ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 18
  • Nimumarane umwanya uhagije ata kibaciramwo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimumarane umwanya uhagije ata kibaciramwo
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki hari abubakanye batagishikirana naho boba bamara umwanya bari kumwe?
  • Ivyo mwokora
  • Ivyo mwoganirako
  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku mubano wanyu?
    Be maso!—2021
  • Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako
    Icofasha umuryango
  • Twokwirinda gute kwahukana mu busaza?
    Icofasha umuryango
  • Ingene twokwiyemeza ko utwuma two mu buhinga bwa none tutatwaye ikibanza gihambaye mu buzima bwacu
    Icofasha umuryango
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 18
Umugabo n’umugore barahimbawe no gutegurira hamwe ibifungurwa.

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO W’ABUBATSE

Nimumarane umwanya uhagije ata kibaciramwo

Abagabo n’abagore benshi basanga batakiyaga n’igihe nyene boba bari kumwe. None biva ku ki?

  • Kubera iki hari abubakanye batagishikirana naho boba bamara umwanya bari kumwe?

  • Ivyo mwokora

  • Ivyo abubatse bavuga

  • Ivyo mwoganirako

Kubera iki hari abubakanye batagishikirana naho boba bamara umwanya bari kumwe?

  • Uburuhe

    «Igihe twipfuza kumarana umwanya, hari aho usanga umwe muri twebwe arushe. Iyo numva ndushe, usanga nihutira gushavuzwa n’akantu ako ari ko kose. Rero duca duhitamwo kwirabira televiziyo.»​—Anna.

  • Gusamazwa n’ubuhinga bwa none

    «Imbuga hwaniro hamwe n’ibindi bintu vyo kwisamaza usanga ku mihora birashobora kugutwara umwanya. Urashobora kumara amasaha menshi uri kuri iyo mihora ku buryo utaronka umwanya wo kuvugana n’uwo mwubakanye. Muba mumeze nk’abatari mu nzu imwe.»​—Katherine.

  • Igihe mudakunda bimwe

    «Umugabo wanje avuye ku kazi, akenshi amara umwanya munini ariko arakora ibintu yikundira. Ndatahura ko akeneye umwanya wo kuba ari wenyene ndavye ukuntu akora cane. Ariko noshima ko tumarana umwanya wiyongereye.»​—Jane.

  • Akazi

    «Ubuhinga bwa none butuma tuguma dukora akazi naho tuba twatashe muhira turi kumwe n’abo mu muryango. Akenshi, nsanga ndiko ndishura ubutumwa bujanye n’ivy’akazi n’igihe mbere mba ndi kumwe n’umugore wanje.»​—Mark.

Ivyo mwokora

  • Nubone ko kumarana umwanya n’uwo mwubakanye ari igisabwa, ko atari ikintu mwokora gusa rimwe na rimwe vyitayemwo.

    Ico Bibiliya ivuga: «[Murabe] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.»​—Abafilipi 1:10.

    Zirikana kuri iki kintu: Ivyo ukora vyoba vyerekana ko ubona yuko urugo rwanyu ari rwo ruhambaye kuruta akazi n’ivyo mwikundira? Woba uhengera igihe ata co ufise ukora akaba ari ho witwararika uwo mwubakanye?

    Impanuro: Ntumarane umwanya n’uwo mwubakanye kubera gusa vyitayemwo. Ahubwo nimutegekanye umwanya wo kubigira aho ata bisamaza biba bihari.

    «Ndaryoherwa igihe umugabo wanje ategekanije akanya tuza kumarana turi babiri. Bituma numva ko ankunda kandi ko yipfuza ko tumarana umwanya. Bica bituma nanje ndushiriza kumukunda.»​—Anna.

  • Numenye umwanya ubereye wo gukoresha utwuma twanyu two mu buhinga bwa none.

    Ico Bibiliya ivuga: «Ikintu cose kirafise umwanya waco.»​—Umusiguzi 3:1.

    Zirikana kuri iki kintu: Ni kangahe kwishura amamesaje yo muri telefone bikubuza kwitwararika canke gutega yompi uwo mwubakanye?

    Impanuro: Nimugerageze gusangirira hamwe ibifungurwa n’imiburiburi rimwe ku musi kandi telefone zanyu muzishire kure yanyu. Umwanya wo gufungura ni akaryo keza ko kuyaga ingene umusi wagenze.

  • Igihe bishoboka, nimukorere hamwe udukorwa two muhira.

    Ico Bibiliya ivuga: «Babiri baruta umwe kuko baronka impembo nziza ku bw’igikorwa cabo kitoroshe.»​—Umusiguzi 4:9, akajambo k’epfo.

    Zirikana kuri iki kintu: Ni kangahe umwe wese muri mwebwe yijana gusuma?

    Impanuro: Nimukorere hamwe ibikorwa mwongere mufashanye. Nimubigenze ukwo nyene no mu bikorwa umuntu umwe yokwikorana.

    «Nimubone ko gusuma, kwoza ivyombo, kuzinga impuzu no kugira isuku hanze ari akaryo ko kumarana umwanya aho kubibona nk’ibikorwa vyo mu rugo gusa.»​—Nina.

  • Umwe wese ntiyitege ibirenze ku wundi

    Ico Bibiliya ivuga: «Bose nibabone ko muri abantu batadadaza.»​—Abafilipi 4:5.

    Zirikana kuri iki kintu: Wokwerekana gute ko utitega ibirenze ku wo mwubakanye?

    Impanuro: Nimuyage kugira umwe wese atahure ivyo mugenziwe akeneye. Nimuhitemwo ukuntu mwempi mwokoresha umwanya ku buryo umwe wese yumva ko ahimbawe.

    «Umugabo wanje nta ngorane z’amagara afise, ariko jewe mfise amagara make. Akenshi ndasaba umugabo wanje ko yoja kwisamaza nanje ngasigara muhira nduhutse. Jewe mba nkeneye kuruhuka na we aba akeneye kugira siporo. Twempi turamererwa neza kubera ko umwe wese aba yakoze ivyo ashaka.»​—Daniela.

    Ivyo abubatse bavuga

    Jamin na Kendra.

    «Gusangirira hamwe ibifungurwa bituma abubakanye bayaga ku bintu bihambaye canke mbere bitwenza. Bituma umugabo n’umugore baguma ari abagenzi aho kuba nk’abantu babana mu nzu imwe.»​—Jamin n’umugore wiwe Kendra.

    Monica na Shawn.

    «None ko ubwirizwa gufungura, kubera iki mutosangira? Bimwe mu bintu vyiza nibuka nkiri muhira ni igihe twaba turi ku meza turiko turasangira n’abavyeyi. Ubu maze kwubaka urwanje, gusangirira hamwe n’umugabo wanje bituma tumarana ibihe vyiza tutazokwibagira.»​—Monica n’umugabo wiwe Shawn.

Ivyo mwoganirako

Umwe wese muri mwebwe nabanze azirikane ari wenyene ku bibazo bikurikira. Mu nyuma, nimuce muganirira hamwe uko mwavyishuye.

  • Woba wibaza ko wewe n’uwo mwubakanye mumarana umwanya uhagije?

  • Ni utwigoro utuhe uwo mwubakanye agira kugira mumarane umwanya woshima kumukezako?

  • Ni ibiki woshima ko uwo mwubakanye aryohora?

  • Ni kangahe ubuhinga bwa none bukubuza gutega yompi uwo mwubakanye iyo ariko arakuvugisha?

  • Ni gute umwe wese muri mwebwe yokwirinda kwitega ibirenze ku wo bubakanye?

  • Ni ibiki umwe wese muri mwebwe yohindura muri iyi ndwi kugira mumarane umwanya uhagije ata kibasamaza?

Isubiramwo: Numarane umwanya uhagije n’uwo mwubakanye

  • Nubone ko kumarana umwanya n’uwo mwubakanye ari igisabwa, ko atari ikintu mwokora gusa rimwe na rimwe vyitayemwo.

  • Numenye umwanya ubereye wo gukoresha utwuma twanyu two mu buhinga bwa none.

  • Igihe bishoboka, nimukorere hamwe udukorwa two muhira.

  • Umwe wese ntiyitege ibirenze ku wundi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika