UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Niwiyigishe mu buryo kirumara
IGITUMA BIHAMBAYE: Kwiyigisha Ijambo ry’Imana biratuma ‘dutegera neza ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’amahagarara n’ubwimbike’ vyerekeye ukuri. (Ef 3:18) Biratuma kandi tuba abantu batagirako umugayo canke ikirabagu muri iyi isi mbi, kandi “[tu]kagumya rwose rya jambo ry’ubuzima.” (Fp 2:15, 16) Kwiyigisha Ijambo ry’Imana biraduha akaryo ko guhitamwo kwiga ivyo dukeneye ku giti cacu. Twokora iki kugira ngo twungukire cane ku mwanya tumara dusoma Bibiliya twongera twiyigisha?
UKO TWOBIGIRA:
Nusige amabara ku mirongo kanaka, ugire n’utwo wiyandikiye muri Bibiliya ukoresha mu kwiyigisha, yaba iyo mu mpapuro canke iyo mu buhinga bwa none
Igihe usoma Ijambo ry’Imana, niwibaze utu tubazo: ‘Ni bande bavugwamwo? Hari ryari? Hehe? Kubera iki? Ibintu vyari vyifashe gute?’
Rondera kumenya amakuru menshi. Koresha ibikoresho ushobora kuronka, ugire ubushakashatsi ufatiye ku mutwe kanaka canke ku murongo wo muri Bibiliya
Zirikana ku vyo usoma kugira ngo utahure ingene bikwerekeye
Shira mu ngiro ivyo wiga mu buzima bwawe bwa misi yose.—Lk 6:47, 48
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUGUMYE RWOSE RYA “JAMBO RY’IMANA” BICIYE KU KWIYIGISHA MU BURYO KIRUMARA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Bamwebamwe badondora gute ukwiyigisha?
Kubera iki dukwiye gusenga igihe cose tugira twiyigishe?
Ni igiki codufasha kurushiriza gutahura umurongo wo muri Bibiliya?
Ni utumenyetso utuhe twoshira muri Bibiliya dukoresha mu kwiyigisha?
Kubera iki kuzirikana bihambaye cane igihe twiyigisha Ijambo ry’Imana?
Ivyo tuba twize dukwiye kubikoza iki?
“Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe! Ni ryo nitwararika bukarinda bwira.”—Zb 119:97