanya ati: “Nuronse ubumenyi umugororotsi, na we azorushiriza kwiga amenye.” (Imigani 9:9b) Nta n’umwe yovuga ko ari inkerebutsi cane canke ko ashaje cane ku buryo atobandanya kwiga. Urazi ingene bihimbaye kubona n’abageze mu zabukuru bemera kwiga ukuri maze bakiyegurira Yehova! Ese natwe twotsimbataza icipfuzo co kwiga kugira ngo ubwenge bwacu bugume bubangutse!
“Uzokwongerwa imyaka y’ubuzima”
Mu kwerekana iciyumviro nyamukuru kiri mu vyo ariko aravuga, Salomo arashira ahabona ikintu gikenewe kugira umuntu abe inkerebutsi. Agira ati: “Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera.” (Imigani 9:10) Nimba twipfuza kuronka ubukerebutsi buva ku Mana, dutegerezwa kuyubaha bimwe bigera kure. Naho umuntu yoba afise ubumyenyi bungana gute, ata gutinya Imana kumurimwo ntiyokwigera abukoresha mu gutera iteka Umuremyi. Arashobora mbere gufata ukutari kwo ibintu bisanzwe bizwi, bigatuma asigara aboneka nk’imburabwenge. Bisubiye, ubumenyi bwerekeye Yehova wa Mweranda Rwose, ni ntahara kugira umuntu aronke ugutahura, na kwo kukaba ari ikintu nyamukuru kiranga ubukerebutsi.
None ubukerebutsi bwama ivyamwa ibihe? (Imigani 8:12-21, 35) Salomo avuga ati: “Biciye kuri jewe imisi yawe izoba myinshi, kandi uzokwongerwa imyaka y’ubuzima.” (Imigani 9:11) Nitwagumana ubukerebutsi, tuzokwongerwa ubwinshi bw’imisi n’imyaka yo kubaho. Vy’ukuri, “ubukerebutsi bu[ra]zigamira ubuzima benebwo.”—Umusiguzi 7:12.
Kwihata kugira turonke ubukerebutsi ni ikintu umuntu akora ku ruhande rwiwe. Mu gushimika kuri ivyo, Salomo avuga ati: “Nimba wacitse inkerebutsi, wacitse inkerebutsi ku neza yawe; nimba na ho warashinyaguye, bizoja ku gatwe kawe, wewe wenyene.” (Imigani 9:12) Umuntu aba inkerebutsi ku neza yiwe, kandi umushinyaguzi ni we yitera umubabaro. Nkako, ivyo tubiba ni vyo twimbura. Ese rero ‘twotega ugutwi kwacu ubukerebutsi!’—Imigani 2:2.
“Umugore w’ikijuju arasebagirika”
Ku rundi ruhande, Salomo abandanya avuga ati: “Umugore w’ikijuju arasebagirika. Ni igihwiji buhwiji, kandi nta kintu na kimwe yamenye. Yicaye ku bwinjiriro bw’inzu yiwe, ku cicaro, mu bibanza bikirurutse vy’igisagara, ngo asemerere abwira abarengana mu nzira, abagenda batumbereye imbere yabo mu minyuro yabo, ati: ‘Umuntu atazi utuntu n’utundi wese, nakebereze ng’aha.’”—Imigani 9:13-16a.
Ubujuju bugereranywa n’umugore avugira hejuru, w’insimbarubebe kandi w’ikijuju. Na we nyene arubaka inzu, hanyuma akiha igikorwa co gusemerera ahamagara umuntu wese atazi utuntu n’utundi. Abahita rero ni bo bihitiramwo ico bari bukore. Boba bazohitamwo ubutumire bahabwa n’ubukerebutsi canke ubwo bahabwa n’ubujuju?
“Amazi y’amibano arasosa”
Ubukerebutsi n’ubujuju vyompi biratumira abantu biti: ‘Kebereza ng’aha.’ Ariko uburyo bikoresha buratandukanye. Ubukerebutsi bubatumira ku nzimano zigizwe n’umuvinyu, inyama n’umukate. Ariko turavye amayeri ubujuju bukoresha mu kubatumira, bica bitwibutsa ingeso za wa mugore w’icigenze. Salomo avuga ati: “Uwutagira umutima wese na we, uno mugore yamubwiye ati: ‘Amazi y’amibano arasosa, kandi umukate uririwe mu mpisho, emwe, uraryoha.’”—Imigani 9:16b, 17.
Umunezero turonka mu kugendera mu kutadohoka
3 Mu Migani 10:22 hagira hati: “Umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo”. Ugusagamba mu vy’impwemu kw’abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe mbega si umuhezagiro twonezererwa? Nimuze turimbure imice imwimwe y’ugusagamba kwacu kwo mu vy’impwemu, turabe n’ico ivuze kuri twebwe umwumwe wese ukwiwe. Gufata akanya tukazirikana ku mihezagiro Yehova yahunze ‘abagororotsi bagendera mu [“kutadohoka”, NW] kwabo’ biraza vy’ukuri gukomeza umwiyemezo dufise wo kubandanya dusukurira Data wa twese wo mw’ijuru tunezerewe.—Imigani 20:7.
‘Imihezagiro idutungisha’ muri iki gihe
4 Turafise ubumenyi butagira agakosa bwerekeye inyigisho zo muri Bibiliya. Muri rusangi, amadini y’abiyita abakirisu avuga yuko yemera Bibiliya. Ariko rero, ntibabona kumwe ivyo Bibiliya yigisha. N’abari mw’idini rimwe akenshi usanga batabona kumwe ico Ivyanditswe mu vy’ukuri vyigisha. Ese ukuntu ivyabo bitandukanye rwose n’uko ivy’abasavyi ba Yehova vyifashe! Twebwe, twaba dukomoka mu gihugu ikihe, twakuriye mu mico kama iyihe canke dufise ubwoko ubuhe, dusenga Imana tuzi izina. Si Imana y’amayobera igizwe n’abaperesona batatu (Gusubira mu vyagezwe 6:4; Yesaya 12:2; Mariko 12:29). Turazi kandi ko ca kibazo gihambaye kuruta ibindi vyose cerekeye ivy’uko Imana yoba ari yo ikwiye kugaba no kuganza kw’isi no mw’ijuru vuba kigiye gutorerwa inyishu, tukaba kandi tuzi yuko mu gihe umwe wese agumye ari intadohoka kuri yo aba yerekanye aho ahagaze ku bijanye n’ico kibazo. Turazi ukuri ku bijanye n’abapfuye kandi ivy’uko ngo Imana ibabariza abantu mu muriro udahera canke ngo irungika abantu mw’ipurugatori, ntibidutera ubwoba.—Umusiguzi 9:5, 10.
5 Vyongeye, turahimbawe kuba tuzi ko tutabayeho ku gihamana biciye ku guhindagurika kwagiye kuraba giturumbuka, ahubwo ko twaremwe n’Imana, turemwa mw’ishusho yayo bwite (Itanguriro 1:26; Malaki 2:10). Umwanditsi wa Zaburi yaririmbiye Imana yiwe ati: “Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo, umutima wanje urabizi neza”.—Zaburi 139:14.
6 Twarahevye ingeso mbi. Biciye ku buryo butandukanye bwo kumenyesha amakuru, abantu bama bariko baragabishwa ku bijanye n’ingeramizi ziri mu kunywa itabi, kunywa inzoga zirenze urugero be n’ubuhumbu. Akenshi, izo ngabisho usanga zica inyuma y’amatwi. Ariko bigenda gute igihe umuntu w’inziraburyarya amenye yuko Imana y’ukuri yiyamiriza ibintu mwene ivyo kandi ko ibabazwa n’ababikora? Emwe, uwo muntu aca avyurirwa umutima wo guheba izo ngeso (Yesaya 63:10; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10; 2 Ab’i Korinto 7:1; Abanyefeso 4:30)! Naho ivyo abigira canecane kugira ngo ahimbare Yehova Imana, arahakura n’ibindi vyiza. Aragira amagara meza kuruta be n’amahoro yo mu mutima.
7 Abenshi usanga guheba ingeso mbi bibabera urugamba. Yamara, ku mwaka ku mwaka hariho abantu ibihumbi mirongo babigira. Bariyegurira Yehova maze bakabatizwa mu mazi, gutyo bakaba berekanye icese yuko bamaze guheba ingeso zidahimbara Imana. Ese ukuntu ivyo bituremesha twese! Ivyo birakomeza umwiyemezo dufise wo kuguma tutari abaja b’inyifato irangwa icaha igira nabi.
8 Turagira agahimbare mu muryango. Mu bihugu vyinshi, ivyo mu muryango usanga ata ko vyifashe. Ingo nyinshi ziruhira gusambuka, akenshi abana bagasigara bishwe n’intuntu. Mu bihugu bimwebimwe vya Buraya, mu miryango 100 usanga hafi 20 irimwo umuvyeyi umwe gusa. None Yehova yadufashije gute kugendera mu nzira y’ukutadohoka mu bijanye n’ivyo mu muryango? Turakwingize usome mu Banyefeso 5:22–6:4, maze urabe impanuro nziza Ijambo ry’Imana riha abanega, abakenyezi be n’abana. Nta nkeka ko gushira mu ngiro ibivugwa muri iyo mirongo be n’ibivugwa mu yindi mirongo yo mu Vyanditswe bituma umubano w’abubatse ukomera, bigafasha abavyeyi kurera neza abana babo, bikongera bigatuma mu muryango haba agahimbare. Wumva none uwo atari umuhezagiro twonezererwa?
9 Turazi neza tudakeka yuko vuba ingorane zo kw’isi zigiye gutorerwa umuti. Naho siyansi n’ubuhinga bwa none vyateye imbere, indongozi zimwezimwe na zo zikagira utwigoro tuvuye ku mutima, ingorane zihambaye zo mu buzima bwo muri iki gihe nta ho ziraja. Uwitwa Klaus Schwab, uwashinze ya Nama y’amashirahamwe iraba ivy’ubutunzi kw’isi (mu gifaransa yitwa Forum économique mondial), aherutse kuvuga yuko “ingorane zihanze isi zitera zongerekana, yamara umwanya wo kuzitorera umuti ugatera ugabanuka”. Yaravuze ibijanye n’ “ibintu biteye akaga usanga biba mu bihugu nka vyose, nk’iterabwoba, ugutituka kw’ibidukikije be n’ivy’ubutunzi biguma bihindagurika”. Schwab yasozereye ati: “Ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose, isi ihanzwe n’ingorane zisaba ko abantu bazivirira hasi rimwe kandi bakagira ico bakoze kiboneka”. Uko imyaka yo muri iki kinjana ca 21 igenda irarengana, abantu baguma babona ko batagira iyo bariko baraja.
10 Ese ukuntu biteye umunezero kuba tuzi ko Yehova yashizeho indinganizo ishoboye gutorera umuti ingorane zose zihanze abantu. Iyo ndinganizo ni bwa Bwami bw’Imana burongowe na Mesiya. Biciye kuri ubwo Bwami, Imana y’ukuri “[izo]ca intambara”, maze itume ‘hasendera amahoro’ (Zaburi 46:9; 72:7). Wa Mwami yasizwe, ari we Yezu Kirisitu, ‘azokiza umukene, umugorwa, n’uworoshe agahahazo n’umuryano’ (Zaburi 72:12-14). Igihe ubwo Bwami buzoba ari bwo buganza, ibifungurwa ntibizokena (Zaburi 72:16). Yehova “[a]zohanagura amosozi yose ku maso ya[cu], kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize” (Ivyahishuriwe 21:4). Ubwo Bwami buramaze gushingwa mw’ijuru, kandi ubu bwa vuba bugiye guhagurukira ingorane zose zo kw’isi.—Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe 11:15.
11 Turazi ikizana agahimbare nyakuri. Ni igiki mu vy’ukuri kizana agahimbare nyakuri? Hari umuhinga wo mu vy’inyifato y’abantu yavuze yuko agahimbare kazanwa n’ibintu bitatu, ivyo na vyo akaba ari ukuryoherwa, kugira ivyo umuntu yitaho cane (nk’ukwitaho cane igikorwa kinaka canke umuryango), be n’ukugira intumbero (ni ukuvuga, gukora urondera gushitsa umugambi munaka ugirira akamaro n’abandi uretse wewe gusa). Muri ivyo bitatu, yavuze ko ukuryoherwa ari co kintu kidahambaye cane, maze agira ati: “Ico kibonwa ko ari ikintu kidasanzwe kubera ko abantu benshi usanga mu buzima bwabo ahanini bakurikirana ibibaryohera”. None Bibiliya yoyo ibivugako iki?
12 Wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera yavuze ati: “Nibgiye mu mutima wanje, nt’Enda nkugeragereshe ibinezereza; nuko rer’uhimbarwe n’ivyiza: kandi rāba n’ivyo na vyo vyabaye ivy’ubusa. Navuze ku bitwengo, nti Birasaze, no ku binezereza, nti Bimaze iki?” (Umusiguzi 2:1, 2). Ivyanditswe vyerekana ko agahimbare kazanwa n’ukuryoherwa katamara na kabiri. Tuvuge iki ku bijanye no kwitaho cane igikorwa kinaka? Turafise igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose dukwiye kwitaho cane, ico na co kikaba ari ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa (Matayo 24:14; 28:19, 20). Mu kubwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya bwerekeye ubukiriro, tuba turiko dukora igikorwa gishobora gutuma twebwe ubwacu be n’abatwumviriza turonka ubukiriro (1 Timoteyo 4:16). Twebwe ‘abakorana n’Imana’ turibonera yuko “gutanga kuzana [“agahimbare”, NW], kuruta guhabga” (1 Ab’i Korinto 3:9; Ivyakozwe n’intumwa 20:35). Ico gikorwa gituma ubuzima bwacu burushiriza kugira intumbero, kikanatuma Umuremyi wacu agira ico yishura umwe amucokora, ari we Shetani wa Mucokoranyi (Imigani 27:11). Vy’ukuri, Yehova yaratweretse yuko kumuyobokera ari vyo bizana agahimbare nyakuri kandi karamba.—1 Timoteyo 4:8.
13 Turafise porogarama ihambaye kandi kirumara yo kutumenyereza. Uwitwa Gerhard ni umukurambere mw’ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova. Yibutse ubuto bwiwe, avuga ati: “Igihe nari nkiri muto, vyarangora cane kuvuga. Igihe naba numva ko hari ibindemereye, vyarangora kuvuga ntobora, ngaca ntangura kugigimiza. Numva ndi hasi y’abandi maze bikaza birantuntuza mu mutima. Abavyeyi banje baratunganije ivy’uko nza ndakurikirana ivyigwa bijanye n’ivy’ukuvuga, ariko vyabaye impfagusa. Ingorane yanje yari iyo mu mutwe, ntibwari ubumuga bwo ku mubiri. Yamara, hari hasanzwe hariho intunganyo nziza utoraba Yehova yashizeho. Uti ni iyihe? Rya Shure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Kwiyandikisha muri iryo shure vyatumye ngira uburindutsi. Naragize uko nshoboye kwose nza ndimenyereza ivyo naba nize. Emwe, ntiworaba ukuntu vyamfashije! Naciye ntangura kuza ndavuga norohewe, sinasubira kuza ndatuntura mu mutima, mu busuku na ho ndarushiriza kuza ndavugana uburindutsi. Ubu ndashikiriza n’insiguro z’icese. Ndakengurukira cane Yehova kubona yaratumye ngira ubuzima bushasha biciye kuri iryo shure”. Ubona none uburyo Yehova atumenyereza kugira ngo dukore igikorwa ciwe budatuma tugira imvo yo kugira umunezero?
14 Turagiranira na Yehova ubucuti bwa hafi, tukongera tugafatwa mu mugongo n’umuryango wacu w’abavukanyi wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose. Uwitwa Katrin, uwo akaba aba mu Budagi, yararandutse umutima igihe yumva amakuru avuga ivyerekeye ikinyamugigima gikaze cabaye muri Aziya yo mu Bumanuko bushira Ubuseruko be na vya bisebuzi bikomeye vyataziriwe tsunami vyaciye biba. Umukobwa wiwe yari yagiye gutembera muri Tayilande igihe ico cago catera. Uwo muvyeyi yamaze amasaha 32 atazi nimba uwo mukobwa wiwe yari akiriho canke nimba yari mu bantu bahasize ubuzima, igitigiri cabo caguma congerekana isaha ku yindi. Igihe amaherezo Katrin yasubirizwa umutima mu nda kuri telefone yuko umukobwa wiwe ata co yabaye, ntiworaba ukuntu yaciye yumva ikiri ku mutima cururutse!
15 Ni igiki none cafashije Katrin muri ayo masaha yose yamaze ahagaritse umutima? Yandika ati: “Namaze hafi uwo mwanya wose ntura amasengesho Yehova. Nariboneye akatari gake ukuntu ayo masengesho yankomeje cane yongera aratuma ngira amahoro mu mutima. N’ikindi kandi, abavukanyi bo mu vy’impwemu b’abanyarukundo baraje kundaba barampumuriza” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Ibaze ukuntu ivyiwe vyari kwunyuka iyo amara ayo masaha yose yishwe n’intuntu atungukira ku masengesho aturwa Yehova no ku mpumurizo z’abavukanyi bo mu vy’impwemu b’abanyarukundo! Ubucuti bwa hafi dufitaniye na Yehova be n’Umwana wiwe, hamwe n’ubwo dufitaniye n’abavukanyi bacu bakirisu, ni umuhezagiro ntangere, emwe, umuhezagiro uhambaye cane ku buryo tutowufatira mu rwara!
16 Turafise icizigiro co kuzosubira kubona abacu bapfuye (Yohana 5:28, 29). Umugabo umwe akiri muto yitwa Matthias yarerewe mu muryango w’Ivyabona vya Yehova. Yamara rero, kubera ko atabona imihezagiro ivyo vyamuzanira, igihe yari akiri umuyabaga yaragiye akayombekere araheba ishengero rya gikirisu. Muri iki gihe yandika ati: “Nta ho twigeze vy’ukuri duseruranira na dawe akari ku mutima. Mu myaka n’iyindi yahaciye, twama twahazutse. Yamara, dawe nta kindi yanyipfuriza atari ineza. Yarankunda cane, ariko ivyo nta vyo nabona. Mu 1996, igihe nari nicaye iruhande y’uburiri bwiwe, ndamufashe ukuboko umwosori wandenze, naramubwiye ko nicuza cane kubera ivyo nari narakoze, ndamubwira kandi ko ndamukunda cane. Mugabo nta na kimwe yumva. Amaze igihe gito arwaye, yaracikanye. Ninabona dawe mw’izuka, tuzoryimara. Kandi, ntazobura kunezerwa niyamenya yuko umuhungu wiwe asigaye ari umukurambere be n’uko twe n’umukenyezi wanje twatewe agateka ko kuba abatsimvyi”. Ese ingene icizigiro c’izuka ari umuhezagiro kuri twebwe!
17-23 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 12-16
“Ubukerebutsi buruta inzahabu”
“Ubukerebutsi ni uburinzi”
“EWE kuronka [“ubukerebutsi”, “NW”] ukuntu kuruta kuronka izahabu! Mbere guca ubgenge n’ico guhitamwo kuruta ifeza”. Ukwo ni ko mu Migani 16:16 havuga. Ni kubera iki ubukerebutsi ari ubw’agaciro gutyo? Ni kubera ko “[‘ubukerebutsi ari uburinzi’, NW], nk’ukw amahera ar’[“uburinzi”, NW]; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’[“ubukerebutsi”, NW] buzigama ubu[zima] bga nyenebgo” (Umusiguzi 7:12). Ariko none, ubukerebutsi buzigama gute ubuzima bwa benebwo?
Kwironsa ubukerebutsi buva ku Mana, ni ukuvuga kwironsa ubumenyi butarimwo amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya no kubushira mu ngiro, biradufasha kugendera mu nzira Yehova ashima (Imigani 2:10-12). Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera avuga ati: “Inzira y’igihamo y’abagororotsi [ni] ukwitandukanya n’ikibi; uwirinda mu nzira yiwe akiza ubugingo bgiwe” (Imigani 16:17). Emwe, ubukerebutsi burarinda benebwo ngo ntibagendere mu nzira mbi bukongera bukabazigama! Amajambo magufi, arashe kandi y’ubukerebutsi dusanga mu Migani 16:16-33 arerekana ikintu ciza ubukerebutsi buva ku Mana bushobora kugira ku gatima dufise, ku vyo tuvuga no ku vyo dukora.
‘Nugire umutima wicisha bugufi’
Ubukerebutsi bufashwe nk’umuntu, budondorwa nk’aho buriko buvuga buti: “Ubgibone n’amanyama . . . ndavyanka” (Imigani 8:13). Ubwibone n’ubukerebutsi nta ho bisa bisana. Turakeneye gukorana ubukerebutsi no kwiyubara kugira ngo ntidutsimbataze agatima k’ubwishime canke k’ubwibone. Turakwiye canecane kwiyubara mu gihe turoraniwe mu mice imwimwe y’ubuzima canke mu gihe twajejwe ibanga rinaka mw’ishengero rya gikirisu.
Mu Migani 16:18 hatanga imburizi igira iti: “Ubgibone bgitangira imbere y’[“ugutemba”, “NW”], kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa”. Zirikana ku gutemba guhambaye kuruta ukundi kwose kwabaye mu biriho vyose, uko na kwo kukaba ari ugukororwa kw’umwana w’Imana uwari ikiremwa c’impwemu gitunganye yigize Shetani Mubesheranyi (Itanguriro 3:1-5; Ivyahishuriwe 12:9). Ntiyagaragaje none agatima k’ubwishime imbere y’ugutemba kwiwe? Bibiliya irerekeza kuri ico kintu igihe ivuga yuko umuntu akiri muto mu kwizera adakwiye gushingwa amabanga yo gucungera ishengero rya gikirisu, “kugira ngo ntiyikakishe, ngw atembe, agacirwakw iteka wa Murwanizi yaciriweko” (1 Timoteyo 3:1, 2, 6). Ese ukuntu bihambaye ko twirinda kuremesha mu bandi ubwibone canke kubureka ngo budutsimbataremwo!
“Ubukerebutsi ni uburinzi”
“EWE kuronka [“ubukerebutsi”, “NW”] ukuntu kuruta kuronka izahabu! Mbere guca ubgenge n’ico guhitamwo kuruta ifeza”. Ukwo ni ko mu Migani 16:16 havuga. Ni kubera iki ubukerebutsi ari ubw’agaciro gutyo? Ni kubera ko “[‘ubukerebutsi ari uburinzi’, NW], nk’ukw amahera ar’[“uburinzi”, NW]; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’[“ubukerebutsi”, NW] buzigama ubu[zima] bga nyenebgo” (Umusiguzi 7:12). Ariko none, ubukerebutsi buzigama gute ubuzima bwa benebwo?
Kwironsa ubukerebutsi buva ku Mana, ni ukuvuga kwironsa ubumenyi butarimwo amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya no kubushira mu ngiro, biradufasha kugendera mu nzira Yehova ashima (Imigani 2:10-12). Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera avuga ati: “Inzira y’igihamo y’abagororotsi [ni] ukwitandukanya n’ikibi; uwirinda mu nzira yiwe akiza ubugingo bgiwe” (Imigani 16:17). Emwe, ubukerebutsi burarinda benebwo ngo ntibagendere mu nzira mbi bukongera bukabazigama! Amajambo magufi, arashe kandi y’ubukerebutsi dusanga mu Migani 16:16-33 arerekana ikintu ciza ubukerebutsi buva ku Mana bushobora kugira ku gatima dufise, ku vyo tuvuga no ku vyo dukora
‘Nugire umutima wicisha bugufi’
Ubukerebutsi bufashwe nk’umuntu, budondorwa nk’aho buriko buvuga buti: “Ubgibone n’amanyama . . . ndavyanka” (Imigani 8:13). Ubwibone n’ubukerebutsi nta ho bisa bisana. Turakeneye gukorana ubukerebutsi no kwiyubara kugira ngo ntidutsimbataze agatima k’ubwishime canke k’ubwibone. Turakwiye canecane kwiyubara mu gihe turoraniwe mu mice imwimwe y’ubuzima canke mu gihe twajejwe ibanga rinaka mw’ishengero rya gikirisu.
Mu Migani 16:18 hatanga imburizi igira iti: “Ubgibone bgitangira imbere y’[“ugutemba”, “NW”], kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa”. Zirikana ku gutemba guhambaye kuruta ukundi kwose kwabaye mu biriho vyose, uko na kwo kukaba ari ugukororwa kw’umwana w’Imana uwari ikiremwa c’impwemu gitunganye yigize Shetani Mubesheranyi (Itanguriro 3:1-5; Ivyahishuriwe 12:9). Ntiyagaragaje none agatima k’ubwishime imbere y’ugutemba kwiwe? Bibiliya irerekeza kuri ico kintu igihe ivuga yuko umuntu akiri muto mu kwizera adakwiye gushingwa amabanga yo gucungera ishengero rya gikirisu, “kugira ngo ntiyikakishe, ngw atembe, agacirwakw iteka wa Murwanizi yaciriweko” (1 Timoteyo 3:1, 2, 6). Ese ukuntu bihambaye ko twirinda kuremesha mu bandi ubwibone canke kubureka ngo budutsimbataremwo!
Mu Migani 16:19 havuga hati: “Kugira umutima wicishije bugufi ugafatanya n’abagorwa biruta kugabangana iminyago ufatanije n’abibone”. Ivyashikiye Umwami Nebukadinezari wa Babiloni ya kera birerekana yuko iyo nkeburo iranga ubukerebutsi. Mu kiyaya c’i Dura, yarashingishije n’ubwibone n’akantu igishushanyo amahero, igishobora kuba ari we ubwiwe cagereranya. Ico gishushanyo gishobora kuba cashizwe ku kintu gikirurutse cane ku buryo cagereza ku metero 27 iyo hejuru (Daniyeli 3:1). Ico gishushanyo kirekire gutyo cari ikimenyetso amahero cagereranya inganji nganzabami ya Nebukadinezari. Naho abantu boshobora gutangarira ibintu bigereza iyo hejuru kandi bishimagizwa, nk’ico gishushanyo, tutibagiye inyubakwa z’ivyibutso, iminara y’amazu be n’amagorofa agereza hariya; ku Mana hoho si uko biri. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Uhoraho [“ari hejuru”, NW], ashira umutima ku bafafara, arikw abībone abamenyera kure” (Zaburi 138:6). Nk’ako, “igishizwe hejuru mu bantu [ni] igisesema mu nyonga z’Imana” (Luka 16:15). Biratubera vyiza ‘tugendanye n’ivyiyoroheje’ kuruta ‘gushira umutima ku bikomeye’.—Abaroma 12:16.
Nuvugane ‘ugutahura n’ukujijuka’
Kwironsa ubukerebutsi bigira ico bikoze gute ku vyo tuvuga? Wa mwami w’inkerebutsi atubwira ati: “Ūshira umutima kw ijambo azobona ivyiza, kand’uwizigira Uhoraho aba ahiriwe. Uw’[“ubukerebutsi”, “NW”] mu mutima azokwitwa [“uwutahura”, “NW”], kandi n’iminwa ivuga ibiryoshe yungura [“ukujijuka”, “NW”]. Ugutahura n’isōko y’ubugingo k’ūgufise, kand’igihana ibipfu n’ubupfu bgavyo. Umutima w’umunyabgenge wigisha akanwa kiwe, ukungura [“ukujijuka”, “NW”] [kw’]iminwa yiwe”.—Imigani 16:20-23.
Ubukerebutsi buradufasha kuvugana ugutahura n’ukujijuka. Uti kubera iki? Kubera ko umuntu w’ubukerebutsi mu mutima agerageza ‘kubona ivyiza’ ku bijanye n’ingorane yinaka kandi ‘akizigira Uhoraho’. Igihe twihatira kurondera ivyiza mu bandi, biroroha cane ko tubavuga neza. Amajambo tuvuga akwiye kuba aryoshe kandi ajijura, aho kuba ababaza canke avyura uguhazuka. Gutahura ukuntu ivy’abandi vyifashe biradufasha gutegera ingorane zishobora kuba ziriko zirabashikira ukwo zingana be n’ingene bariko barazifatamwo.
Birahambaye cane kandi ko tuvugana ubukerebutsi igihe turi muri ca gikorwa turangura co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Igihe twigisha abandi Ijambo ry’Imana, intumbero tuba dufise si iyo gupfa kubabwira ico Ivyanditswe bivuga, ahubwo riho ni iyo kubakora ku mutima. Ivyo bisaba ko tuvugana ukujijuka. Intumwa Paulo yahimirije mugenziwe Timoteyo kuguma mu vyo yari ‘yarumvishijwe akavyemera’.—2 Timoteyo 3:14, 15, NW.
“Ubukerebutsi ni uburinzi”
Mu Migani 16:19 havuga hati: “Kugira umutima wicishije bugufi ugafatanya n’abagorwa biruta kugabangana iminyago ufatanije n’abibone”. Ivyashikiye Umwami Nebukadinezari wa Babiloni ya kera birerekana yuko iyo nkeburo iranga ubukerebutsi. Mu kiyaya c’i Dura, yarashingishije n’ubwibone n’akantu igishushanyo amahero, igishobora kuba ari we ubwiwe cagereranya. Ico gishushanyo gishobora kuba cashizwe ku kintu gikirurutse cane ku buryo cagereza ku metero 27 iyo hejuru (Daniyeli 3:1). Ico gishushanyo kirekire gutyo cari ikimenyetso amahero cagereranya inganji nganzabami ya Nebukadinezari. Naho abantu boshobora gutangarira ibintu bigereza iyo hejuru kandi bishimagizwa, nk’ico gishushanyo, tutibagiye inyubakwa z’ivyibutso, iminara y’amazu be n’amagorofa agereza hariya; ku Mana hoho si uko biri. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Uhoraho [“ari hejuru”, NW], ashira umutima ku bafafara, arikw abībone abamenyera kure” (Zaburi 138:6). Nk’ako, “igishizwe hejuru mu bantu [ni] igisesema mu nyonga z’Imana” (Luka 16:15). Biratubera vyiza ‘tugendanye n’ivyiyoroheje’ kuruta ‘gushira umutima ku bikomeye’.—Abaroma 12:16.
Nuvugane ‘ugutahura n’ukujijuka’
Kwironsa ubukerebutsi bigira ico bikoze gute ku vyo tuvuga? Wa mwami w’inkerebutsi atubwira ati: “Ūshira umutima kw ijambo azobona ivyiza, kand’uwizigira Uhoraho aba ahiriwe. Uw’[“ubukerebutsi”, “NW”] mu mutima azokwitwa [“uwutahura”, “NW”], kandi n’iminwa ivuga ibiryoshe yungura [“ukujijuka”, “NW”]. Ugutahura n’isōko y’ubugingo k’ūgufise, kand’igihana ibipfu n’ubupfu bgavyo. Umutima w’umunyabgenge wigisha akanwa kiwe, ukungura [“ukujijuka”, “NW”] [kw’]iminwa yiwe”.—Imigani 16:20-23.
Ubukerebutsi buradufasha kuvugana ugutahura n’ukujijuka. Uti kubera iki? Kubera ko umuntu w’ubukerebutsi mu mutima agerageza ‘kubona ivyiza’ ku bijanye n’ingorane yinaka kandi ‘akizigira Uhoraho’. Igihe twihatira kurondera ivyiza mu bandi, biroroha cane ko tubavuga neza. Amajambo tuvuga akwiye kuba aryoshe kandi ajijura, aho kuba ababaza canke avyura uguhazuka. Gutahura ukuntu ivy’abandi vyifashe biradufasha gutegera ingorane zishobora kuba ziriko zirabashikira ukwo zingana be n’ingene bariko barazifatamwo.
Birahambaye cane kandi ko tuvugana ubukerebutsi igihe turi muri ca gikorwa turangura co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Igihe twigisha abandi Ijambo ry’Imana, intumbero tuba dufise si iyo gupfa kubabwira ico Ivyanditswe bivuga, ahubwo riho ni iyo kubakora ku mutima. Ivyo bisaba ko tuvugana ukujijuka. Intumwa Paulo yahimirije mugenziwe Timoteyo kuguma mu vyo yari ‘yarumvishijwe akavyemera’.—2 Timoteyo 3:14, 15, NW
Nk’uko inyizamvugo imwe y’uwitwa W. E. Vine (An Expository Dictionary of New Testament Words) ibivuga, ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa ngo ‘kwumvisha’, risobanura “gutuma umuntu ahindura ivyiyumviro biciye ku kuzirikana canke ku kurimbura ikibereye n’ikitabereye”. Kugira ngo tubwire uwo turiko turayaga ibintu bimujijura bituma ahindura ivyiyumviro, bisaba ko tubanza gutahura ivyiyumviro vyiwe, ibimushimisha, uko ivyiwe vyifashe be na kahise kiwe. Uti none dushobora kuronka gute mwene ukwo gutahura? Umwigishwa Yakobo yishura ati: ‘Wihutire kwumva, utebe kuvuga’ (Yakobo 1:19). Igihe tubajije utubazo uwo muntu tukongera tugatega yompi ivyo avuga, turashobora kumenya iryo agona.
Intumwa Paulo yari umuhanga mu vyo kwumvisha abandi (Ivyakozwe n’intumwa 18:4). Mbere n’umwe mu bamurwanya, ari we Demetiriyo umucuzi w’ifeza, yariyemereye icese ati: “[Si] muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo [“yumvishije”, NW] abantu benshi a[r]abahindura” (Ivyakozwe n’intumwa 19:26). Ukuba Paulo yararoranirwa mu gikorwa co kwamamaza yoba yaravyiyitirira? Haba n’intete! Yabona ko ukwamamaza kwiwe ‘kwaserukamwo impwemu n’ubushobozi’ vy’Imana (1 Ab’i Korinto 2:4, 5). Na twebwe nyene turafashwa n’impwemu nyeranda ya Yehova. Kubera yuko twizigira Yehova, turemera tudakeka ko adufasha uko twihatira kuvugana ugutahura n’ukujijuka mu busuku turangura.
Ntibitangaje rero kuba umuntu “w’ubukerebutsi mu mutima” yitwa “umunyabwenge”, canke “umuntu azi gutandukanya ibintu” (Imigani 16:21, An American Translation; New International Version). Vy’ukuri, ugutahura ni “isōko y’ubu[zima]” ku bagufise. Ariko none tuvuge iki ku vyerekeye ibipfu? ‘Birakengera ubukerebutsi n’ugutozwa indero’ (Imigani 1:7, NW). Ni ingaruka izihe ibipfu vyimbura mu gutera akagere ugutozwa indero na Yehova? Nk’uko twamaze kubibona, Salomo avuga ati: “Igihana ibipfu n’ubupfu bgavyo” (Imigani 16:22). Ibipfu biraronka ugutozwa indero kwiyongereye, kuno kukaba akenshi ari uguhanwa bimwe bikomeye. Ibipfu vyoshobora kandi kwikoza isoni, kwikwegera ingorane, indwara mbere n’urupfu rukabikubiranya.
Wa mwami wa Isirayeli arerekana kandi ikintu ciza ubukerebutsi bugira ku vyo tuvuga, igihe agira ati: “Amajambo aryoshe ni nk’umutsāma w’ikigigu, asōsera umutima, anonora amagufa” (Imigani 16:24). Nk’uko nyene umutsāma w’ikigigu, ari bwo buki, usosa kandi ugahembura ningoga umuntu aguye isari, ni ko n’amajambo aryoshe aremesha akongera akaruhura. Vyongeye, ubuki ni intungamagara, buravura kandi ni bwiza ku buzima bw’umuntu. N’amajambo aryoshe ni kwo ameze; ni intungamagara mu vy’impwemu.—Imigani 24:13, 14.
Uragaba ku ‘nzira isa n’uko ari nziza’
“Harih’inzira umuntu yibgira kw ari nziza, arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu” (Imigani 16:25). Iyo ni ingabisho duhabwa ku bijanye no kwirinda ivyiyumviro bitari vyo no gukurikira ingendo iteye kubiri n’itegeko ry’Imana. Inzira yinaka ishobora kuba isa n’aho ari nziza ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu ariko ikaba mu vy’ukuri iteye kubiri n’ingingo ngenderwako zigororotse zo mw’Ijambo ry’Imana. Bisubiye, Shetani yoshobora kuremesha ukwo kwihenda ku buryo umuntu yosanga abwirijwe gukurikira ingendo ubwiwe abona ko ari nziza, ariko mu vy’ukuri ishikana mu rupfu.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Woba ‘wama ku nzimano’?
“Imisi yose y’umurushwa ni mibi; mugabo uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.”—Imigani 15:15.
AYO majambo asigura iki? Ashimika ku vyo umuntu yiyumvira no ku kuntu amererwa mu mutima. “Umurushwa,” ni ukuvuga umunyamibabaro, agumiza ivyiyumviro ku bitagenda neza, ivyo bigatuma imisi yiwe iba “mibi,” ni ukuvuga yuzura amaganya. Ariko “uwunezerewe ku mutima” wewe agerageza kugumiza ivyiyumviro ku bigenda neza, ivyo bigatuma anezerwa mu mutima, bikaba nk’aho “yama ku nzimano.”
Twese turashikirwa n’ingorane zishobora gutuma dutakaza umunezero ku rugero runaka. Naho ari ukwo, hariho ibintu twokora vyotuma tugumana umunezero mu bihe bitoroshe. Rimbura ivyo Bibiliya ivuga.
• Ntureke ngo amaganya y’ivy’ejo aguhagarike umutima uyu musi. Yezu Kristu yavuze ati: “Ntiwitwararike ivy’ejo: ejo hazokwimenya. Umusi wose ugorwa n’ivyawo.”—Matayo 6:34, Ubwuzure Bushasha.
• Gerageza kugumiza ivyiyumviro ku bintu vyiza vyagushikiye. Igihe wumva ucitse intege, ubona gute ugize urutonde rw’ivyo bintu vyiza kandi ukabizirikanako? Vyongeye, ntugume wiyumvira amakosa canke ibintu bibi wakoze muri kahise. Nugire ico uvyigiyeko, hanyuma utere uja imbere. Numere nk’umushoferi atereza akajisho ku cirore c’imodoka kimwereka ibiri inyuma mugabo ntakigumizeko amaso. Nugume wibuka kandi ko ku Mana “hari ukubabarirwa nyakuri.”—Zaburi 130:4.
• Niwumva urengewe n’amaganya, uraca witura umuntu ubona ko yoshobora kukuremesha. Mu Migani 12:25 havuga yuko “amaganya” atera umutima wacu “kwicurikira, mugabo ijambo ryiza ri[ka]wunezereza.” Iryo “jambo ryiza” woshobora kuribwirwa n’uwo mu muryango wawe canke umugenzi wizigira, umuntu “akundana igihe cose,” atari umuntu aguma abona ikibi mu bandi canke yama abona ko ibintu bizogenda nabi.—Imigani 17:17.
Amajambo y’ubukerebutsi ari muri Bibiliya yarafashije abatari bake kurushiriza kugira umunezero mu buzima, mbere no mu bihe bitoroshe. Ese nawe ayo majambo y’agaciro yogufasha.
“Imigabo yawe izokomera”
Urukundo twikunda rwoshobora gutuma twisigura igihe twakoze amakosa, tugahisha kamere mbi dufise, tukongera tukiyobagiza ububi bwacu. Ariko rero, nta wushobora guhenda Yehova. Aragera ku munzane udutima abantu bafise. Agatima umuntu afise karakorana n’umutima wiwe. Ako gatima, ku rugero runini kagenda karatsimbatara bivanye n’ibibera mu mutima w’ikigereranyo, ivyo na vyo bikaba birimwo ivyiyumviro vyacu, inyiyumvo zacu be n’imvo zituma dukora ibintu. Ako gatima ni ko wa “musuzumyi w’imitima” agera ku munzane, kandi imanza aheza agaca ntizigira nkunzi. Vyoba biranga ubukerebutsi rero turinze agatima kacu.
“Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe”
Gushinga imigabo bisaba ko umuntu yiyumvira, ico kikaba ari ikintu kigirwa n’umutima wacu. Mu bisanzwe, umuntu amaze gushinga imigabo aca agira ivyo akoze. Twoba tuzororanirwa mu migabo turondera kurangura? Salomo avuga ati: “Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, ni ho imigabo yawe izokomera” (Imigani 16:3). Kuremeka Yehova ibikorwa vyacu bisigura kumwizigira, tukamwihekako, tukishira mu maboko yiwe, tukamera nk’aho dufata umuzigo uri ku bitugu vyacu tukawushira ku bitugu vyiwe. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ari we wishimira, na we azobishitsa”.—Zaburi 37:5.
Yamara rero, kugira ngo imigabo yacu ikomere, itegerezwa kuba idateye kubiri n’Ijambo ry’Imana, kandi tukaba twayishinze tubitumwe n’imvo nziza. Vyongeye, turakwiye gusenga Yehova ngo adufashe yongere adushigikire, ariko natwe tugakora ivyo dushoboye vyose kugira ngo twumvire impanuro Bibiliya iduha. Birahambaye cane ‘gukorera Uhoraho umutwaro wacu’ na canecane igihe tuba turi mu bigeragezo canke mu ngorane, kubera yuko “azo[t]uramira”. Emwe, “ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa”.—Zaburi 55:22.
“Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora”
Ni ibiki kandi bizoheza bikava ku kuremeka Yehova ibikorwa vyacu? Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora” (Imigani 16:4a). Umuremyi w’isi n’ijuru ni Imana y’imigambi. Igihe tumuremetse ibikorwa vyacu, ubuzima bwacu buraheza bukarangwamwo ibikorwa biri n’intumbero kandi biri n’ico bivuze, atari ibitagira ikimazi. Vyongeye, umugambi Yehova afitiye isi n’abantu bayibako, ni umugambi w’ibihe bidahera (Abanyefeso 3:11). Ni we yashizeho isi, ayirema “kugira ngw ibekw abantu” (Yesaya 45:18). N’ikindi kandi, umugambi yari afitiye abantu bo kw’isi mu ntango ntuzobura kuranguka (Itanguriro 1:28). Umuntu abaho akora ivyo Imana y’ukuri igomba azobaho ibihe bidahera kandi ubuzima bwiwe buzokwama buri n’ico buvuze imyaka yose.
Yehova yashizeho “mbere n’abanyakibi na bo . . . ngo babone umusi mubi” (Imigani 16:4b). Yehova si we yaremye abanyakibi, kubera yuko “igikorwa ciwe [ari] agahore” (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Naho ari ukwo, yarabaretse barabaho gushika aho azobonera ko bibereye kubashitsako urubanza rubi yabaciriye. Nk’akarorero, Yehova yabwiye wa mwami Farawo wo mu Misiri ati: ‘Icatumye mba ndakuretse, ni ukugira ngo nkwereke ubushobozi bwanje, kandi ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose’ (Kuvayo 9:16). Vya Vyago Cumi n’uguhonywa kwa Farawo n’ingabo ziwe mu Kiyaga Gitukura vyabaye ibintu vy’intibagiranwa vyagaragaje ko Imana ifise ububasha ntangere.
Yehova arashobora kuyobora ibintu ku buryo abanyakibi bakora ibintu bishitsa umugambi wiwe batabiciye n’ikanda. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ku bijanye na Yehova ati: “Uburake bg’abantu buzogushimisha, uburake buzoba busigaye uzobukenyera” (Zaburi 76:10). Yehova yoshobora kureka abansi biwe bakarakira abasavyi biwe, yamara ku rugero abona ko rubereye kugira ngo atoze indero abo basavyi biwe, gutyo abe abamenyereje. Uburake burenze kuri ubwo, Imana ubwayo ica ibukenyera.
Yehova arashigikira abasavyi biwe bicisha bugufi. Ariko none abona gute abantu b’ubwibone? Umwami wa Isirayeli avuga ati: “Umuntu wese w’ubgibone mu mutima n’igisesema k’Uhoraho; [“ukuboko kurashobora gufatana n’ukuboko, ariko umuntu”, “NW” ] vy’ukuri akazobura guhanwa!” (Imigani 16:5). Abantu bafise “ubgibone mu mutima” boshobora gushigikirana, yamara ntibazobura guhanwa. Ku bw’ivyo rero, vyoba biranga ubukerebutsi dutsimbataje agatima ko kwicisha bugufi, naho twoba tuzi vyinshi canke dushoboye gukora ibintu binaka abandi badashoboye, kibure naho twoba twaratewe uduteka tw’umurimo utuhe.
“Kwubaha Uhoraho”
Kubera yuko twavukiye mu caha, dufise impengamiro yo guhuba (Abaroma 3:23; 5:12). Ni igiki kizodufasha kwirinda gushinga imigabo yotuma dukora ibitabereye? Mu Migani 16:6 hagira hati: “Ibigabitanyo bikūrwaho n’imbabazi n’ukuri, kand’abantu bakūrwa mu bibi no kwubaha Uhoraho”. Mu gihe imbabazi za Yehova, ni ukuvuga ubuntu-mvarukundo bwiwe, be n’ukuba ari umunyakuri bituma akuraho ivyaha vyacu, ukwubaha Yehova, ni ukuvuga ukumutinya, ni kwo gutuma twirinda gukora ivyaha. Uretse ugukunda Imana no gukenguruka ubuntu-mvarukundo bwayo, ese ukuntu bihambaye cane ko dutsimbataza ugutinya gukora ivyoyibabaza!
Igihe dutsimbataza ukwubaha bimwe bigera kure ububasha bw’Imana buteye akoba, biratuma tuyitinya mu mutima wacu. Zirikana honyene ku bubasha bubonekera mu vyo yaremye! Kwibutswa ukuntu ivyo Imana yaremye bigaragaza ububasha bwayo vyarafashije umwe sekuruza w’imiryango Yobu kubogora ivyiyumviro vyiwe (Yobu 42:1-6). None si ko natwe bitugendera igihe dusomye inkuru zanditswe muri Bibiliya zerekeye ivyo Yehova yagiranye n’abasavyi biwe tukongera tukazizirikanako? Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ni muze murābe ibikorwa vy’Imana, iteye ubgoba ku vyo igirira abana b’abantu” (Zaburi 66:5). Nta kurira mbege ku buntu-mvarukundo bwa Yehova. Igihe Abisirayeli ‘bagarariza bakababaza impwemu yera y’Imana’, vyatumye Yehova “ahinduka umwansi wabo, ubgiwe arwana na bo” (Yesaya 63:10). Igihushanye n’ivyo, “inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho atuma n’abansi biwe buzura na we” (Imigani 16:7). Ese ukuntu ugutinya Yehova ari uburinzi!
Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Ibike birimw’ubugororotsi biruta inyungu nyinshi zirimwo kugabitanya” (Imigani 16:8). Mu Migani 15:16 na ho hagira hati: “Ibike birimwo kwubaha Uhoraho biruta ubutunzi bginshi burimwo guhagarika umutima”. Nta gukeka ko kwubaha cane Imana, ari kwo kuyitinya, bihambaye cane kugira ngo umuntu agume akora ibigororotse.
“Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe”
Umuntu yaremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo ikibereye canke ikitabereye (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20). Umutima wacu w’ikigereranyo urafise ubushobozi bwo kurimbura amahitamwo atandukanye maze ugaheza ukibanda kuri rimwe canke menshi muri yo. Mu kwerekana yuko guhitamwo ari ibanga ritwega, Salomo avuga ati: “Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe”. Umuntu amaze kwigerera inzira yiwe, “Uhoraho ni we” aca “atumbereza ibirenge vyiwe” (Imigani 16:9). Kubera ko Yehova ashobora kuyobora ibirenge vyacu, vyoba biranga ubukerebutsi turondeye ko adufasha kugira ngo ‘imigabo yacu ikomere’.
24-30 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 17-21
“Rondera amahoro”
“Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe
Umumenyereza w’umugwi w’umupira w’amaboko kuri kaminuza imwe yarirukanywe kubera ukudacungera ishavu ryiwe.
Umwana arishavuza kubera ataronse ivyo yipfuza
Inabibondo umwe arashwana n’umuhungu wiwe kubera urwangara rw’aho uwo muhungu arara.
TWESE turamaze kubona umuntu yashavuye, kandi natwe biramaze gushika tugashavura. Turashobora kuba tubona ko ishavu atari ryiza kandi ko dukwiye kuryirinda. Ariko birashika tukabona yuko dufise imvo yumvikana yo gushavura, na canecane igihe tubona ko baturengeye akarimbi. Ishirahamwe rimwe ryo muri Amerika ryitaho amagara yo mu mutwe ryoryo rivuga riti: “Gushavura ni ikintu gisanzwe gishikira bose, kandi kenshi gushavura usanga ari vyiza.”
Ico ciyumviro kirashobora gusa n’icumvikana turavye amajambo intumwa Paulo yanditse ahumekewe n’Imana. Paulo yarerekanye ko bishobora gushika umuntu agashavura. Yavuze ati: “Murake, yamara ntimucumure; izuba ntirirenge mugishavuye.” (Abanyefeso 4:26) Ayo majambo yoba ashaka kwerekana ko dukwiye kureka tugatwarwa n’ishavu canke dukwiye nyabuna gukora ibishoboka vyose tukaricungera?
WOBA UKWIYE GUSHAVURA?
Igihe intumwa Paulo yatanga iyo mpanuro ahumekewe n’Imana, biboneka ko yibuka amajambo yavuzwe n’umwanditsi umwe w’amazaburi, uwanditse ati: “Mute umutwe, ariko ntimucumure.” (Zaburi 4:4) Ariko none ni igiki Paulo yashaka kuvuga? Abandanya asigura ati: “Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe, hamwe n’ububi bwose.” (Abanyefeso 4:31) Paulo yariko aremesha abakirisu bagenziwe kwirinda gutwarwa n’ishavu. Birashimishije kubona rya Shirahamwe ryitaho amagara yo mu mutwe ryarongeyeko riti: “Ubushakashatsi bwagizwe bwerekanye yuko gutwarwa n’ishavu bituma urushiriza gushavura no gukara kandi ko ata co bigufasha . . . mu gutorera umuti ingorane.”
None dushobora gute ‘gukura’ muri twebwe ishavu be n’ingaruka zose mbi zijanye na ryo? Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera yanditse ati: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we.” (Imigani 19:11) None “ugutahura kwimbitse kw’umuntu” kwomufasha gute igihe aratse?
UKUNTU UGUTAHURA KWIMBITSE GUHWAMIKA ISHAVU
Ugutahura kwimbitse ni ubushobozi bwo kubona kure, ntubone gusa ukuntu ikintu kiboneka inyuma. Ivyo none vyodufasha gute igihe hari uwudushavuje canke adusomborokeje?
Turashobora gushavura igihe hagize uwudukorera ikintu kitabereye. Ariko rero, dukoze uko ishavu rigize tugakora ikintu kibi, turashobora gusanga twigiriye nabi canke tugiriye nabi uwundi. Nka kurya umuriro wadutse ushobora guturira inzu, ni ko n’ishavu ridacungerewe rishobora kwonona vyinshi. Rirashobora kwonona izina ryiza wari ufise, rikonona ubucuti ufitaniye n’abandi mbere n’ubwo ufitaniye n’Imana. Mu gihe rero twumva ishavu ririko riraduga, dukwiye guca tugerageza kutabona gusa icatubabaje. Gutahura neza imvo n’imvano y’ico kintu cabaye vyodufasha gucungera ishavu.
Umwami Dawidi se wa Salomo, yarafashijwe gutahura imvo n’imvano y’ivyabaye, bituma atagirwa n’amaraso y’umugabo yitwa Nabali. Dawidi n’abantu biwe bari baracunze intama za Nabali mu bugararwa bw’i Yudaya. Igihe hagera ko intama za Nabali zikemurwa, Dawidi yaramusavye ibifungurwa. Nabali na we yamwishuye ati: “Mfate umukate wanje, n’amazi yanje, n’inyama zanje zibazwe nabagiye abakemuzi banje, ndabihe abagabo ntazi n’iyo bava?” Mbega akagaye! Dawidi yumvise ayo majambo, we hamwe n’abantu biwe 400 baciye bafata inzira kugira ngo baje guhonya Nabali n’abantu biwe bose b’igitsina-gabo.—1 Samweli 25:4-13.
Abigayili muka Nabali yaramenye ivyabaye aca aja guhura na Dawidi. Ashikiriye Dawidi n’abantu biwe, yaciye agwa ku birenge vyiwe avuga ati: “Ndakwinginze umushumbakazi wawe avugire mu matwi yawe, maze wumvirize amajambo y’umushumbakazi wawe.” Yaciye asigurira Dawidi ukuntu Nabali yari asanzwe ari imburabwenge yongera aramwereka yuko yihoye agasesa amaraso vyotumye yicuza.—1 Samweli 25:24-31.
Ivyo Abigayili yabwiye Dawidi vyamufashije gute kugira ugutahura kwimbitse maze bigahwamika ishavu yari afise? Ubwa mbere, Dawidi yaratahuye ko Nabali yari asanzwe ari imburabwenge. Ubwa kabiri, yaratahuye ko iyo yihora yari kwagirwa n’amaraso. Cokimwe n’ivyashikiye Dawidi, harashobora gushika ikintu cotuma ushavura. None wokora iki? Ibitaro bimwe (Mayo Clinic) vyahanuye biti: “Banza ufate akanya uheme ushikana, uharure gushika kuri 10.” Ni vyo, nubanze ufate akanya wiyumvire icateye ingorane wongere uzirikane ku ngaruka ivyo ugira ukore vyoteza. Nureke ugutahura kwimbitse kugufashe guhwamika ishavu no kuritsinda.—1 Samweli 25:32-35.
No muri kino gihe, hari abantu benshi bafashijwe gucungera ishavu. Nk’akarorero igihe uwitwa Sebastian yari apfunzwe afise imyaka 23 muri Polonye, yarize gucungera ishavu ryiwe biciye ku kwiga Bibiliya. Yavuze ati: “Mbanza kwiyumvira icateye ingorane ngaca ngerageza gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga. Nasanze Bibiliya ari co gitabu gitanga impanuro nziza kuruta ibindi.”
Setsuo na we nyene yagize nk’ukwo nyene. Yavuze ati: “Narakankamira abo dukorana igihe baba banshavuje. Ariko ubu ko maze kwiga Bibiliya, aho gukankama mbanza kwibaza nti: ‘Ni nde ari mw’ikosa? Ubwo ntiyoba ari jewe nateje iyo ngorane?’” Kwibaza ivyo bibazo vyaratumye ashobora gucungera ishavu ryiwe no kurihwamika.
Naho ishavu rishobora kuba rikomeye cane, impanuro ziri mw’Ijambo ry’Imana zirakomeye gusumba. Ushize mu ngiro impanuro nziza Bibiliya itanga ukongera ugasenga Imana ngo igufashe, na wewe ugutahura kwimbitse kurashobora gutuma uhwamika ishavu canke ukaricungera.
Nukurikirane amahoro
Igihe bituwe ngo bafashe
11 Tuvuge iki mu gihe umukirisu munaka yipfuje kuyagira umukurambere ingorane afitaniye n’incuti yiwe canke uwo basangiye ukwemera? Mu Migani 21:13 hagira hati: “Uwiziba ugutwi ngo ntiyumve umwidogo w’umuntu mutoyi, na we nyene azohamagara ntiyishurwe.” Birumvikana ko umukurambere ‘atokwiziba ugutwi.’ Ariko rero, hari uwundi mugani ugabisha uti: “Uwubanje kwitwara asa n’uwuvuga ukuri, gushika uwo baburana atanguye kumuhinyuza.” (Imig. 18:17, New English Translation) Umukurambere akwiye gutega yompi n’umutima mwiza, mugabo arakeneye kwiyubara ntahengamire kuri nyene gukorerwa ikosa. Uwo mukurambere amaze kwumviriza iyo ngorane, yoshobora kumubaza nimba yarayiganiriye na nyene kuyiteza. Uwo mukurambere yoshobora kandi kwihweza ari kumwe na nyene gukorerwa ikosa intambwe zishingiye ku Vyanditswe ashobora gutera kugira ngo akurikirane amahoro.
12 Hariho uburorero butatu bwo muri Bibiliya bwerekana akaga kari mu gufata ingingo gihutihuti umaze kwumviriza umuntu umwe gusa mu bafitaniye ingorane. Potifari yaremeye ivyo umugore wiwe amubwiye yuko Yozefu yari yarondeye kumufata ku nguvu. Potifari abigiranye ishavu ritagira ishingiro yarataye Yozefu mw’ibohero. (Ita. 39:19, 20) Umwami Dawidi yaremeye ivyo Ziba amubwiye, uno akaba yavuze ko shebuja wiwe Mefibosheti yari yagiye ku ruhande rw’abansi ba Dawidi. Dawidi yaciye yishura gihutihuti ati: “Ehe ikintu cose ca Mefibosheti ni icawe.” (2 Sam. 16:4; 19:25-27) Umwami Aritazerusi yabwiwe ko Abayuda bariko barasubira kwubaka impome za Yeruzalemu be n’uko bagira bagararize Inganji y’Ubuperesi. Uwo mwami yaremeye iyo raporo itari yo, aca ategeka ko bahagarika ibikorwa vyose bariko barakora bijanye no gusubira kwubaka Yeruzalemu. Ivyo vyatumye Abayuda bahagarika igikorwa co ku rusengero rw’Imana. (Ezira 4:11-13, 23, 24) Abakurambere bakirisu babigiranye ubukerebutsi barakurikiza impanuro Paulo yahaye Timoteyo yo kwirinda guca urubanza imbere y’igihe.—Soma 1 Timoteyo 5:21.
13 N’igihe nyene bisa n’uko twatahuye ukutumvikana kuri hagati y’abantu babiri, birahambaye ko tumenya yuko “nimba umuntu yiyumvira ko yamenye ikintu, [ataba a]rakimenya nk’uko yabwirizwa kukimenya.” (1 Kor. 8:2) Twoba vy’ukuri tuzi ibintu vyose vyatumye haba ukwo kutumvikana? Twoba dushobora gutahura mu buryo bushitse ukuntu ivy’umwumwe wese muri bo bisanzwe vyifashe? Igihe abakurambere basabwe guca urubanza, ese ukuntu bihambaye cane ko batareka ngo bahendwe n’ibinyoma, uruyeri, canke ibihuha! Wa mucamanza yagenywe n’Imana ari we Yezu Kristu, aca imanza mu bugororotsi. “[Ntaca] urubanza afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise.” (Yes. 11:3, 4) Ahubwo riho, Yezu ayoborwa n’impwemu ya Yehova. Abakurambere bakirisu na bo nyene bategerezwa kuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana.
14 Imbere y’uko abakurambere baca imanza zerekeye abo basangiye ukwemera, barakwiye gusenga Yehova bamusaba yuko impwemu yiwe yobafasha maze bakiheka ku buyobozi bwayo mu gusuzuma Ijambo ry’Imana n’ibisohokayandikiro vya wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.—Mat. 24:45.
Nukurikirane amahoro
17 Ukutumvikana kwinshi kuba hagati y’abavukanyi usanga kuterekeye ikibi gikomeye gisaba ko umuntu acirwa urubanza. Ese rero ukuntu ari vyiza ko dupfuka tubigiranye urukundo amakosa abandi badukorera. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Uwupfuka ikigabitanyo aba arondera urukundo, kandi uwuguma avugavuga ikintu aba ariko atandukanya abasanganywe.” (Imig. 17:9) Kwisunga ayo majambo bizodufasha twese kuzigama amahoro mw’ishengero no kuguma dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova.—Mat. 6:14, 15.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Rwaruka, nimuyoborwe n’Ijambo ry’Imana
17 Kugira ngo ugume uri intahemuka ku Mana igihe uri wenyene, utegerezwa gutsimbataza ‘ububasha bwawe bwo gutegera kugira ngo utandukanye iciza n’ikibi’ maze umenyereze ubwo bubasha ‘biciye ku kubukoresha’ mu kwisunga ico uzi ko ari ciza. (Heb. 5:14) Nk’akarorero, igihe uriko urahitamwo umuziki wumviriza, amasenema uraba, canke imihora yo kuri Internet urondererako amakuru, ng’iki ikintu kizogufasha guhitamwo iciza no kwirinda ikibi. Niwibaze ibibazo bikurikira: ‘Aya mayagwa yoba azondemesha kuba umunyabuntu canke azonyosha kunezererwa “icago c’uwundi”?’ (Imig. 17:5) ‘Yoba azomfasha “gukunda iciza” canke azotuma bingora “kwanka ikibi”?’ (Am. 5:15) Ivyo ukora igihe uri wenyene birahishura ivyo uha agaciro vy’ukuri ivyo ari vyo.—Luka 6:45.
Tuzogendera mu gutungana kwacu!
15 Uwo mugororotsi Yobu ntiyigera ahimbarwa igihe icago caba gishikiye umuntu amwanka. Umugani umwe wanditswe mu nyuma ugabisha uti: “Umwansi wawe aguye, ntuhimbarwe; kandi atewe gutsitara, umutima wawe ntunezerwe, kugira ngo Yehova ntabibone, bikaba bibi mu maso yiwe, hanyuma akamukurako koko ishavu ryiwe.” (Imig. 24:17, 18) Kubera ko Yehova ashobora kubona ibiri mu mutima, arabimenya igihe duhimbarirwa mu mpisho icago cashikiye uwundi muntu kandi nta gukeka ko adashima agatima nk’ako. (Imig. 17:5) Imana yoshobora kugira ico itubajije, kuko ivuga iti: “Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje.”—Gus. 32:35.
Rwaruka, nimutume iterambere ryanyu ryibonekeza
Kwitegurira umubano w’ababiranye uroraniwe
12 Hari ababa ari ho bakigera mu bigero maze bagaca bihutira kwubaka izabo bibaza ko ubwo ari bwo buryo bwo gutorera umuti ukubura agahimbare, irungu, ukwihebura be n’ingorane z’i muhira. Yamara rero, ukugiranira indagano z’ababiranye si ikintu co gufata minenegwe. Bamwebamwe mu bihe vya Bibiliya barihutiye kugira indagano nyeranda batabanje kuzirikana bitonze ku co ivyo vyasaba. (Soma Imigani 20:25.) Rimwe na rimwe, abubaka izabo ari ho bakigera mu bigero usanga batarimbura bitonze ico umubano w’ababiranye usaba. Mu nyuma, basanga umubano w’ababiranye usaba vyinshi kuruta ivyo biyumvira batarubaka.
13 Ku bw’ivyo rero, imbere y’uko utangura kureshanya, niwibaze uti: ‘Ni kubera iki nshaka kwubaka urwanje? Ni ibiki niteze? Uwu yoba ari we muntu dukwiranye vy’ukuri? Noba niteguriye kurangura ibanga nzoba njejwe mu mubano?’ Kugira ngo “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” agufashe kwisuzuma ubigiranye ugutahura kwimbitse, yarasohoye ibiganiro bidomako neza kuri ico kibazo. (Mat. 24:45-47) Nubone ko ivyo biganiro ari impanuro Yehova ariko araguha. Nusuzume witonze ibivugwa muri ivyo biganiro maze ubishire mu ngiro. Ntiwigere wirekerana ngo uhave uba “nk’ifarasi cank’inyumbu, bitagira ubgenge.” (Zab. 32:8, 9) Nube umuntu akuze mu kuntu utahura ivyo umubano w’ababiranye usaba. Niba wiyumvamwo ko ugeze gutangura ivyo kureshanya, urama wibuka kuba “akarorero . . . mu kutandura.”—1 Tim. 4:12.
31 GITUGUTU–6 MUNYONYO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 22-26
“Rera umwana wisunze inzira imubereye”
Kurerera abana mw’isi irekerana ibintu
Gutumbereza umwampi
Urabona ko muri Zaburi 127:4, 5 hagereranya umuvyeyi n’ “umugabo w’umuhizi.” None ivyo vyoba bisigura yuko sebibondo wenyene ari we ashobora kuba kirumara mu bijanye n’uruhara rwa kivyeyi? Habe na buhoro! Mu vy’ukuri, iyo ngingo ngenderwako iri muri ico kigereranyo irakora kuri ba sebibondo na ba inabibondo, eka mbere igakora no ku bavyeyi birerana abana. (Imigani 1:8) Imvugo ngo “umugabo w’umuhizi” igomba kwerekana ko gukwega uruvuto kugira ngo umuntu arase umwampi vyasaba inguvu zitari nke. Mu bihe vya Bibiliya, imiheto barayikuyengezako umujumpu, kandi bikaba vyavugwa ko umusoda ‘yahonyora umuheto,’ kumbure akawuhonyoza ukuguru kugira ngo awugonde maze awushireko uruvuto. (Yeremiya 50:14, 29, NW) Birumvikana rero ko umuntu yasabwa gukoresha inguvu nyinshi be n’utwigoro tutari duke kugira ngo akwege urwo ruvuto rwaba runangiriye, gutyo ashobore kurasa iyo myampi ku co yaba ashaka kugema.
No kurera abana bisaba utwigoro dukomeye. Abana ntibashobora kwirera ubwabo, nka kurya nyene umwampi ubwawo udashobora kwirasa ngo ugende ugana ikintu. Ikibabaje ni uko abavyeyi batari bake muri kino gihe basa n’abadashaka kugira utwigoro dukenewe kugira ngo barere abana babo. Bahitamwo kwiyorohereza. Barareka televiziyo, ishure, be n’uruganwe rw’abana babo bikaba ari vyo vyigisha abo bana ibijanye n’iciza n’ikibi, ibijanye n’ukwigenza runtu be n’ibijanye n’igitsina. Baremerera abana babo ivyo babasavye vyose. Vyongeye, igihe babonye ko kuvuga ngo oya biba bisa n’ibitoroshe, baca bapfa kuvuga ngo ego, akenshi bakitwaza yuko badashaka kubabaza abana babo. Tuvugishije ukuri, ukwo kurekerana ibintu ni kwo nyabuna kuzogirira abana ikibi nyaco kandi kimara igihe kinini.
Kurera abana ni igikorwa kitoroshe. Ni ivy’ukuri yuko gukora ico gikorwa n’umutima wacu wose tubifashijwemwo n’ubuyobozi buva mw’Ijambo ry’Imana bisaba utwigoro twinshi, mugabo rero impera zivamwo ni ntangere. Ikinyamakuru kimwe kivuga ivyerekeye abavyeyi (Parents) cavuze giti: “Ivyigwa vyagizwe . . . vyerekanye ko abana barezwe n’abavyeyi b’abanyarukundo mugabo bafatana uburemere ibanga ryabo, ni ukuvuga bashigikira abana babo yamara ntibadohoke ku turimbi babashingira, usanga bamenya cane kw’ishure, barushiriza gutsimbataza kamere zo kubana neza n’abandi, bashimishwa n’ukuntu bameze, kandi muri rusangi bakaba abahimbawe kuruta abana usanga abavyeyi babo barekerana ibintu cane canke bakavya cane.”
Hariho n’iyindi mpera irushirije kuba nziza. Twari twarimbuye igice ca mbere c’icanditswe co mu Migani 22:6, ikigira giti: “Toza umwana indero akwiye kwamana.” Uwo murongo ubandanya n’aya majambo yeza umutima agira ati: “Azorinda asāza atarayivamwo.” None uwo mugani wahumetswe woba utanga icemeza c’uko vyanka vyakunda ibintu bizogenda gutyo? Si ngombwa. Umwana wawe arafise uburenganzira bwo kwihitiramwo kandi niyakura azobukoresha. Ariko uwo murongo uraha abavyeyi umuhango uranga urukundo. Uti ni uwuhe?
Mu gihe ureze abana bawe wisunze impanuro zo muri Bibiliya, uba uriko urashinga umushinge w’ibintu vyiza gusumba ibindi bizotuma haboneka ivyiza ntangere, ivyo na vyo bikaba ari ukubona abana bawe bakura bagacika abantu bahimbawe, bashize akanyota kandi bitaho ibintu. (Imigani 23:24) Ukwo bishoboka kwose rero, nutegure abana bawe bogereranywa n’imyampi y’agaciro, ubakingire wongere ugire utwigoro kugira ngo ubatumbereze. Niwabigira ntuzokwigera wicuza.
Ibibazo vy’abasomyi
Amajambo dusanga mu Migani 22:6 yoba yemeza ko mu gihe abana b’abakirisu batojwe indero neza, batazota inzira ya Yehova?
Ico canditswe kivuga giti: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo”. Nka kurya nyene kugonda ishami ry’igiti bigira ico bikoze ku kuntu rikura, n’abana batojwe indero neza usanga barushiriza kugira impengamiro yo kubandanya bakorera Yehova bamaze gukura. Nk’uko umuvyeyi wese abizi, ukwo gutoza indero usanga bifata igihe kitari gito bigasaba n’utwigoro dukomeye. Kugira ngo abavyeyi bahindure abana babo abigishwa bakirisu, bategerezwa kubigisha neza, kubahanura, kubaremesha, kubatoza indero, tutibagiye no kubabera akarorero keza. Ivyo bategerezwa kumara imyaka myinshi babigira badatezura kandi mu buryo buranga urukundo.
None ivyo vyoba bisobanura yuko nka hamwe umwana ahevye gukorera Yehova, abavyeyi biwe baba batamutoje indero neza? Mu bihe bimwebimwe, hari aho abavyeyi bashobora kuba batashikije neza ivyo basabwa mu twigoro bagize two kurera abana babo, babahana babahanura nk’uko Yehova agomba (Abanyefeso 6:4). Ariko rero, ayo majambo yo mu Migani ntiyemeza ko gutoza indero nziza abana bituma baguma ari intahemuka ku Mana. Abavyeyi ntibashobora gutuma abana babo bahinduka ngo babe uko bo bavyipfuza kwose. Cokimwe n’abakuze, abana barafise uburenganzira bwo kwihitiramwo, kandi impera n’imperuka ni bo bazotegerezwa guhitamwo ukuntu bazokoresha ubuzima bwabo (Gusubira mu vyagezwe 30:15, 16, 19). Naho abavyeyi bagira utwigoro dukomeye cane, hari abana bahemuka, nk’uko na Salomo uwanditse iki canditswe turiko turarimbura vyashitse agahemuka. Hari mbere n’abana ba Yehova babaye ibihemu.
Ku bw’ivyo rero, ico canditswe ntigisobanura yuko mu bihe vyose, indero umwana atozwa ‘atazoyivamwo’, ariko cerekana ko akenshi ashobora kutayivamwo. Ese ukuntu ivyo biremesha abavyeyi! Abavyeyi bakwiye kuremeshwa no kumenya yuko utwigoro dukomeye bagira kugira ngo batoze indero abana babo mu buryo Yehova ashima tuzovamwo ivyiza. Kubera ko abavyeyi bafise ibanga rihambaye, akosho kabo na ko kakaba gakomeye, baremeshwa gufatana uburemere iryo banga.—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.
Naho nyene abana boheba gukorera Yehova, abavyeyi bitayeho ivyo gutoza abana babo indero barashobora kwizigira yuko bano bazokwikubita agashi. Ukuri kwo muri Bibiliya kurafise ububasha, kandi indero abavyeyi batanga ntishoka yibagirwa.—Zaburi 19:7.
w97 1/11 31
Kurera abana bigenza runtu—biracashoboka?
“UBU tuba mu kibano c’urusobe, c’uruvange rw’imico, ahatagira icegeranyo gihuriweko kigenga ivy’ukwigenza runtu,” bikavugwa na Robert Glossop wo mu Rwego Rujejwe Ivy’Ingo rw’i Vanier i Ottawa muri Kanada. Bikavamwo iki? Raporo imwe yo mu kinyamakuru The Toronto Star ivuga iti: “Ugutwara inda kw’imiyabaga, ubukazi bw’abakiri bato hamwe n’ukwiyahura kw’imiyabaga biriko vyongerekana vyose.”
Iyo ngorane ntigarukira kuri Amerika y’Uburaruko. Bill Damon, umuyobozi w’Irabiro ry’Ivy’Iterambere ry’Abantu kuri Kaminuza y’i Brown muri Rhode Island, muri Reta Zunze Ubumwe, yaratohoje ivyo bibazo mu Bwongereza no mu yandi mahanga y’Uburaya, hamwe no muri Ostraliya, Isirayeli, n’Ubuyapani. Adoma urutoke kw’itituka ry’amakeleziya, amashure, n’izindi nzego mu vy’uguha abakiri bato inyobozo. Umuco wacu, nk’uko avyemera, “ntucitayeho ivyo abana bakeneye kugirango bagire inyifato hamwe n’ugushobora ibintu.” Mu kudonda abahanga mu vy’ukurera bigisha yuko “uguhana gushobora gukwega ibara ku magara y’abana no ku kumererwa neza kwabo,” Damon aguma ku ry’uko ubwo ari “uburyo bw’ukurera abana b’intumva, b’abagambarazi.”
Ni ibiki abakiri bato bakeneye kino gihe? Bama bakeneye ukumenyerezwa kugorora umuzirikanyi n’umutima. Abakiri bato batandukanye bakeneye ugutozwa indero kw’ubwoko butandukanye. Igihe ugutoza indero gutewe n’urukundo, kenshi kurashobora gutangwa mu kubumvisha. Ni co gituma tubwirwa mu Migani 8:33 ‘kwumviriza ugutozwa indero.’ Bamwe ariko ‘ntibagororwa n’amajambo masa.’ Kuri bo, igihano mu bihe bimwebimwe gitangirwa ukutumva, kigatangwa ku rugero rubereye, kirashobora kuba nkenerwa. (Imigani 17:10; 23:13, 14; 29:19) Mu gusaba ivyo, Bibiliya ntiba iriko ikomereza ku kumwashagura kurimwo ishavu canke ugukubita gukaze, ugushobora kunywagaza no gukomeretsa umwana. (Imigani 16:32) Ahubwo, umwana akwiye gutahura igituma ariko atozwa indero kandi akumva ko ari kubera umuvyeyi ari kumwe na we, amwitayeho.—Gereranya n’Abaheburayo 12:6, 11.
Mwen’iyo nama ngirakimazi kandi yumvikana yo muri Bibiliya, irerekanwa mu gitabu Siri ya Kupata Furaha ya Familia.
it-2 818 ing. 4
Inkoni
Ububasha bw’abavyeyi. “Inkoni” kandi irakoreshwa bashaka kuvuga ububasha abavyeyi bafise ku bana babo. Igitabu c’Imigani kirakoresha cane iryo jambo muri ubwo buryo. Muri ico gitabu, ahanini inkoni yerekeza ku buryo butandukanye bwo gutoza indero, tutibagiye guhana umwana ukoresheje inkoni. Imana yarahaye abavyeyi uburenganzira bwo gukoresha iyo nkoni ku bana babo kugira babagamburukire. Igihe umuvyeyi ananiwe no gukoresha ubwo bubasha yahawe, arakwegera umwana wiwe urupfu no guhona, akiha amenyo y’abatwenzi, mbere bigatuma Imana itamushima. (Img 10:1; 15:20; 17:25; 19:13) “Ubupfu buboheye ku mutima w’umwana; inkoni y’indero ni yo izobwigiza kure yiwe.” “Ntiwime indero umwana. Umukubise inkoni ntazopfa. Ukwiye rero kumukubita inkoni, kugira urokore ubuzima bwiwe ubukize ukuzimu.” (Img 22:15; 23:13, 14) Mu vy’ukuri, “uwutangīra inkoni yiwe aba yanka umwana wiwe, mugabo uwumukunda ni uwumurondeza indero.”—Img 13:24; 19:18; 29:15; 1Sm 2:27-36.
Ingabirano yawe y’ubuzima nuyihe agaciro nk’uko bikwiriye
HAMWE bokubaza agaciro ubuzima bwawe bufise, wokwishura iki? Turaha agaciro kanini rwose ubuzima, bwaba ubwacu bwite canke ubw’abandi. N’ikivyerekana ni uko dushobora kugenda kwivuza ku muganga iyo turwaye canke kugira gusa aze aradusuzuma uko igihe kihaciye. Dushaka kubandanya kubaho no kuguma dufise amagara meza. Mbere n’abantu benshi bashaje canke bafise ubumuga ntibipfuza gupfa; bashaka kubandanya kubaho.
2 Ukuntu uha agaciro ubuzima biragira ico bikoze ku bucuti ufitaniye n’abandi. Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana ridutegeka riti: “Wumvire so yakuvyaye, kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi” (Imigani 23:22). ‘Kwumvira’ ntibisigura gusa kwumva amajambo; uwo mugani usobanura kwumva hanyuma ugaca ugamburuka (Kuvayo 15:26; Gusubira mu vyagezwe 7:12; 13:18; 15:5; Yosuwa 22:2; Zaburi 81:13). Ijambo ry’Imana rivuga ko twobumvira kubera iki? Ntukwiye kwumvira so na nyoko ngo ni uko gusa bakuruta canke bazi utuntu n’utundi kukurusha. Imvo itangwa ni uko ‘bakuvyaye’. Impinduro zimwezimwe zihindura uwo murongo ngo: “Umviriza so yaguhaye ubuzima”. Birumvikana ko, nimba uha agaciro ubuzima bwawe, wumva ko hari ibanga ujejwe ku waguhaye ubwo buzima.
3 Mugabo ntiwumve, niba uri umukirisu w’ukuri, uremera icese yuko Yehova ari we Sôko ruheta ry’ubuzima bwawe. Ni we ‘akubeshejeho’; urashobora ‘kugenda’, ugakora uri ikiremwa gifise inyiyumvo; vyongeye ubu ‘uri n’ubuzima’ kandi urashobora kwiyumvira no gutegekanya kazoza, harimwo n’ubuzima budahera (Ivyakozwe 17:28; Zaburi 36:9; Umusiguzi 3:11). Mu buryo buhuye n’Imigani 23:22, birabereye ko ‘wumvira’ Imana, ufise icipfuzo co gutahura ingene ibona ubuzima no gukora uhuza n’ukwo kuntu ibubona, aho kwihitiramwo ubundi buryo ubwo ari bwo bwose ubuzima bubonwa.
w00 1/7 17 ing. 13
“Mwese muravukana”
13 Gutera iteka abagize umuryango, ntibisigura gusa guha agaciro umugore n’abana. Hari umugani umwe wo mu kiyapani usigurwa ngo: “Ushaje, gamburukira abana bawe.” Uwo mugani ushaka kuvuga ko abavyeyi bamaze gusaza bakwiye kwirinda gukoresha ububasha bafise bwose kubana babo bakuze, kandi bakagamburuka ivyo abo bana bababwiye. Naho ivyanditswe vyerekana ko abavyeyi batera iteka abana babo mu kubatega yompi, abana ntibakwiye kwigera bakengera abavyeyi bageze mu zabukuru. Mu Migani 23:22 hagira hati: “ntusuzugure nyoko wawe ngo ni uko gusa ashaje.” Ivyo umwami Salomo yarabigendeye mu buzima bwiwe. Yarateye iteka nyina wiwe igihe yaza kubonana nawe kugira amubwire icari kimuraje ishinga. Salomo yamwicaritse ku ntebe y’icubahiro yari iburyo bw’intebe yiwe y’ubwami, maze atega yompi nyina wiwe Batisheba, kandi yari ageze mu zabukuru.—1 Abami 2:19, 20.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ku bakunda Yehova, “nta gitsitaza kihaba”
MU GIHE UTSITAYE, NUGUME MW’ISIGANWA
5 Ushobora kuba umaze gukoresha ijambo “gutsitara” canke “kugwa” uriko uravuga ukuntu ivy’umuntu vyifashe mu vy’impwemu. Ayo majambo yo muri Bibiliya arashobora gukoreshwa kumwe mugabo si ko vyama. Nk’akarorero, raba ibivugwa mu Migani 24:16, ahagira hati: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka; mugabo ababisha bazotsitazwa n’ivyago.”
6 Yehova ntazoreka ngo abamwizigira batsitare canke bagwe, ni ukuvuga bashikirwe n’ingorane canke intambamyi mu gusenga kwabo, ku buryo badashobora guhaguruka. Turakurwa amazinda yuko Yehova azodufasha “guhaguruka” kugira ngo tubandanye kumwihebera uko dushoboye kwose. Ese ukuntu ivyo bihumuriza abo bose bakunda Yehova babikuye ku mutima! Ababisha ntibafise icipfuzo nk’ico co guhaguruka. Ntibarondera gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana be n’abasavyi bayo, canke baranka iyo mfashanyo igihe bayihawe. Ku ‘bakunda itegeko rya Yehova’ bobo nta gitsitaza kihaba gishobora kubakura buhere muri kwa gusiganirwa ubuzima.—Soma Zaburi 119:165.
7 Hari abo bishika bagakora igicumuro kidakomeye, mbere bakagikora incuro zitari nke, kubera ubugoyagoye bunaka. Mugabo baguma ari abagororotsi imbere ya Yehova mu gihe babandanije “guhaguruka,” ni ukuvuga kwigaya babikuye ku mutima maze bakihatira gusubira kumusukurira badahemuka. Ivyo turabibonera mu kuntu Imana yafashe Isirayeli ya kera. (Yes. 41:9, 10) Mu Migani 24:16, hamwe twasubiramwo, aho gushimika ku kintu kibi, ico na co kikaba ari ukuba ‘twaguye,’ hashimika ku kintu ciza, ni ukuvuga ‘uguhaguruka’ tubifashijwemwo n’Imana yacu y’inyembabazi. (Soma Yesaya 55:7.) Mu kwerekana ko batwizigiye, Yehova Imana be na Yezu Kristu baturemesha “guhaguruka” babigiranye umutima mwiza.—Zab. 86:5; Yoh. 5:19.
8 N’igihe nyene umwirutsi atsitaye canke akagwa muri rya siganwa ryitwa marato, yoshobora kuronka umwanya wo guhaguruka maze akarangiza iryo siganwa mu gihe abigize adatebaganye. Muri kwa gusiganirwa ubuzima budahera kwacu, ntituzi ‘umusi n’isaha’ iryo siganwa rizorangirira. (Mat. 24:36) Naho ari ukwo, uko dutsitara gake ni ko bishoboka rwose ko tuguma dukokera, tukaguma muri iryo siganwa maze tukarirangiza neza. Dushobora gute none kwirinda gutsitara?
Ibibazo vy’abasomyi
Mu guhanura umusore, umwanditsi w’igitabu c’Imigani avuga ati: “Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, uvyiroranirize mu ndimiro, hanyuma uz’ubone kwubaka inzu.” Ni icigwa ikihe none kiriko kiratangwa muri uyu mugani wahumetswe? Ni ic’uko umuntu akwiye kwitegura neza imbere y’uko yubaka urwiwe bwite maze agatanguza umuryango wiwe, akaba atahura neza amabanga ajanye n’iyo ndagano.