ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 22
  • Niwigishe abana bawe kuba abantu bakenguruka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigishe abana bawe kuba abantu bakenguruka
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu wokwigisha abana bawe gukenguruka
  • ‘Nukenguruke muri vyose’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Gushima
    Be maso!—2016
  • Ni kuki dukwiye kugaragaza ko dukenguruka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nugaragaze ko ukenguruka
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 22
Agakobwa kariko karamwenyura, gafise mu ntoke agakete ko gukenguruka.

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Niwigishe abana bawe kuba abantu bakenguruka

Ubushakashatsi bwagizwe, bwerekana ko abantu bakenguruka usanga ari abantu bahimbawe, bafise amagara meza, bazi kuvyifatamwo neza mu ngorane kandi bagiranira n’abandi ubugenzi buramba. Umushakashatsi yitwa Robert A. Emmons avuga ko gukenguruka “bituma umuntu atagira inyiyumvo zomugirira nabi, nko kugira ishari, kubika inzika, kugira umwina no gukaza ishavu.”a

Iyo abana bakenguruka bibagirira akamaro gute? Mu myaka ine, haragizwe amatohoza ku bakiri bato 700. Abafise akamenyero ko gukenguruka muri bo ni gake vyashika bagatirisha, bakanywa ibiyayuramutwe n’inzoga canke bakigenza nabi.

  • Ingeso yo kubona ko ufitiye uburenganzira ivyo uronka ituma udakenguruka. Abana benshi babona ko bafitiye uburenganzira ibintu vyiza baronka. Igihe ubona ko ibintu vyiza uronka uba ubifitiye uburenganzira, aho kubibona nk’ingabire, birashobora gutuma udakenguruka.

    Kandi iyo ngeso iriraye muri iki gihe. Inabibondo umwe yitwa Katherine avuga ati: “Iyi si yigisha abantu ko bafise uburenganzira bwo kuronka ivyo bipfuza vyose. Biciye ku bimenyeshamakuru, televiziyo na internet, iyi si iratwereka amafoto y’ibintu bitandukanye, igaca ivuga ko dufise uburenganzira bwo kuronka ivyo bintu vyose kandi ko dukwiye kuba aba mbere mu kubironka.”

  • Abana barashobora kwiga kuba abantu bakenguruka kuva bakiri bato. Inabibondo umwe yitwa Kaye avuga ati: “Abana barigishwa. Kubigisha ingeso nziza bimeze nko gushigikira igiterwa kugira gikure kigororotse.”

Ukuntu wokwigisha abana bawe gukenguruka

  • Nubigishe amajambo bokoresha. N’abana batoyi barashobora kwiga kuvuga urakoze igihe umuntu abagabiye akantu canke abakoreye ikintu ciza. Uko bakura, bazogenda bararushiriza kuba abantu bakenguruka ibintu vyiza abandi babagirira.

    Inabibondo afashe agakobwa kiwe, ako gakobwa kakaba kariko karakira agapupe bakagabiye. Bompi biboneka ko bakengurutse iyo ngabire.

    Ico Bibiliya ivuga: “Mwerekane ko mushima.”​—Abakolosayi 3:15.

    “Umwuzukuru wacu w’imyaka itatu aribwiriza kuvuga ati ‘Urakoze.’ Kandi igihe cose asavye ikintu, ntategeka. Ivyo yavyigishijwe n’abavyeyi biwe. Ukuntu bigenza hamwe n’ukuntu bakengurukira abandi vyaramwigishije kuba umwana akenguruka.”​—Jeffrey.

  • Nubigishe ivyo bokora. Ubona gute wigishije abana bawe kwandika agakete ko gukenguruka hagize umuntu abagabira akantu? Vyongeye, niwaha abana bawe ibikorwa vyo muhira, uzoba ubafashije gutahura akigoro bisaba kugira muhira hagume hasa neza.

    Abavyeyi bariko barigisha abana babo kwandika udukete two gukenguruka.

    Ico Bibiliya ivuga: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyakozwe 20:35.

    “Abana bacu babiri b’imiyabaga baradufasha gutegekanya ivyo dufungura, guteka no gukora ibikorwa vyo muhira. Ivyo birabafasha gutahura ibikorwa twebwe abavyeyi dukora, kandi bakabikenguruka.”​—Beverly.

  • Nubigishe ukuntu bokwigenza. Ugukenguruka twokugereranya n’igiterwa. Ivu ryiza gikuriyemwo na ryo tukarigereranya n’ukwicisha bugufi. Abantu bicisha bugufi baratahura ko bakeneye uwubafasha mu vyo bakeneye vyose, kandi ivyo bituma bakengurukira abandi igihe babashigikiye.

    Sebibondo ariko arereka abahungu biwe babiri ingene bakora ikinga yapfuye.

    Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyumvir[e] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta; umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:3, 4.

    “Rimwe na rimwe hari agakino duhora dukina turiko turafungura. Umwe wese arigana ikintu akenguruka. Ivyo bituma twese tubona ibintu mu buryo bwiza kandi tugakenguruka aho kugira ivyiyumviro bibi birimwo ubwikunzi.”​—Tamara.

Impanuro: Nutange akarorero. Abana bazorushiriza kuba abantu bakenguruka igihe nawe bahora bakwumva ubakengurukira kandi ugakengurukira abandi.

a Vyakuwe mu gitabu Thanks! How Practicing Gratitude Can Make You Happier.

Ivyo abavyeyi bavuga

Jeffrey na Karen.

“Jewe n’umugore wanje turigisha abana bacu kwandika udukete two gukenguruka. Ivyo birabafasha kwibuka ko atari ngombwa yuko abandi babaha ingabire canke babakorere ibintu. Birabereye ko abantu batanga bashimirwa kubera ubuntu bagaragariza abandi.”​—Jeffrey n’umukenyezi wiwe Karen.

Susan na Christopher.

“Igihe twigisha abana gusabana urupfasoni no kuvuga urakoze igihe cose bishoboka, bizokworoha ko tubafasha kugira akamenyero ko gukenguruka n’igihe bazoba baramaze gukura.”​—Susan n’umugabo wiwe Christopher.

Incamake: Niwigishe abana bawe kuba abantu bakenguruka

  • Nubigishe amajambo bokoresha. N’abana batoyi barashobora kwiga kuvuga urakoze igihe umuntu abakoreye ikintu ciza.

  • Nubigishe ivyo bokora. Niwereke abana bawe ingene bandika udukete two gukenguruka igihe hari uwubahaye ingabire. Gukora ibikorwa vyo muhira bizobafasha gutahura utwigoro umuntu agira kugira muhira hagume hasa neza.

  • Nubigishe ukuntu bokwigenza. Ukwicisha bugufi kuzofasha abana bawe gutahura ko ibintu vyose babishikako kubera abandi baba babafashije, kandi bazokenguruka ingene abandi babashigikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika