ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Ruheshi rup. 8
  • Niwiyigishe mu buryo kirumara

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwiyigishe mu buryo kirumara
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Ukwiga Kurazana Impera
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ukwiga—Birahesha Impera Kandi Biraryoshe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Nukurikire Icitegererezo c’Abami
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Nutsimbataze ubucuti bwa hafi na Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Ruheshi rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwiyigishe mu buryo kirumara

IGITUMA BIHAMBAYE: Kwiyigisha Ijambo ry’Imana biratuma ‘dutegera neza ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’amahagarara n’ubwimbike’ vyerekeye ukuri. (Ef 3:18) Biratuma kandi tuba abantu batagirako umugayo canke ikirabagu muri iyi isi mbi, kandi “[tu]kagumya rwose rya jambo ry’ubuzima.” (Fp 2:15, 16) Kwiyigisha Ijambo ry’Imana biraduha akaryo ko guhitamwo kwiga ivyo dukeneye ku giti cacu. Twokora iki kugira ngo twungukire cane ku mwanya tumara dusoma Bibiliya twongera twiyigisha?

UKO TWOBIGIRA:

  • Nusige amabara ku mirongo kanaka, ugire n’utwo wiyandikiye muri Bibiliya ukoresha mu kwiyigisha, yaba iyo mu mpapuro canke iyo mu buhinga bwa none

  • Igihe usoma Ijambo ry’Imana, niwibaze utu tubazo: ‘Ni bande bavugwamwo? Hari ryari? Hehe? Kubera iki? Ibintu vyari vyifashe gute?’

  • Rondera kumenya amakuru menshi. Koresha ibikoresho ushobora kuronka, ugire ubushakashatsi ufatiye ku mutwe kanaka canke ku murongo wo muri Bibiliya

  • Zirikana ku vyo usoma kugira ngo utahure ingene bikwerekeye

  • Shira mu ngiro ivyo wiga mu buzima bwawe bwa misi yose.​—Lk 6:47, 48

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUGUMYE RWOSE RYA “JAMBO RY’IMANA” BICIYE KU KWIYIGISHA MU BURYO KIRUMARA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Bamwebamwe badondora gute ukwiyigisha?

  • Kubera iki dukwiye gusenga igihe cose tugira twiyigishe?

  • Ni igiki codufasha kurushiriza gutahura umurongo wo muri Bibiliya?

  • Ni utumenyetso utuhe twoshira muri Bibiliya dukoresha mu kwiyigisha?

  • Kubera iki kuzirikana bihambaye cane igihe twiyigisha Ijambo ry’Imana?

  • Ivyo tuba twize dukwiye kubikoza iki?

Mushiki wacu ariko ariyigisha Bibiliya bimwe vyimbitse; umuvukanyi ariko asiga amabara muri Bibiliya yiwe; mushiki wacu ariko yereka abagabo babiri utwo yiyandikiye muri Bibiliya yiwe; umuvukanyi ariko arasenga

“Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe! Ni ryo nitwararika bukarinda bwira.”​—Zb 119:97

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika