ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 32
  • Igihe umwana wawe ashaka kwiyahura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe umwana wawe ashaka kwiyahura
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki abavyeyi bakwiye kwitwararika kumenya nimba umwana wabo yiyumvira ivyo kwiyahura?
  • Womenya gute nimba umwana wawe afise ivyiyumviro vyo kwiyahura?
  • Wokora iki nka hamwe umwana wawe yoba yiyumvira ivyo kwiyahura?
  • Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu
    Be maso!—2015
  • Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Inyongera ibibazo abavyeyi bibaza
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 32
Umwigeme yicaye hasi asa n’uwihebuye.

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Igihe umwana wawe ashaka kwiyahura

Mu myaka ya vuba, igitigiri c’imiyabaga ifise ivyiyumviro vyo kwiyahura carongerekanye cane mu bihugu bimwebimwe. Kubera iki vyifashe ukwo? Umwana wawe yoba afise mwene ivyo vyiyumviro?

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

  • Ni kubera iki abavyeyi bakwiye kwitwararika kumenya nimba umwana wabo yiyumvira ivyo kwiyahura?

  • Womenya gute nimba umwana wawe afise ivyiyumviro vyo kwiyahura?

  • Wokora iki nka hamwe umwana wawe yoba yiyumvira ivyo kwiyahura?

Ni kubera iki abavyeyi bakwiye kwitwararika kumenya nimba umwana wabo yiyumvira ivyo kwiyahura?

Kuva mu 2009 gushika mu 2019, igitigiri c’abanyeshure bafise ibimenyetso vy’akabonge biga mu mashure yisumbuye yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, carongerekanye gushika ku bice 40 kw’ijana. Muri ico kiringo nyene, igitigiri c’abiyahura carongerekanye.a

«Muri iki gihe, abakiri bato barafise ingorane zidasanzwe . . . Izo ngorane zarononye cane amagara yabo yo mu mutwe.»​—Vyavuzwe na Vivek H. Murthy, umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Amerika.

Ico Bibiliya ivuga: «Umutima ukubititse wumisha amagufa.»​—Imigani 17:22.

Womenya gute nimba umwana wawe afise ivyiyumviro vyo kwiyahura?

Raba ibintu bikurikira:

  • Ibintu vyamushikiye. Umukobwab wawe yoba yarababajwe n’ivyamushikiye? Nk’akarorero, hoba hari abagenzi bamuhevye, yoba yarahemukiwe n’uwo bakundana, hoba hari ikintu kitagenze neza nk’uko abishaka, canke yoba aheruka kubura umuntu akunda? Nimba ibintu nk’ivyo vyaramushikiye, vyoba vyaramubabaje cane kuruta uko uvyibaza?

  • Ingene yigenza. Umukobwa wawe yoba yararetse kwifatanya n’abagenzi biwe canke incuti? Yoba yarahevye ibintu yahora akunda?

  • Ivyo avuga. Vyoba bishika umukobwa wawe akavuga ibijanye no gupfa, nk’akarorero ukaza wumva avuze ngo: «Nopfuma nipfira»? Yoba ahora avuga ko adashaka kubabera umuzigo?

    Ni ivy’ukuri ko hari amajambo amwamwe yoba avuga atabanje kwiyumvira. (Yobu 6:3) Ariko, hari ibindi bintu yovuga kikaba ari ikimenyamenya c’uko yipfuza gufashwa. Ku bw’ivyo, ntukigere wirengagiza ikintu na kimwe umukobwa wawe yovuga kijanye n’uko yipfuza gupfa.

Nugerageze iki kintu: Nuyage n’umwana wawe. Numubaze udomako uti: «Woba umaze kwiyumvira kwiyahura?» Ntazoca yiyumvira kwiyahura ngo ni uko umubajije ico kibazo.

Nimba umukobwa wawe akubwiye ko amaze kwiyumvira kwiyahura, nuce umubaza uti: «Utegekanya kubigira ryari kandi ushaka kuzokoresha iki mu kwiyahura?» Inyishu azoguha, izogufasha kumenya ico ukwiye gukora mu maguru masha.

«Twebwe abavyeyi birashika tugatinya kubaza ibibazo abana bacu kubera ko dutinya inyishu bashobora kuduha. Ariko, nimba ivyo batubwira bihuye koko n’ingene biyumva, wumva none tutari dukwiye kubimenya?»​—Vyavuzwe na Sandra.

Ico Bibiliya ivuga: «Inama yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, arik’umuntu w’umunyabgenge arayivoma.»​—Imigani 20:5, Bibiliya Yera.

Wokora iki nka hamwe umwana wawe yoba yiyumvira ivyo kwiyahura?

  • Nurondere kumenya ingene umwana wawe yiyumva. Ubwa mbere, numushimire kuba yakubwije ukuri. Nuce umubwira uti: «Nipfuza gutahura ibintu bimaze imisi bigushikira. Wombwira ingene vyagenze?» Canke uti: «Nsigurira ingene uhora wiyumva.»

    Inabibondo ariko araremesha umukobwa wiwe yihebuye.

    Niwumvirize witonze ivyo akubwira. Niwirinde gukoresha amajambo yerekana ko utitayeho ukuntu yiyumva, kandi ntiwihutire kumubwira umuti w’iyo ngorane.

    Ico Bibiliya ivuga: “Nutebuke kwumva, utebe kuvuga, utebe kuraka.”​—Yakobo 1:19.

  • Nutegekanye ingene ugiye kumukingira. Nufashe umwana wawe gutahura ibi bikurikira hanyuma ace avyandika:

    Ibintu bituma yiyumvira kwiyahura. Ni ibiki aba ariko arakora canke aba ariko ariyumvira, bigatuma ashaka kwiyahura?

    Ivyofasha. Ni ibintu ibihe akunda gukora bimufasha kugabanya amaganya, bigatuma adasubira kugira ivyiyumviro bibi?

    Abantu bomufasha. Umwana wawe yoba afise abantu yokwitura igihe akeneye uwomufasha? Mu bomufasha, hari aho yoba wewe, uwundi muntu akuze mwizigira, umuganga yanonosoye ibijanye n’ingorane zo mu mutwe, canke ikigo citwararika gufasha abantu bashaka kwiyahura.

    Abavyeyi bariko bumviriza bitonze umukobwa wabo ariko arababwira uko yiyumva.

    Nimutegekanye ingene muzomukingira

    Agafoto k’itara.

    Impanuro: Nushire kure ikintu cose umwana wawe ashaka gukoresha mu kwiyahura, harimwo imiti.

    Ico Bibiliya ivuga: «Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.»​—Imigani 21:5.

  • Nugume umukurikiranira hafi. Numube hafi mbere n’igihe asa n’uwahevye ivyo kwiyahura.

    «Igihe umuhungu wanje yambwira ko ataciyumvira ivyo kwiyahura, nibwiye ko iyo ngorane yaheze. Ariko nari nihenze cane. Umuntu arashobora gushikirwa n’ingorane bukwi na bukwi agaca asubira kandi kwiyumvira ivyo kwiyahura, kandi ivyo biba mu mwanya muto.»​—Vyavuzwe na Daniel.

    Inabibondo ariko ararabira umukobwa wiwe mu kiyo kiri mu muduga. Uwo mukobwa arijiriwe mu maso.

    Nufashe umwana wawe kumenya iki kintu gihambaye: Izo nyiyumvo afise ntazozamana. Igitabu kimwe (The Whole-Brain Child) kivuga giti: «Inyiyumvo zihinduka nka kurya ikirere kigenda kirahindagurika. Igihe imvura iriko iragwa, vyoba ari ubujuju nka hamwe umuntu yogenda kuyitega yibwira ngo nta mvura ihari. Ariko kandi, kwiyumvira ko izuba ritazosubira kwaka, na vyo nyene bwoba ari ubujuju.»

  • Numukure amazinda: Nubwire umukobwa wawe ko umukunda kandi ko igihe cose yoba akeneye ko umufasha, yokwitura. Urashobora no kumubwira uti: «Nzokora uko nshoboye kwose kugira ndagufashe muri ibi bihe bitoroshe uriko uracamwo.»

    Ico Bibiliya ivuga: «Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.»​—Imigani 17:17.

a Benshi mu bantu barwaye akabonge ntibiyahura. Naho ari ukwo, abantu benshi biyahuye wasanga bari barwaye akabonge ico gihe biyahura.

b Naho muri iki kiganiro havugwamwo canecane abana b’abakobwa, impanuro zirimwo zirashobora no gufasha abana b’abahungu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika