ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb17 rup. 108-109
  • “Ku Mana vyose birashoboka”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ku Mana vyose birashoboka”
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Ivyo bijanye
  • Itunga ryamaze ibinjana rinyegeye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Vyaranse ko ayishira hasi!
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Nushikirize ibinyamakuru mu busuku bwawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
yb17 rup. 108-109

JEWOROJIYA

“Ku Mana vyose birashoboka”

Natela Grigoriadis

  • YAVUTSE 1960

  • YABATIJWE 1987

  • IVYIWE MURI MAKE Haciye igihe gito abatijwe, yarateje imbere igikorwa co gusohora ibitabu mu kinyegero, kuko yari umudandaza azinanye n’abantu benshi.

Natela Grigoriadis

MU MPERA z’imyaka ya 1980, ku makoraniro wasanga uwuyobora Umunara w’Inderetsi ari we wenyene afise Umunara, kandi kenshi waba wandikishije iminwe. Narabajije umukurambere yitwa Genadi Gudadze ko tutoza turisohorera ibinyamakuru.

Ico gihe, abavukanyi basohora ibinyamakuru bikeyi bakoresheje akamashini bihinguriye gakoporora igisomwa. Kugira hame haboneka ibinyamakuru, bari bakeneye akamashini gakora neza gusumba, umuntu azi kwandikisha imashini, imashini yo kwandika, no kwama baronka impapuro za karubone. Ariko rero, ibikoresho vyose, mbere n’impapuro, vyategerezwa gusansumwa na leta kandi bigakurikiranwa n’urwego rudasanzwe rw’umutekano.

Hari umuntu tuzinanye yampaye imashini yo kwandika ayikuye mu mashini zitagikoreshwa kandi zitagicungerwa na leta. Mwene wacu yari azi kwandikisha imashini kandi yaremeye kudufasha. Abavukanyi barikoreye akandi kamashini, barabona n’ahantu bari kugurira impapuro za karubone. Vyose vyarikoze, kandi bidatevye twarasohoye Umunara w’Inderetsi wa mbere w’ikijeworojiya.

Ariko haradutse iyindi ngorane. Umusi umwe, Genadi yambwiye ati: “Ni ukurondera ahandi hantu tugurira impapuro.” Yari yabonye amakarato y’izo mpapuro mu biro bimwe vya leta mugabo ntiyazigura kuko abategetsi bamugumizako ijisho. None twari kuzironka gute? Naguma mvuga nti: “Kuzironka ntibishoboka!” Genadi yaciye ambwira ati: “Ntusubire kuvuga ngo ‘ntibishoboka.’ ‘Ku Mana vyose birashoboka’!”​—Mat. 19:26.

Bukeye, naragiye kuri ivyo biro, ngenda ndibaza uko biza kugenda. Yehova yaranyoboye ku mukozi waho w’umutima mwiza, aremera gushikana ikibazo canje ku muyobozi w’ivyo biro. Uwo muyobozi yari umugabo wiwe! Budakeye na kabiri, nari nsigaye ngurira impapuro kuri ivyo biro, kandi kuva ico gihe ntitwasubiye kubura ibikoresho.

Natela Grigoriadis ariko arasoma Umunara w’Inderetsi
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika