Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kuri Gititi. Ni zaburi ya Asafu+.
81 Nimuvugirize impundu Imana, yo nkomezi zacu+.
Nimwigine imbere y’Imana ya Yakobo.
2 Nimuvuze umuziki mukoresheje utugoma,
inanga zivuga neza n’ibicurarangisho vy’imirya.
3 Nimuvuze inzamba ku mboneko y’ukwezi+,
igihe ukwezi ari igisyo, ku musi mukuru wacu+.
4 Kuko ari itegeko kuri Isirayeli,
ingingo yashinzwe n’Imana ya Yakobo+.
5 Yayishinze igihe yatera igihugu ca Misiri+,
kugira ngo abakomoka kuri Yozefu baze barayibuka+.
Ni ho numva ijwi ntashoboye kumenya rivuga riti:
6 «Nakuye umuzigo ku bitugu vyabo+,
n’ikivumvu mu maboko yabo.
7 Igihe bari mu magorwa barantabaje, nanje ndabakiza+.
Nabishuriye mu bicu birimwo imituragaro+.
Narabagejeje ku mazi y’i Meriba+. (Sela)
8 Nimwumvirize bantu banje, ngira ndabagirize.
Ewe Isirayeli, ese iyaba wonyumvirije+!
9 Nta Mana y’ahandi rero yobaye hagati yawe,
kandi ntiwokwunamiye imana y’inyamahanga+!
10 Jewe Yehova ndi Imana yawe,
yagukuye mu gihugu ca Misiri+.
Asama cane, nanje nuzuze akanwa kawe ibifungurwa+.
11 Ariko abantu banje ntibanyumvirije,
Isirayeli ntiyangamburukiye+.
12 Naciye ndabareka bakurikira imitima yabo ikomantaye,
bakora ivyo babona ko ari vyiza+.
13 Ese iyaba abantu banje bonyumvirije+!
Ese iyaba Isirayeli yogendeye mu nzira zanje+!
14 Abansi babo nobamaze amanyama ningoga,
ukuboko kwanje kukarwanya ababarwanya+.
15 Abanka Yehova bazojugumira imbere yiwe,
kandi igihano cabo kizoba ic’ibihe bidahera.
16 Ariko abantu banje bazorya ingano nzizanziza+,
bahage ubuki buvuye mu gitandara+.»