ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Nyakanga rup. 5
  • Nta na kimwe capfuye ubusa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nta na kimwe capfuye ubusa
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • Nube umukozi w’umuhanga
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Dukoreshanye ubukerebutsi ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ibikorwa bigeze he i Warwick?
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Nubandanye kwerekana ko ukunda Yehova cane
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Nyakanga rup. 5
Icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Warwick, muri New York

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nta na kimwe capfuye ubusa

Yezu amaze kugaburira abagabo 5.000 hamwe n’abagore n’abana, yategetse abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu dusigaye, kugira ntihagire igipfa ubusa.” (Yoh 6:12) Yezu yarerekanye ko akenguruka ivyo Yehova yari abaronkeje mu kutabisesagura.

Muri iki gihe, Inama Nyobozi irihatira kwigana Yezu mu gukoresha neza intererano zitangwa. Nk’akarorero, igihe hubakwa inyubakwa z’icicaro gikuru i Warwick muri New York, abavukanyi bahisemwo imigero yotumye hakoreshwa amahera make.

TWOKWIRINDA GUTE GUSESAGURA IGIHE . . .

  • Umuvukanyi azimije amatara mu Ngoro y’Ubwami

    turi ku makoraniro?

  • Icabona ca Yehova ariko arandika izina ryiwe muri Bibiliya yiwe

    turonse ibitabu tuzokoresha ku giti cacu? (km 5/09 3 ing. 4)

  • Umuvukanyi ariko aratora igitigiri yari akeneye gusa c’udupapuro tw’inkuru nziza

    dutora ibitabu tuzokoresha mu ndimiro? (mwb17.02 “Dukoreshe neza ibitabu vyacu” ing. 1)

  • Mushiki wacu ariko arasuzuma nimba uwo bayaga yashimishijwe imbere y’uko amuha agatabu

    twamamaza? (mwb17.02 “Dukoreshe neza ibitabu vyacu” ing. 2, n’uruzitiro)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika