Bariko baratumira abantu ku makoraniro mu mazinga ya Cook
Ingene twotanguza ibiyago
UMUNARA W’INDERETSI
Ikibazo: Abamarayika boba babaho koko?
Icanditswe: Zb 103:20
Ivyo wovuga: Uwu Munara w’Inderetsi urerekana ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye abamarayika n’ingene badufasha mu buzima.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Wibaza ko ubuhinga bwa siyansi buvuguruza Bibiliya?
Icanditswe: Yes 40:22
Iciyumviro: Bibiliya ivuga ukuri mu bijanye n’ubuhinga.
UBUTUMIRE BW’AMAKORANIRO Y’ISHENGERO (inv)
Ivyo wovuga: Nagomba kugutumira ku nyigisho ishingiye kuri Bibiliya izotangwa aho dusengera, ku Ngoro y’Ubwami y’aha iwacu. [Muhe ubutumire bw’amakoraniro uce umwereka umwanya n’ikibanza mugirirako ikoraniro ry’insiguro n’Umunara, umubwire n’umutwe w’insiguro izoshikirizwa.]
Ikibazo: Woba umaze gushika ku Ngoro y’Ubwami? [Nimba ubona bibereye, mwereke akavidewo kavuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga.]
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.