NUGUME URI MASO!
Kubera iki ivya politike bituma abantu badahuza? Bibiliya ibivugako iki?
Hirya no hino kw’isi, abantu ntibahuza kubera ivya politike. Hari itohoza ryagizwe mu 2022 n’ikigo kimwe (Pew Research Center). Muri ryo, ibice 65 kw’ijana vy’abantu bo mu bihugu 19 vyagizweko itohoza, bavuga ko hari ukudahuza canke mbere ukutumvikana kudasanzwe hagati y’abantu bashigikiye imigambwe itandukanye.”
Aho ubaye, woba ubona ko ivya politike birushiriza gutuma abantu badahuza? Kubera iki bimeze ukwo? Vyoba bizoteba bigatorerwa umuti? Nurabe ivyo Bibiliya ivuga.
Inyifato zituma abantu badahuza
Bibiliya yari yaravuze ko muri iki gihe, icitwa kandi “imisi ya nyuma,” abantu benshi bogaragaje inyifato zituma kwunga ubumwe bidashoboka.
“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, . . . badashaka kwumvikana na gato.”—2 Timoteyo 3:1-3.
Naho abantu benshi bagira utwigoro tuvuye ku mutima ngo intwaro zikore neza, nta co bivamwo. Abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye babona ko bigoye canke mbere ko bidashoboka gukorera hamwe kugira ngo batorere umuti ingorane. Ibivamwo biremeza ko ivyo Bibiliya yari yaravuze imbere y’igihe ari ukuri.
“Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”—Umusiguzi 8:9.
Naho ari ukwo, Bibiliya iravuga ukuntu bizotorerwa umuti. Ivuga ko hari intwaro iyobowe n’umuntu ashoboye gukuraho ingorane zishikira abantu.
Umutegetsi abishoboye yitwararika abantu
Bibiliya irerekana umutegetsi umwe abishoboye, na we akaba ari Yezu Kristu. Arafise ububasha, ubukuru n’icipfuzo co kuzanira abantu ubumwe n’amahoro.
“Mu misi yiwe umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi.”—Zaburi 72:7.
“Amahanga yose azomukorera.”—Zaburi 72:11.
Yezu ni umutegetsi abishoboye kubera ko yitwararika abantu kandi akaba ashaka kubafasha, na canecane barya barenganywa.
“Kuko azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”—Zaburi 72:12-14.
Numenye n’ibindi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana, ikaba ari intwaro yo mw’ijuru iyobowe na Yezu. Nurabe ukuntu iyo ntwaro ishobora kukugirira akamaro be n’ukuntu woyishigikira.
Nurabe ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?
Nusome ikiganiro kivuga ngo “Ubwami bw’Imana—Intwaro iterekwa igiturire.”