24-30 Nyakanga
YOHANI 7-8
Ururirimbo rwa 12 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Yezu yaraninahaje Se wiwe”: (Imin. 10)
Yoh 7:15-18—Igihe Yezu yaba ashimagijwe kubera inyigisho ziwe, icubahiro yacerekeza kuri Yehova (cf 100-101 ing. 5-6)
Yoh 7:28, 29—Yezu yavuze ko yarungitswe n’Imana, ivyo bikaba vyerekana ko yayobokera Yehova
Yoh 8:29—Yezu yabwiye abamwumviriza ko yamye akora ibihimbara Yehova (w11 15/3 11 ing. 19)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Yoh 7:8-10—Yezu yoba yarahenze benewabo batizera? (w07 1/2 6 ing. 4)
Yoh 8:58—Kubera iki muri uyu murongo agace ka nyuma kahinduwe ngo “jewe nariho” aho kuvuga ngo “jewe ndiho,” kandi kubera iki ivyo biri n’ico bivuze? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yoh 8:31-47
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago. Mutumire kw’ikoraniro.
Usubiyeyo ubwa gatatu: (Imin. 3 canke idashika) Ihitiremwo icanditswe wokoresha, uce ushikiriza kimwe mu bitabu tuyoboramwo inyigisho.
Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) lvs 9-10 ing. 10-11
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Niwigane ukwicisha bugufi kwa Kristu n’ukwifata ruto kwiwe”: (Imin. 15) Guhana ijambo. Erekana buri videwo.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 36
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 119 n’isengesho