ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 21
  • Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye
  • Ivyo mwoganirako
  • Nushimire uwo mwubakanye
    Be maso!—2017
  • Iyo habaye ukutumvikana mu bubakanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • 3 Kwubahana
    Be maso!—2018
  • Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako
    Icofasha umuryango
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 21
Umugabo ashavuye yicaye wenyene igihe umugore wiwe ariko aratera inkuru n’abandi aryohewe cane.

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye

  • Ukunda gukora ibintu utabiteguye, uwo mwubakanye na we ashima ko vyose bikorwa ku rutonde.

  • Uri umuntu yihoreye kandi avuga make, uwo mwubakanye na we ni umuntu ayaga cane kandi akunda kwifatanya n’abandi.

Ukuntu uwo mwubakanye yimereye vyoba bikubabaza? Kwibanda ku tunenge twiwe birashobora kubangamira umubano wanyu. Nkako, Bibiliya ivuga ko “uwuguma avugavuga ikintu aba ariko atandukanya abasanganywe.”​—Imigani 17:9.

Aho kureka ngo utunenge tw’uwo mwubakanye dutume mudahuza, nugerageze kutubona mu buryo bwiza.

Muri iki kiganiro uraza kubona:

  • Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye

  • Ivyo abubakanye bavuga

  • Ivyo mwoganirako

Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye

Utunenge uwo mwubakanye yoba afise turashobora kuba dufitaniye isano na kamere nziza umukundira. Rimbura uburorero butatu:

“Akenshi umugabo wanje arikwega mu gukora ibintu canke igihe yitegurira kuja ahantu. Ariko ukwo kuntu yimereye bituma aba umuntu yihangana, kandi na jewe akanyihanganira. Rimwe na rimwe ukwo kuntu ameze birambabaza, ariko kandi kiri mu vyo ndamukundira.”​—Chelsea.

“Umugore wanje yitegurira ibintu imbere y’igihe. Aba ashaka ko ibintu vyose bikorwa ku rutonde nk’uko avyipfuza, kandi ivyo hari igihe bimbabaza. Ku rundi ruhande, kuba yitwararika mbere n’utuntu dutoduto, bituma ibintu vyose abitegura neza.”​—Christopher.

“Umugabo wanje umengo ntiyitaho ibintu, kandi ivyo ntibindyohera. Ariko kandi, ukwo kuntu yikorera ibintu atekanye ni kimwe mu bintu vyatumye ntangura kumukunda. Ndashima ukuntu aguma atekanye no mu bintu bitesha umutwe.”​—Danielle.

Nk’uko Chelsea, Christopher, na Danielle bahavuye babitahura, akenshi utunenge tw’uwo mwubakanye tuba dufitaniye isano na kamere nziza afise. Igihe rero vyifashe gutyo, kwibanda kuri ako kanenge uwo mwubakanye afise vyoshobora gutuma utabona kamere nziza ziwe, nka kurya nyene iyo igiceri cubitse udashobora kubona uruhande rwaco ruraba hasi.

Ni ivy’ukuri yuko hari utunenge tudafitaniye isano na kamere nziza. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga yuko hari abantu “[ba]kaza ishavu.” (Imigani 29:22) Muri ico gihe, abantu nk’abo bakwiye kwihatira rwose kwikuramwo “umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana.”a​—Abanyefeso 4:31.

Mugabo igihe ari utunenge dusanzwe wewe udakunda, nuce ukurikiza impanuro Bibiliya itanga igira iti: “Mubandanye kwihanganirana . . . iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.”​—Abakolosayi 3:13.

Vyongeye, nugerageze kubona mu buryo bwiza akanenge uwo mwubakanye afise, nk’akarorero ukabonemwo kamere ishobora kuba yaratumye utangura kumukunda. Umugabo umwe yitwa Joseph yavuze ati: “Kwibanda ku tunenge tw’uwo mwubakanye bimeze nko kwihutira kubona uruhande rwa diyama rufise akanenge, ariko ukirengagiza ukuntu yakaka.”

Ivyo abubakanye bavuga

Derrick na Haley.

“Igihe cose bishitse hakaba ukudahuza hagati yacu kubera akanenge k’umwe muri twebwe, turagerageza guca twiyumvira ingene ukwo kuntu umwe wese muri twebwe yimereye bishobora gufasha mu bindi biringo.”​—Derrick n’umukenyezi wiwe Haley.

Mikiah na Curtis.

“Turashobora kwirengagiza akanenge uwo twubakanye afise igihe twibutse ko ukwo kuntu yimereye biri mu vyatumye tumukunda.”​—Mikiah n’umugabo wiwe Curtis.

Ivyo mwoganirako

Ubwa mbere, umwe wese yokwihweza bino bibazo ari wenyene. Mu nyuma, mwoca muganirira hamwe inyishu zavyo.

  • Uwo mwubakanye yoba afise akanenge gatuma mudahuza mu mubano wanyu? Nimba agafise, ni akahe?

  • Ako kanenge koba vy’ukuri ari ingeso mbi canke ni uko gusa bitakuryohera?

  • Hoba hari kamere afise ifitaniye isano n’ako kanenge? Nimba ayifise, kubera iki uyiha agaciro?

a Raba ibiganiro bivuga ngo “Ingene wocungera ishavu,” “Ingene mwokwirinda amajambo ababaza,” hamwe n’ikivuga ngo “Ingene mworeka gushwana.”

Incamake: Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye

Nugumize ibi vyiyumviro ku muzirikanyi:

  • Kwibanda ku tunenge tw’uwo mwubakanye birashobora kubangamira umubano wanyu.

  • Utunenge uwo mwubakanye yoba afise turashobora kuba dufitaniye isano na kamere nziza yatumye utangura kumukunda.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika